Uwo kwibuka
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (9, 1-6)
Igihugu cahora mu mukorane,
cariboneye umuco w’agatangaza,
umuco warasiye ku bantu bo muri ico gihugu c’umukorane.
Warongereje akanyamuneza kabo,
ubasesekariza agahimbare:
none bariko barakwigina,
banezerewe nk’abariko barimbura,
bishongora nk’abagabura amatungo y’abansi.
Nkako wabaremuruye umuzigo wabasenya ibikanu,
ubuhiri bwabavuna ibitugu wabugize ubunywenywe,
ikiboko c’uwabatwaza umukazo wakivunye
nka wa munsi wirahira abansi kuri Madiyani.
Inkweto z’urugamba n’ivyambarwa vyavumbagajwe mu maraso
warabituriye umuriro urabitongora.
Nkako, umwana yatuvukiye,
twagabiwe umwana w’umuhungu;
yavukanye intahe n’inganji,
niho bamutazira ‘Muhanuzi w’agatangaza, Mana y’ingabo,
Muvyeyi yamaho, Mwami w’amahoro’.
Inganji yiwe azoyivyagiza mu mahoro y’akatabonetse
ku ntebe ya Dawudi n’ingoma yiwe,
ayishinge, ayishigikire mu ngingo n’ubutungane
kuva ubu no mu myaka yose.
Urukundo rutagabanuka rw’Imana Nyen’ingabo
ruzorangura ivyo vyose kuva ubu no mu myaka yose.
IZABURI 112 (113) 1-3, 4-6, 7-8
Icit: Izina ry’Umukama nirininahazwe
Ubu no mu myaka yose!
Bantu b’Umukama, nimuninahaze Umukama,
muninahaze izina ry’Umukama.
Izina ry’Umukama nirihezagirwe
ubu no mu myaka yose!
Kuva mu buseruko gushika no mu burengero,
izina ry’Umukama nirishemezwe!
Umukama ari hejuru y’intara zose,
ubuninahazwa bwiwe buri hejuru y’amajuru.
Mbega, uwongana n’Umukama Imana yacu yova hehe,
ko mbona yurira kuvyagira mu ngoro yiwe,
akururuka kuraba
ibiri mw’ijuru no kw’isi?
Umukama akura mu musenyi abatagira amagara,
umukene na we akamukura mu mwavu,
kugira ngo amwicarike hamwe n’abakuru,
hamwe n’abakuru b’igihugu ciwe.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Nezerwa, Bikira Mariya,
Umukama muri kumwe, warashimwe n’Imana.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (1, 26-38)
Umusi umwe,
Umumarayika Gaburiyeli yatumwe n’Imana mu gisagara c’i Bugalile citwa Nazareti ku mwigeme yari yasabwe n’umuntu yitwa Yozefu, wo mu muryango wa Dawudi; nya mwigeme na we yitwa Mariya.
Nya mumarayika arinjira amubwira ati: «Mwaramutse, wewe wuzuye inema, Umukama muri kumwe.» Mariya ngo avyumve, agwa mu gahundwe, yibaza ico iyo ndamutso ivuyeko.
Nya mumarayika yamara aramubwira ati: «Humura, Mariya, warashimwe n’Imana. Uza gusama imbanyi, uze uyivyaremwo umuhungu, uzomwita Yezu. Azoba mukuru kandi azokwitwa Umwana w’Uwo mw’ijuru. Umukama Mana azomuha ingoma ya se wiwe Dawudi; azogaba igihugu ca Yakobo imyaka yose, n’inganji yiwe ntizohera.»
Mariya na we abaza nya mumarayika ati: «Ivyo bizoshoboka bite ko ntari bumenye umugabo?» Umumarayika aramwishura ati: «Mutima Mweranda azokuzako, maze ububasha bw’Uwo mw’ijuru bugutwikire. Ni co gituma uwo uzokwibaruka azoba mweranda kandi akitwa Mwene Mana.
Mbere na Elizabeti, incuti yawe, aheruka gusama imbanyi y’umuhungu mu busaza, kandi uku kwezi kugira gatandatu, n’aho bahora bamwita ingumba, kuko atakinanira Imana.»
Mariya ati: «Jewe ndi umusavyi w’Umukama; nibimbere uko ubivuze.» Nya mumarayika aca arigira.