IMANA NI NZIZA

Accueil » Vie chrétienne » Ukuvuga Irozari mu buryo buciriye hagufi

Ukuvuga Irozari mu buryo buciriye hagufi

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Les visiteurs de ce blog seront satisfaits d’avoir trouvé  plusieurs articles qui les  aident à améliorer leurs connaissances en matière de vie spirituelle. Aussi, nous ne doutons pas qu’ils aient, eux aussi, des connaissances à partager avec nous . Qui trouvera une ou quelques erreurs est prié de nous le signaler pour nous édifier mutuellement.  Nous vous prions de faire beaucoup de commentaires à nos articles, nous en avons tellement besoin.

Bienvenue!


Tuyita Irozari iyo umuntu ayivuze akoresheje ivyibukiro vyose, guhera ku vyibukiro binezereza gushika ku vyibukiro vy’ubuninahazwa. Iyo umuntu ahisemwo gukoresha umugwi umwe w’ivyibukiro (binezereza, ivy’amagorwa, …), gutyo agasanga vyose hamwe aza kuvuga « Mwaramutse Mariya » 53 aho kugira 203, tuyita Ishapure. Kiretse ko ishapure ari igisabisho, iryo jambo rirakoreshwa kandi mu kuvuga igikoresho bakoresha mu kuvuga ico gisabisho.

Ishapure

Ishapure

Ibi twanditse ngaha, twavyanditse twisunze Igitabu c’Abakristu. Amazina amwe amwe y’ibintu canke abantu n’abamarayika, twayanditse twisunze ivyanditswe muri Bibliya.

+ Kw’izina rya Data n’irya Mwana n’irya Mutima Mweranda. Amen.

Inama y’Abatumwa

Ndemeye Imana Data Mushoboravyose, yaremye ijuru n’isi, na Yezu Kristu Umwana wiwe w’ikinege, Umukama wacu; yasamwe inda ku bwa Mutima Mweranda, avyarwa na Bikira Mariya; yababaye kuri Ponsiyo Pilato, abambwa ku musaraba; arapfa, arahambwa, agenda guhoza abantu beranda bari bapfuye; ku bugira gatatu yizura mu bapfuye; hanyuma yurira mw’ijuru, yicara iburyo bwa Mana Data Mushoboravyose; azogaruka guca urubanza rwa bose, abapfuye n’abazoba bakiriho.
Ndemeye Mutima Mweranda, n’Ekleziya Gatolika nyeranda, n’isangira ry’aberanda, n’ikigongwe abacumuye bagirirwa, n’izuka ry’abapfuye, n’ubuhirwe budahera. Amen.

Dawe wa twese uri mw’ijuru,
izina ryawe nirininahazwe,
ubwami bwawe nibukwire hose.
Ivyo ushaka nibigirwe kw’isi nko mw’ijuru.
Uduhe ivyokurya bidukwiye uyu musi,
uturekurire ibicumuro vyacu
nk’uko natwe turekurira abatugiriye nabi,
ntudutererane ibitwosha nabi,
yamara udukize akabi.
Amen.

Mwaramutse Mariya,
wuzuye inema
Umukama muri kumwe,
urahezagiwe mu bandi bagore bose,
n’umwana w’inda yawe Yezu arahezagiye.
Mariya mweranda Nyina w’Imana,
dusabire twebwe bononyi
ubu n’umusi tuzopfa.
Amen. (incuro zitatu)

Haninahazwe Mana Data na Mwana na Mutima Mweranda,
nk’uko vyamye na mbere hose, nibibeko n’ubu no mu myaka yose.
Amen.

Ewe Yezu mwiza,
dukize ibicumuro vyacu,
dukingire umuriro udahera,
shikana imitima yose mw’ijuru,
na cane cane iyikeneye ikigongwe cawe.
Amen.

I. IVYIBUKIRO BINEZEREZA (ku wa 1 no ku wa 6)

Ica mbere : Umumarayika Gaburiyeli abwira Mariya ko azovyara Umwana w’Imana.

Dusabe umutima w’ukwemera ububi dufise.

Dawe wa twese…
Mwaramutse Mariya (10)
Haninahazwe
Ewe Yezu mwiza,…

Ica kabiri: Bikira Mariya agenda kuramutsa mwenewabo Elizabeti.

Dusabe umutima w’ugukundana.

Dawe wa twese…
Mwaramutse Mariya (10)
Haninahazwe
Ewe Yezu mwiza,…

Ica gatatu: Yezu avuka.

Dusabe umutima w’ukureka kwishinga ivy’itunga tubashe kwigana Yezu yashimye ubworo.

Dawe wa twese…
Mwaramutse Mariya (10)
Haninahazwe
Ewe Yezu mwiza,…

Ica kane: Bikira Mariya aja i Yeruzalemu ngo ahezagirwe, yongere ahereze Imana Umwana wayo.

