IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Indwi ya 18 yo mu mwaka : ku wa kabiri (Années paires)

Indwi ya 18 yo mu mwaka : ku wa kabiri (Années paires)

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


lGlSOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya (30, 1-2.12-15.18-22)

Ng’aya amajambo Umukama yabariye Yeremiya:
«Umukama, Imana y’Israyeli, yavuze ati:
Andika mu gitabu amajambo yose nakubariye.

Israyeli we, uruguma rwawe rwagusesereje,
igisebe cawe ni intakira.
Nta wokuvurira igisebe cawe,
nta n’imiti yo kukuvura.
Abahora bakwikundira barakwibagiye bose,
ntibakikubabaye no mu kantu na gatoyi.
Erega, naguteye nk’uko umwansi ahora atera,
naguhanye bwa ruburakigongwe,
kubera ibicumuro vyawe vy’akaziri,
kubera ivyaha vyawe vy’umurengera.
Igituma wiganyira kubera igisebe cawe ni iki?
Igituma ububabare bwawe butavurika ni iki?
Igicumuro cawe c’akaziri, ivyaha vyawe vy’umurengera,
ni vyo vyantumye ngutera ako kabi kose.

Ariko, ndi mu gusanura insago za Yakobo,
nterwa imbabazi n’amazu yiwe:
igisagara kizosubira kwubakwa hejuru y’umusaka waco,
ingoro izosanurwa mu kibanza cayo.
Niho bazoshemeza Imana,
bakavuza impundu mu kanyamuneza.
Nzobagwiza, ndeke kubagabanya;
nzobaninahaza, ndeke kubatetereza.
Abahungu biwe bazoragama nka kera,
ikoraniro ryiwe rizorama imbere yanje,
nzohana abamuhahaza bose.

Uwumugaba azova mu nda yiwe,
umwami wiwe azokwamuka kuri we.
Nzomwiyegereza, na we azonyegera;
nka ko, ni nde mu bantu yokwubahuka kunyegera?
– Ni iewe Umukama mbivumereye.-
Muzoba igihugu canje,
nanje nzoba Imana yanyu.»

IZABURI 101 (102) 16-18, 19-21, 29.22-23

Icit.: Igihe Imana izokoranya igihugu cayo,
         ubuninahazwa bwayo buzokwibonekeza.

Ibihugu vyose bizotinya izina ry’Umukama,
abami bo kw’isi bubahe inganji yiwe,
igihe Umukama azosubirira kwubaka Siyoni,
igihe bazomubonera mu nganji yiwe,
igihe azokwumviriza igisabisho c’abarushwa,
ntanegure ico bamusavye.

Bazohava bandikire batyo urwaruka rw’imyaka izoza,
kandi igihugu gishasha kininahaze Imana giti:
«Umukama yarakebutse arunama araba isi,
ari mw’ijuru no mu gisagara ciwe;
ngo abashe gutega amatwi amaganya y’imbohe,
kandi arokore abagana urupfu.

Abana b’abasuku bawe bazohangara,
uruvyaro rwabo ruzohangama imbere yawe.
Nibakwize muri Siyoni izina ry’Umukama,
muri Yeruzalemu hayagwe ininahazwa ryiwe,
aho ibihugu n’intara bizoteranira
ngo bitere impundu Umukama.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Nyigisha gutegera ico ushaka, Mukama,
nzoheza nzirikane ibitangaza wakoze.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (14, 22-36)

Amaze kugwiza imikate ngo agaburire abantu, buno nyene ,Yezu aca ategeka abigishwa biwe ngo baje mu bwato bamutange ku nkombe yo kahurya, na we asigare arasezera abantu. Ahejeje kubasezera, yidugira ku musozi ahiherereye ngo asenge, bugorobeza ari yo akiri wenyene.
Ubwato bwari bumaze gushika hagati mu kiyaga buzungagizwa n’ibisebuzi; umuyaga waturuka imbere yabo. Buri muu guca, aza iyo bari, agendera ku mazi. Abigishwa babonye agendera ku mazi, barakangwa bavuga bati: «Ni umuzimu!»; ubwoba burabatekera, bakoma induru. Buno nyene Yezu ababwira ati: «Humure, ni jewe, ntimugire ubwoba.» Petero iramwishura ati: «Niyaba ari wewe, mbwiriza ngusange hiyo ngendera ku mazi.» Yezu ati: «Ingo.» Petero ava mu bwato, agendera ku mazi aja iyo Yezu ari. Abonye umuyaga uhuhuta cane, agira ubwoba. Ngo yumve atanguye kunyika, avuza induru, ati: «Ntabara Mukama!» Buno nyene, Yezu aca aramyura ukuboko, aramufata amubwira ati: «Muntu utagira ukwemera, icatumye ukeka ni iki?»
Bamaze gushika mu bwato, umuyaga uca urahera. Abari mu bwato baca baramusenga bavuga bati: «Ni ukuri, uri Umwana w’Imana!»
Bajabutse ikiyaga, bashika mu gihugu ca Genezareti. Abantu baho bamumenye barungika intumwa mu mihingo yose, bamuzanira abarwaye. Bamusaba ngo bapfe gukora ku buyonga bw’impuzu yiwe; ababukoze bose bagaca bakira.

Mu mwaka «A», nibaba basomye iyi Nkuru nziza ku wa mbere, ku wa kabiri basoma iyi Nkuru nziza  ikurikira:

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Imana yaduhaye ubuzima mw’ijambo ryayo ry’ukuri,
kugira ngo tube imfura mu biremwa vyayo vyose.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (15, 1 -2.10-14)

Muri irya misi, abigisha n’Abafarizayo bavuye i Yeruzalemu begera Yezu, bati: «Ni kuki abigishwa bawe barenga iragi ry’abakera? Nka ko, barya umukate badakaravye.»
Ahamagaye ishengero, Yezu aribwira ati: «Tege amatwi, mwumve. Ikija mu kanwa si co gihumanya umuntu; ariko ikiva mu kanwa ni co kimuhumanya.» Abigishwa bamwegereye bamwubwira bati: «Urazi ko rya jambo wavuga ryateye umutima mubi Abafarizayo?» Abishura ati: «Imbuto yose idatewe na Data wo mw’ijuru izorandurwa. Bareke: ni impumyi zirōngôra impumyi! Impumyi igiye irereka inzira iyindi, zikorokera mu mugazo.»


Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :