IMANA NI NZIZA

Accueil » 2016 » août

Archives Mensuelles: août 2016

Indwi ya 22 yo mu mwaka : ku wa kabiri (Années paires)

IGISOMWA CA MBERE 

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (2, 10b-16)

Ncuti zanje,
Mutima Mweranda ategera vyose n’ibinyegezwa vy’Imana nyene. Mu bantu ni nde yomenya ibiri mu muntu, atari umutima w’umuntu uri muri we? Ni ko k’uko, n’ibiri mu Mana nta wubimenya atari Mutima w’Imana. Tweho, ntitwaronse umutima w’iyi si, twaronse Mutima ava ku Mana, kugira ngo tumenye ivyo Imana yatugabiye. Na vyo nyene mu kubibiganira, ntitubibiganira n’amajambo twigishijwe n’ubwenge bw’abantu, ariko tubibiganira n’amajambo twigishijwe na Mutima, tugasigura ivya Mutima n’amajambo ya Mutima nyene. Umuntu agarukira ku kamere yiwe y’umuntu ntiyakira ivya Mutima w’Imana; kuri we, ni ubujuju, kandi ntashobora kubimenya, kuko bisobanuka kubera Mutima. Umuntu abonesherezwa na Mutima we asobanura vyose, kandi na we nyene nta wumusobanurira. None, handitswe ngo: «Ni nde yigeze kumenya ivyiyumviro vy’Umukama ngo amwigishe?» Tweho, dufise ivyiyumviro vy’Umukama!

IZABURI 144 (145) 8-9, 10-11, 12-13b, 13-14

Icit.:  Umukama ni urukundo
          mu bikorwa vyiwe vyose.

Umukama ni Nyenimpuhwe n’ikigongwe,
ntakaza ishavu, akomeza urukundo;
Umukama agirira ineza bose,
Agirira imbabazi ivyo yaremye vyose.

Ivyo waremye, Mukama, nibigushemeze.
abakunzi bawe nibaguhezagire!
Nibayage ubuninahazwa bw’ubwami bwawe,
nibigane hose ubutwari bwawe!

Kugira ngo bamenyeshe abantu ibitangaza wakoze,
n’ubuninahazwa buhimbaye bw’ubwami bwawe:
ubwami bwawe ni ubwami bw’intahava,
ingoma yawe izohangama imyaka n’imyaka.

Umukama ni imvugakuri mu majambo yiwe,
ni urukundo mu bikorwa vyiwe vyose;
araramira abashaka kugwa bose,
akagorora abagoramye bose.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Uwunkunda azozigama ijambo ryanje;
na Data azomukunda, duheze tuze iwe,
tumugire ingoro yacu.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (4, 31-37)

Muri irya misi, Yezu aramanuka i Kafaranawumi, igisagara c’i Bugalile, agirako arahigishiriza ku musi w’isabato. Abantu rero batangazwa butangare n’ivyo yigisha, kuko yagibisba nk’umuntu ari n’ubukuru.
Hagasangwa mw’isinagoga hari umuntu yiziziwe n’umutima w’ishetani ihumanye. Nya shetani irahogora cane iti: «Mbega dupfa iki, ga Yezu w’i Nazareti? Ubwo wazanywe n’ukutumara? Erega ndakuzi: uri Umweranda w’Imana. Yezu arayikankamira ati: «Numa kandi va muri uyo muntu!» Nya shetani ica imutura hasi hagati mu bantu, imuvamwo ata co imugize. Bose rero bahinda agashitsi, bituma mbere bavugana bati: «Ha! Ijambo riri aho! Arabwiriza n’ubukuru n’ububasha imitima ihumanye, igaca isohoka!»
Kandi inkuru yiwe ica ikwira muri nya ntara yose.

Ku wa 24 Myandagaro : Barutolomeyo mweranda, Umutumwa

Umusi mukuru

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ivyahishuriwe Yohani (21, 9b-14)

Jewe Yohani, mbona umumarayika ambwira ati: «Ngw’ino nkwereke Umugeni, ari we mugeni w’Umwagazi.» Araheza aranjana, mu vyiyumviro, ku musozi munini kandi muremure, anyereka igisagara ceranda Yeruzalemu kimanuka kiva mw’ijuru ku Mana, kirimwo ubuninahazwa bw’Imana. Ubusayangane bwaco bwasa n’ubw’ibuye ry’akabuyenge ry’igiciro ntangere.nk’akabuyenge gaca ibibatsi kitwa iyasipi. Cari gifise urugo runini kandi rurerure, inzugi icumi na zibiri n’iruhande y’izo nzugi hakaba Abamarayika icumi na babiri, n’amazina yanditsweko ari yo mazina y’imiryango icumi n’ibiri y’Abanyisrayeli: mu buseruko inzugi zitatu, mu buraruko inzugi zitatu, mu bumanuko inzugi zitatu no mu burengero inzugi zitatu nyene. Urugo rw’igisagara rwari rufise amashimikiro icumi n’abiri, kuri yo handitswe amazina icumi n’abiri y’abatumwa b’Umwagazi.

IZABURI 144 (145) 10-11, 12-13ab, 17-18

Icit.: Abakunzi bawe nibaririmbire ubuninahazwa bw’ubwami bwawe.

Ivyo waremye, Mukama, nibigushemeze,
abakunzi bawe nibaguhezagire!
Nibayage ubuninahazwa bw’ubwami bwawe,
nibigane hose ubutwari bwawe!

Kugira ngo bamenyeshe abantu ibitangaza wakoze
n’ubuninahazwa buhimbaye bw’ubwami bwawe,
ubwami bwawe ni ubwami bw’intahava,
ingoma yawe izohangama imyaka n’imayaka!

Umukama aratunganye mu vyiyumviro vyiwe vyose,
ni urukundo mu bikorwa vyiwe vyose,
ntiyikumira abamwitura,
yama hafi y’abamusaba mu kuri.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Rabbi, uri Umwana w’Imana,
uri Umwami w’Israyeli!

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (1, 43-51)

Muri irya misi, Yezu yashatse kuja mu Bugalile; ahura na Filipo, amubwira ati: «Nkurikira!» Filipo yaturuka i Betsayida, igisagara ca Petero na Andreya.
Filipo ahura na Natanayeli, amubwira ati: «Umwe Musa yanditse mu mategeko kandi yanditswe n’abahanuzi, twamubonye! Ni Yezu, mwene Yozefu, w’i Nazareti.» Natanaeli na we aramwishura ati: «Hari iciza cova i Nazareti?» Filipo aramwishura ati: «Ingo, wirabire!» Yezu abona Natanayeli aje amugana, amubwira ati: «Ng’uyu umunyisrayeli w’ukuri, azira ikinyoma.» Natanayeli aramubwira ati: «Wamenyeye hehe?» Yezu aramubwira ati: «Hamwe Filipo atari bwaguhamagare, aho wari munsi y’umutenahi, nakubona.» Natanayeli aramwishura ati: «Mwigisha, uri Umwana w’Imana, uri Umwami w’Israyeli!» Yezu aramwishura ati: «Wemejwe n’uko nkubwiye nti: Nakubonye munsi y’umutenahi! Hinge, uzobona ibiruta ivyo.»  Arongera amubwira ati: «Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: muzobona ijuru ryuguruye n’abamarayika b’Imana burira bongera bamanuka aho Umwana w’umuntu ari.»

%d blogueurs aiment cette page :