Dusabe inema y’uguhorana umutima witeguye.

Dawe wa twese…
Mwaramutse Mariya (10)
Haninahazwe
Ewe Yezu mwiza,…

Ica gatanu: Mariya na Yozefu basanga Yezu mw’isengero ry’i Yeruzalemu.

Dusabe umutima w’ugukunda Imana kuruta vyose, n’ukwubaha abatugaba bose.

Dawe wa twese…
Mwaramutse Mariya (10)
Haninahazwe
Ewe Yezu mwiza,…

II. IVYIBUKIRO VY’UMUCO (ku wa 4)

Ica mbere: Yezu abatizwa hamwe n’abacumuzi muri Yorodani.

Dusabe umutima w’ukuzigama indagano z’ibatisimu: ukuri, urukundo n’umuvukano.

Dawe wa twese…
Mwaramutse Mariya (10)
Haninahazwe
Ewe Yezu mwiza,…

Ica kabiri: Yezu aremerwa kubera ubugeni bw’i Kana mu Bugalile.

Dusabe umutima w’urukundo mu ngo z’abubatse.

Dawe wa twese…
Mwaramutse Mariya (10)
Haninahazwe
Ewe Yezu mwiza,…

Ica gatatu: Yezu ahishuka abantu ko Ubwami bw’Imana bwabatashe.

Dusabe umutima w’uguheba ibicumuro n’impengamiro yavyo ngo turonke amahoro.

Dawe wa twese…
Mwaramutse Mariya (10)
Haninahazwe
Ewe Yezu mwiza,…

Ica kane: Yezu ahishurira abatumwa ubuninahazwa bwiwe ku musozi mweranda.

Dusabe umutima w’ukwihweza na ntaryo Yezu we nkingi y’ukwemera kwacu.

Dawe wa twese…
Mwaramutse Mariya (10)
Haninahazwe
Ewe Yezu mwiza,…

Ica gatanu: Yezu agira Ukaristiya n’Ubusaserdoti.

Dusabe umutima w’ukwihebera abandi n’uw’ukwama dukenguruka.

Dawe wa twese…
Mwaramutse Mariya (10)
Haninahazwe
Ewe Yezu mwiza,…

III. IVYIBUKIRO VY’AMAGORWA (Ku wa 2 no ku wa 5)

Ica mbere: Yezu ashaka kwicwa n’irungu n’amaganya ku gasozi k’imizeti.

Dusabe umutima w’ukwigaya ngo twanke igicumuro.

Dawe wa twese…
Mwaramutse Mariya (10)
Haninahazwe
Ewe Yezu mwiza,…

Ica kabiri: Yezu arakubitwa.

Dusabe kudatinya guhana umubiri wacu, turinde n’ibitubabaza ku bw’Imana.

Dawe wa twese…
Mwaramutse Mariya (10)
Haninahazwe
Ewe Yezu mwiza,…

Ica gatatu: Yezu baramwicisha amahwa.

Dusabe ubukomezi ngo tubashe kwanka ubwishime bwose.

Dawe wa twese…
Mwaramutse Mariya (10)
Haninahazwe
Ewe Yezu mwiza,…

Ica kane: Yezu arikorera umusaraba.

Dusabe umutima w’ugushima ico Imana ishaka.

Dawe wa twese…
Mwaramutse Mariya (10)
Haninahazwe
Ewe Yezu mwiza,…

Ica gatanu: Yezu arabambwa.

Dusabe umutima w’ukwihebera Yezu, twiheka kuri Bikira Mariya.

Dawe wa twese…
Mwaramutse Mariya (10)
Haninahazwe
Ewe Yezu mwiza,…

IV. IVYIBUKIRO VY’UBUNINAHAZWA (Ku wa 3 no ku w’Imana)

Ica mbere: Yezu arazuka.

Dusabe umutima w’uguhaha dushobore kuba beranda.

Dawe wa twese…
Mwaramutse Mariya (10)
Haninahazwe
Ewe Yezu mwiza,…

Ica kabiri: Yezu arurira mw’ijuru.

Dusabe umutima w’ukwipfuza ijuru.

Dawe wa twese…
Mwaramutse Mariya (10)
Haninahazwe
Ewe Yezu mwiza,…

Ica gatatu: Mana Mutima Mweranda araza ku batumwa.

Dusabe umutima w’ukumenyesha Imana mu bantu.

Dawe wa twese…
Mwaramutse Mariya (10)
Haninahazwe
Ewe Yezu mwiza,…

Ica kane: Mariya ajanwa mw’ijuru.

Dusabe gupfa dukunda Imana.

