IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Indwi ya 14 yo mu mwaka : ku wa gatanu (Années paires)

Indwi ya 14 yo mu mwaka : ku wa gatanu (Années paires)

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


IGISOMWA CA MBERE 

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ozeya (14, 2-10)

Ng’iri iriyazwe n’Umukama:
Israyeli we, garuka ku Mukama, Imana yawe, kuko waguye mu rudubi kubera ibicumuro vyawe. Gira amajambo y’ukumuzamba mu kuri, uheze ugaruke ku Mukama. Umubwire uti: «Nkurako ivyaha vyanje, akira iciza. Mu gishingo c’ibimasa, tuzogushikanira ishikanwa ry’ibisabisho vyacu. Ashuri ntiyoshobora kudukiza, ntituzosubira kugendera ku mafarasi, ntituzosubira kubarira ivyakozwe n’intoke zacu, tuti: Muri imana zacu, kuko kuri Wewe ari ho impfuvyi ibonera imbabazi.»
Nzobakiza ubuhemu bwabo, nzobakunda urukundo rw’igishika, ishavu ryanje riraheze rwose.
Israyeli nzoyibera nk’urume, na yo azoshurika nk’amashurwe y’amalisi, ishinge imizi nk’ibiti vy’i Libani. Amashami yayo azosagarara, ubuninahazwa bwayo bumere nk’ubw’igiti c’umuzeti, akamotera kayo na ko kamere nk’akamotera k’i Libani. Bazogaruka kuruhukira mu gitutu cayo, basubire kubiba ingano.  Bazoshurika nk’imizabibu babe rurangiranwa nk’umuvinyu wo muri Libani.
Efurayimu, izovuga iti: «Ibigirwamana ndacabironderako iki?» Mbona ari Jewe ndayumviriza, nkayihangaza. Jeho, meze nk’igiti c’isederi gitotahaye, akaba ari jewe ndayiha kwama ivyamwa vyinshi. Ni nde azi ubwenge bwo gutegera ivyo vyose, ni nde afise ubukerebutsi bwo kubizirikana? Erega na none, inzira z’Umukama ziragororotse, abantu b’intungane barazigenderamwo, abanyakibi na bo barahaca bakahasiga agahanga.

IZABURI 50 (51) 3-4, 9-10, 12-13, 14.17

Icit.: Nzoshemeza ubuninahazwa bwawe!

Ngirira ikigongwe, se Mana yanje, kubera ubuntu bwawe,
ku bw’ikigongwe cawe kidakama nzimanganiriza akabi nakoze.
Nyuhagira umwanda wose mfise,
uheze uhanagure ibicumuro vyanje vyose.

Ntyorora nsigare nsa n’irirenga,
nyuhagira nsigare nsumvya inyange kwera.
Nsubiza agahogo k’ikinezero c’umusi mukuru,
igufa wari wavunaguye rivyine ritarike.

Mukama, nshiramwo umushaha w’indanga,
ugushaka kwanje na kwo ukuremeshe kwame kukwihambiriyeko.
Ntunshibure ngo nkuve mu maso,
ntera iteka riho ungumizemwo ubwiza bwawe.

Ndaba ryiza nka kera mpimbawe,
kandi ndokoza ugushaka gutegêra, sinzokwiyonkore.
Mukama mfatanura umunwa,
mbashe gushemeza ubuninahazwa bwawe.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Nimwazigama ijambo ry’ubuzima,
muzoba isôko ry’umuco wakaka kw’isi.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (10, 16-23)

Muri irya misi, Yezu yabariye abatumwa biwe Icumi na babiri ati: «Ndabatumye nk’intama mu mfyisi; muritegereze nk’inzoka, muce bugufi nk’inuma.
Yamara mwame mwibanga abantu, kuko bazobakwegera mu manza, bakabakubitira mu masinagoga yabo. Bazobajana imbere y’abatware n’imbere y’abami muhorwa jewe, muja kunyemera imbere yabo n’imbere y’abanyamahanga. Yamara umusi babakweze, ntimwiganyire mwibaza ico muza kuvuga; ico muza kuvuga muzoca mukironka ako kanya nyene; kuko atari mwebwe muzovuga, ari Mutima wa So wanyu azobavugiramwo.
Umuvandimwe azotanga mwenewabo ngo bamwice, umuvyeyi atange umwana, abana bagararize abavyeyi babo babicishe; muzokwankwa na benshi, ari izina ryanje abahora. Yamara uwutazotirigana gushika apfe, ni we azokira.
Umusi babatujije muri iki gisagara, murahungire mu kindi. Ndababariye ni ivy’ukuri, Umwana w’umuntu azoshika mutarakwira ibisagara vy’Israyeli.


Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :