Uwo kwibuka
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere ry’Umutumwa Yohani (4, 7-16)
Bakunzi banje, nimukundane,
kuko urukundo ruva ku Mana.
Kandi uwukundana wese yavyawe n’Imana,
kandi arazi Imana.
Uwudakundana ntiyamenye Imana,
kuko Imana ari Rukundo.
Ng’iki icamenyesheje urukundo rw’Imana muri twebwe:
ni uko Imana yarungitse Umwana wayo w’ikinege kw’isi,
kugira ngo tube bazima ku bwiwe.
Ng’iki ikigira urukundo:
ni uko atari twebwe twakunze Imana,
ariko ni uko ari yo yadukunze
ikarungika Umwana wayo kuba iciru ku bicumuro vyacu.
Bakunzi banje,
Ko Imana yadukunze ityo,
natwe turategerezwa gukundana.
Nta wigeze yihweza Imana;
ariko dukundanye, Imana iratugumamwo,
n’urukundo rwayo rukaba rurangukiye muri twebwe.
Ng’iki ikitumenyesha
yuko tuguma muri Yo, na Yo ikatugumamwo:
ni uko yaduhaye kuri Mutima wayo.
Natwe twarihweje kandi turemeza
yuko Data yarungitse Umwana wiwe,
kuba Umukiza w’isi.
Uwo wese yemera yuko Yezu ari we Mwana w’Imana,
Imana iramugumamwo, na we akaguma mu Mana.
Natwe, twaramenye kandi twaremeye
urukundo Imana idufitiye, rukaba muri twebwe.
Imana ni yo Rukundo:
uwuguma mu rukundo aguma mu Mana,
na yo Imana ikamugumamwo.
IZABURI 33 (34) 2-3, 4-5, 6-7, 8-9, 10-11
Icit. : Umvirize, murabe,
ingene Umukama ari mwiza.
Nzoninahaza Umukama na ntaryo,
nzomuhaya ntahengeshanya.
Nanje nyene nzoninahazwa n’Umukama,
abantu batobato nibumve bahimbarwe.
Mushire hamwe dushemeze Umukama,
duhwanire guhaya izina ryiwe!
Nirukira Umukama akantabara,
akamara ubwoba bwose mfise.
Bane uweza amaso Umukama arahimbarwa,
ntazokwigera ateterwa.
Hari umurushwa yatabaje Imana,
iramwumvira imukiza amaganya yose.
Umumarayika w’Umukama
yama iruhande y’abasavyi biwe, akabakingira.
Umvirize murabe ingene Umukama ari mwiza;
hahiriwe uwumuhungirako.
Nimwubahe Umukama, se mwa ntore ziwe;
uwumwubaha nta co akena.
Hari aho abatunzi bakena bagasonza;
uwirukira Umukama nta ciza abura.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati: «Jewe ndi umuco w’isi,
uwunkurikira ntazogendera mu mwijima, azoronka riho umuco w’ubuzima.»
aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (11, 19-27)
Abayuda benshi bari baje kuraba Marita na Mariya ngo babahoze kubera urupfu rwa musaza wabo. Aho Marita yumviye ko Yezu ashitse, yaciye aja kumusanganira; Mariya na we asigara mu nzu yicaye.
Marita rero abwira Yezu ati: «Mukama, iyo uba ngaha, musazanje ntiyari gupfa. Yamara rero n’ubu ndazi ko ico uza gusaba Imana cose ikiguha.» Yezu aramwishura ati: «Musazawe azozuka.»
Marita aramwishura ati: «Ego ndabizi ko azozuka mw’izuka ry”umusi w’imperuka.» Yezu aramwishura ati: «Jewe ndi izuka n’ubuzima, uwunyemeye wese n’aho yoba yapfuye, azoba muzima. Vyongeye, umuntu wese abahó ku bwanje, akongera akanyemera, ntazokwigera apfa. Uremeye ivyo?» Amwishura ati: «Ego Mukama, ndemeye ko uri Kristu, Umwana w’Imana, umwe ategerezwa kuza kw’isi.»
Canke:
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (10, 38-42)
Umusi umwe, Yezu yari ku nzira, ari kumwe n’abigishwa biwe; hanyuma yinjira mu muhana, umugore yitwa Marita aramutumira iwe. Na ho hari murumunawe yitwa Mariya, yicara iruhande ya Yezu, yumviriza amajambo yiwe. Marita arakora yitwararika ivy’inzimano; arahagarara ati: «Mukama, ntubona ko mwenewacu andeka ngo nkore jenyene? Mubwirize aze amfashe.» Umukama aramwishura ati: «Marita, Marita, uriko urigora kandi wiruka muri vyinshi. Ikintu kigoye ni kimwe rudende: Mariya yatoye ikiruta ibindi, nta wuzokimukurako.»