Dawe wa twese…
Mwaramutse Mariya (10)
Haninahazwe
Ewe Yezu mwiza,…

Ica gatanu: Mariya araninahazwa mw’ijuru.

Dusabe umutima w’ugushiruka ubute mu bikorwa vyodushikana mw’ijuru.

Dawe wa twese…
Mwaramutse Mariya (10)
Haninahazwe
Ewe Yezu mwiza,…

Mu gusozera, benshi bamenyereye kuvuga igisabisho “Haninahazwe” incuro zitatu.

Turakuramutsa Mugabekazi, Nyina w’ikigongwe, wewe tugendako, wewe utunezereza, wewe twishimira. Turakuramutsa, turakuborogera, twebwe bicibwa bene Heva. Turakuganyira, twebwe twinihira, turira muri iyi si y’amarira. None rero Muvunyi wacu, n’uturabishe ya maso yawe y’ikigongwe, na Yezu, wa Mwana w’inda yawe ahezagiye, umutwereke wa musi tuzova muri ubu bucibwa, wewe munyakigongwe, wewe mwiza, wewe Bikira utekereza, Mariya.

Hariho abahora bongerako Amazina ya Bikira Mariya n’ibisabisho bijanye.

AMAZINA YA BIKIRA MARIYA

Mukama, tugirire ikigongwe.
Kristu, tugirire ikigongwe.
Mukama, tugirire ikigongwe.
Kristu, utwumve.
Kristu, udukundire.
Data wo mw’ijuru, Mana, tugirire ikigongwe.
Mwana, Mukiza w’abantu, Mana, tugirire ikigongwe.
Mutima Mweranda, Mana, tugirire ikigongwe.
Butatu Bweranda, Mana imwe, tugirire ikigongwe.

Mariya mweranda, dusabire.
Nyina mweranda w’Imana, dusabire.
Mubikira mweranda, akura ababikira bose, dusabire.
Nyina wa Kristu, dusabire.
Muvyeyi dukurako inema y’Imana, dusabire.
Muvyeyi utagira agahonzi, dusabire.
Muvyeyi mweranda rwose, dusabire.
Muvyeyi utamenye umugabo, dusabire.
Muvyeyi wavyaye udatyoye, dusabire.
Muvyeyi nyagukundwa, dusabire.
Muvyeyi w’agahimbare, dusabire.
Muvyeyi w’inama nziza, dusabire.
Nyina w’Umuremyi, dusabire.
Nyina w’Umukiza, dusabire.
Mubikira wigenza neza, dusabire.
Mubikira nyakwubahwa, dusabire.
Mubikira nyakuvugirwa, dusabire.
Mubikira utananirwa, dusabire.
Mubikira nyenikigongwe, dusabire.
Mubikira wazigamye ibanga, dusabire.
Karorero k’ubweranda, dusabire.
Ngerero y’ubukerebutsi, dusabire.
Wewe utunezereza, dusabire.
Ngoro ya Mutima Mweranda, dusabire.
Simbo ishemeye, dusabire.
Simbo imota ivy’Imana, dusabire.
Roza y’akayobera, dusabire.
Mugerero wa Dawudi, dusabire.
Mugerero usaruwe n’amasenge y’inzovu, dusabire.
Ngoro y’inzahabu, dusabire.
Shinguriro ry’Ubwuzure, dusabire.
Rembo ry’ijuru, dusabire.
Nyenyeri yo mu mutwenzi, dusabire.
Mukiza w’abamugaye, dusabire.
Bukiriro bw’abacumuye, dusabire.
Rumarantimba, dusabire.
Mutabazi w’abakristu, dusabire.
Mugabekazi w’Abamarayika, dusabire.
Mugabekazi w’Abasokuru, dusabire.
Mugabekazi w’Abahanuzi, dusabire.
Mugabekazi w’Abatumwa, dusabire.
Mugabekazi w’abishwe ku bw’Imana, dusabire.
Mugabekazi w’abemeye Imana, dusabire.
Mugabekazi w’Ababikira, dusabire.
Mugabekazi w’Aberanda bose, dusabire.
Mugabekazi utanduye igicumuro c’inyanduruko, dusabire.
Mugabekazi wurijwe mw’ijuru, dusabire.
Mugabekazi waduhaye irozari nyeranda, dusabire.
Mugabekazi w’amahoro, dusabire.

Mwagazi w’Imana, Wewe ukiza ibicumuro vy’abantu, turekurire Mukama.
Mwagazi w’Imana, Wewe ukiza ibicumuro vy’abantu, dukundire Mukama.
Mwagazi w’Imana, Wewe ukiza ibicumuro vy’abantu, tugirire ikigongwe.

Dusabire, Nyina mweranda w’Imana.

Bose: Tuberwe guhabwa ivyo Yezu Kristu yaturaganiye.

