Umusi mukuru cane
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c’Ukwibutsa Ivyabaye (15, 3-4. 15-16 ; 16, 1-2)
Binjiza isandugu ry’Imana, barishira hagati y’ihema Dawudi yari yararishingiye
Dawudi amaze kwimikwa, yakoranije Abanyisrayeli bose i Yeruzalemu kugira ngo baje kudugana isandugu ry’Umukama, barishire mu kibanza bariteguriye. Dawudi arakoranya abuzukuruza ba Aroni ari bo baherezankuka, be n’abuzukuruza ba Levi. Bashitseyo, Abalevi barerura iryo sandugu ry’Imana, bashira iminiho yaryo ku bitugu, nk’uko Musa yari yabitegetse, bivuye kw’ijambo ry’Umukama. Maze, Dawudi abarira abakuru b’Abalevi gutora abaririmvyi mu b’iwabo, ngo bazane amakembe, inanga n’ingoma, babivuze baririmbana akanyamuneza. Ni uko rero, binjiza iryo sandugu ry’Imana, barishira hagati y’ihema Dawudi yari yararishingiye. Baraheza bahereza imbere y’Imana imbagwa n’inkuka z’ukuzisangirirako. Ni uko rero, amaze guhereza iyo mbagwa n’izo nkuka, Dawudi arahezagira ishengero kw’izina ry’Umukama.
IZABURI 131 (132) 9-10, 13-14
Icit: Haguruka, Mukama, uze mu buruhukiro bwawe,
Wewe ubwawe n’Isandugu ry’ububasha bwawe!
Abaherezankuka bawe nibikwize ubutungane,
nayo abantu bawe nibishongorane akanyamuneza!
ku bwa Dawudi, umusavyi wawe,
ntiwanke uwo wimitse.
Erega Umukama ni We yitoreye Siyoni,
ni ho yagomba ngo bahamwubakire ingoro:
«Aho ni ho ngiye kuvyagira imyaka yose,
ni ho nzoba kuko nahagomwe.»
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (15, 54b-57)
Imana yaduhaye intsinzi ku bwa Yezu Kristu
Ncuti zanje,
Ku musi w’imperuka, igishobora gutituka muri twebwe kizohinduka ikidatituka, icagenewe gupfa kizogabana ukuramba imyaka yose. Ni ho rya jambo ryanditswe mu Bitabu Vyeranda rizotaha ngo:
«Urupfu rwamizwe n’intsinzi.
Wa rupfu we, intsinzi yawe iri hehe?
Wa rupfu we, umugera wawe wuzuye ubumara uri hehe?»
Umugera w’urupfu ni igicumuro, igicumuro gikomezwa n’ibwirizwa. None rero, nidukengurukire Imana, Yo iduha intsinzi ku bwa Yezu Kristu Umukama wacu.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Hahiriwe abumviriza Ijambo ry’Imana, kandi bakarirangura.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (11, 27-28)
Umusi umwe,
Yezu yariko arayagira ishengero ry’abantu, hanyuma umugore ava muri nya shengero, atereza akamo hejuru ati: «Irahiriwe imbanyi y’uwakwibungenze, eka arahiriwe n’amabere wonse!» Yezu aramwishura ati: «Hahiriwe nyabuna abumviriza Ijambo ry’Imana kandi bakarirangura!»
TUZIRIKANE IRI JAMBO RY’IMANA
- Si vous voulez voir le fruit de notre méditation en français, cliquez ici.