IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeli (18, 1-10.13b.30-32)
Ijambo ry’Umukama nararishikirijwe, ambwira ati: «Muhora mucira iki uyu mugani mu gihugu c’Israyeli, ngo: Ba se bariye imizabibu y’ibitumbwe, amenyo y’abana aba ari yo ajigurwa? Ndabarahiye ubuzima bwanje, —ni ijambo ry’Umukama Mana, —ntimube mugica uyu mugani muri Israyeli. Ehe, ubuzima bwose ni ubwanje, ari ubwa se w’umwana ari ubw’umwana. Umuntu acumuye ni we azopfa.
Umuntu w’intungane, akora amabwirizwa n’ubutungane, ntarire ku misozi, ntiyerekeze amaso ku bigirwamana vy’umuryango w’Israyeli, ntakoze akabi umugore wa mugenziwe, ntiyegere uwiwe mu gihe bidakwiye, ntagire uwo agora, agasubiza ingwati y’icagirizi c’uko aheraniwe, ntazimbe, akagaburira uwushonje, agasagiriza impuzu uwuri gusa, ntagurane yaka inyungu, ntafate inyungu, uwuziza ukuboko kwiwe ikidatunganye, agakurikiza ubutungane bw’ukuri hagati y’umuntu n’uwundi, agakurikiza amabwirizwa n’amategeko yanje azira uburyarya, uwo muntu ni intungane y’ukuri: uko ni ko Umukama avumereye.
Ariko, uwavyaye umwana ari umwambuzi, akaba n’umwicanyi, hakagira ico akora muri ben’ivyo, uyo mwana ntashobora kubaho, ategerezwa gupfa kandi ni we azobazwa amaraso yiwe.
Kukaba nka ko, —Umukama ni we arivuze, — nzobacira urubanza, nzocira umwe umwe urukwiranye n’ivyo azoba yarakoze. Nimugaruke, muhebe ibicumuro vyanyu vyose, kugira ngo ntihagire muri mwebwe icobatsitaza ngo mugwe mu kabi. Nimute kure ibicumuro vyanyu vyose, mwironkere umutima mushasha n’ubwenge bushasha. Mbega, mwebwe muryango w’Israyeli, igituma mushaka gupfa n’iki? Erega, nta n’umwe nshakira urupfu: none rero, nimwigarure, mubone kubaho.»
Iryo ni ijambo Umukama avumereye.
IZABURI 50 (51) 12-13, 14-15, 18-19
Icit.: Duhe, Mukama, umutima mushasha.
Mukama, nshiramwo umushaha w’indanga,
ugushaka kwanje na kwo ukuremeshe kwame kukwihambiriyeko.
Ntunshibure ngo nkuve mu maso,
ntera iteka riho ungumizemwo ubwiza bwawe.
Ndaba ryiza nka kera mpimbarwe,
kandi ndokoza ugushaka gutegera, sinzokwiyonkore.
Ababi nzobigisha ivyo ushaka,
abacumuye baheze bakugarukire.
Imperezwa nari kuguhereza ntuzibabaye,
imbagwa nari kuguhako iciru ntiwozishima.
Imperezwa igushika ku nyota ni umutima wigaye;
umutima wigaye kandi waduhiwe n’ibicumuro nakoze,
ntuzowushiburira kure, Mana yanje.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya
Uragahezagirwa, Mana Data, Mukama w’ijuru n’isi,
kuko wamenyesheje abatobato ibitangaza vy’Ubwami bwawe.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (19, 13-15)
Muri irya misi, bahereza Yezu abana batobato ngo abubikeko ibiganza abasabire, abigishwa na bo barabatukagura. Yezu na we ati: «Reke aba bana, ntaco mubabuza kunyegera, kuko Ubwami bw’ijuru ari ubw’abasa na bo.»
Ahejeje kububikako ibiganza aragenda.