IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeli (2, 8-3, 4)
Umukama ambwira ati: «Weho, mwana w’umuntu, ntega amatwi iryo nkubwira; ntube ikigaba nk’ubwo bwoko bw’ibigaba. Asama, maze ico nguha ukirye.» Nanje ndaraba, mbona ariko araramvura ukuboko ampereza umuzingo w’igitabu. Arakinzingururira imbere; kandi cari canditsweko imbere n’inyuma indirimbo z’intimba, amaborogo n’iminihiro.
Araheza ambwira ati: «Mwana w’umuntu, n’ubanze urye iki gitabu, uheze ugende gushikiriza ijambo umuryango w’Israyeli.» Ndasama rero, na we angaburira ico gitabu avuga ati: «Mwana w’umuntu, hembuka, uhage mu kurya iki gitabu nguhaye.» Ni uko rero ndakirya, mu kanwa kikansosera nk’ubuki.
Araheza ambwira ati: «Mwana w’umuntu, va hasi, n’ugende ushikirize umuryango w’Israyeli amajambo yanje.»
IZABURI 118 (119) 14.24, 72.103, 111.131
Icit.: Ese ukuntu amajambo yawe
ansosera mu kanwa.
Amategeko yawe, Mukama, arampimbara
kuruta amaronko yose.
Amategeko yawe ni yo gahimbare kanje,
amabwirizwa yawe ni yo mpanuro mfise.
Ijambo riva mu kanwa kawe rindutira
amafeza n’inzahabu ibihumbi n’ibindi.
Ese ukuntu amajambo yawe ansosera mu kanwa,
arusha ubuki gusosa mu kanwa kanje.
Amategeko yawe ni yo ntoranwa yanje,
ni yo gahimbare k’umutima wanje.
Nasamitse akanwa, ndahuzagizwa,
kuko nipfuza amabwirizwa yawe.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Ijambo rya Kristu niribashike ku nyota
Ku bwa Kristu, nimukengurukire Imana Umuvyeyi wacu.
Aleluya.
Ivyo du soma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (18, 1-5.10.12-14)
Muri irya misi, abigishwa begereye Yezu bamubarira bati: «Umukuru mu Bwami bw’ijuru ni nde?» Yezu yakuye akana agashira hagati yabo ati: «Ndababwiye, ni ivy’ukuri: mudahindutse ngo mube nk’abana batoyi, ntimuzokwinjira mu Bwami bw’ijuru. Uwuzokwicisha bugufi akamera nk’aka kana, ni we asumba abandi mu Bwami bw’ijuru. Uwufata neza ku bwanje akana nk’aka, ni jewe aba afashe neza. Murazi umuziro, ntihagire na kamwe mukengera muri utu twana, kuko, ndabibabariye, abamarayika babo bama imbere ya Data wo mw’ijuru bamwihweza.
Mbwire namwe: nk’umuntu afise intama ijana, imwe muri zo igatakara, ntaca arekera ku musozi zimwe mirongo icenda n’icenda akaja kurondera iyatakaye? Agize imana akayitora, ni ivy’ukuri ndababariye, izomutera akanyamuneza karuta zimwe mirongo icenda n’icenda zitari zatakaye. Uko ni ko bidakundwa na So wanyu wo mw’ijuru, ko kamwe muri utwo twana gatakara.»