Dusabe:

Mana, Mukama wacu, turagusavye ngo uduhe, twebwe abawe, umutima umeze neza imisi yose, ukomeze n’umubiri wacu: Vyongeye, Mariya wa Muvyeyi Muhimbazwa, we yamye ari Umubikira, n’adusabire, adukize ubu irungu ryose, aturonkere n’ubuhirwe budahera. Amen.

+ Kw’izina rya Data n’irya Mwana n’irya Mutima Mweranda. Amen.


55 commentaires

  1. […] Aha tuyanditse twisunze ivyo tubona mu Gitabu c’Abakristu. Mushobora kuyasanga kandi kuri rwa rupapuro twandikako ingene bavuga Irozari. […]

    J’aime

  2. DIANE dit :

    MURAKOZE CANE

    Aimé par 1 personne

  3. Eloird Ndagijimana dit :

    Dukwiye Gusenga Vyukuri

    J’aime

  4. Dga Guy Lionel dit :

    Murakoze cane!! Umukama abahezagire….

    J’aime

  5. Mutonyi dit :

    Merci Joannes Claudius MANARIYO. Grâce à votre initiative, maintenant je récite le chapelet le plus souvent que possible.Grand merci.
    Que Notre Père vous comble de tous ses bienfaits!

    J’aime

  6. Nindorera dit :

    Umukama abongere umugisha mwarakoze caaane

    J’aime

  7. Ir Joseph dit :

    Imana ihabwe icubahiro yo yabakoreyemwo mukadusangiza iki gisabisho dukunda cane. Que Maman Marie intercède pour tout celui qui lira ça avec bonne fois! merci.

    J’aime

  8. Ir Joseph dit :

    Pati, mwodushirirako inzira y’umusaraba nayo?

    J’aime

  9. Niyonizeye Abraham dit :

    Murakoze Cane Kugikoresho Ciza Cogusenga Muduhaye! Muhezagirwe

    J’aime

  10. Sijenahagera Emile dit :

    Amen.Merci Beaucoup.

    J’aime

  11. bigirimana dit :

    Bless you!!

    J’aime

  12. Natacha dit :

    merci beaucoup. ceci m’aide à réciter mon chapelet presque tous les jours de la semaine.
    Imana ibingere imigisha .

    Est ce qu’il ya moyen d’avoir des prières.

    J’aime

  13. Ivyo Nivyiza Ntakibi Kirimwo

    J’aime

  14. Huguette dit :

    Murakoze kudufasha gusenga.

    J’aime

  15. Cynthia dit :

    Nukuri muhezagirwe.ntabwo nari nibazako google ifise mu Kirundi.Imana ihabwe Icubahiro yashoboy kubinyereka.ngiy gusaba irozari iminsi yose.
    Bizomfasha no kutibagira ikirimi cacu…
    Amen.

    J’aime

    • Joannes Claudius MANARIYO dit :

      Namwe urakoze cane ko mubishijye. Ibisabisho vyanyu biratwubaka, kandi muzobandanye musenga Imana yacu mwongera musabira ababikeneye bose. Umukama abahezagire!

      J’aime

    • Joannes Claudius MANARIYO dit :

      Mwaramutse! Dushimire Imana. Turahiriwe kandi kuko uzohora udusabira. Nako tuzosabiranira. Umusi mwiza!

      J’aime

  16. NSHIMIRIMANA dit :

    UMUKAMA ABANDANYE KUBAGIRIRA NEZA YANGERA ABAHUNDA IMIGISHA KUDUSANGIZA IKI GISABISHO C’IROZARI NYERANDA

    J’aime

  17. JEANINE dit :

    Imana Yakoze Ivyiza Murimwebwe Niyuhire .Ndahimbawe Caaane nokuronka Ibivyibukiro.Imana Ibandanye Kubahezagiza Umutima w’Ubwenge n’Ubwitonzi nkumwe yaha Salomon Mubashe Kuyikorera Neza.Muhezagigwe Caaane Umuvyeyi Bikira Mariya Nababere Mungoro Ubu Nomumyaka Yose🙌🙌🙌

    J’aime

  18. Amos Nzinahora dit :

    Irozari ninziza iyo uyivuze neze icusavye urakironka jenarabibonye murakoze kuyiturungikira kurubuga kuk udafise agatabo kabakirisu uca wifashish ngahamuhezagirwe

    J’aime

  19. desire dit :

    merci beaucoup claudius! que Dieu vous bénisse pour votre bien fait

    J’aime

  20. NZEYIMANA Marc dit :

    Amen

    J’aime

  21. NSABIMANA dit :

    Vaut tard que jamais, nakare impundu ntibungwa, ndakengurukiye cane gose uwo muntu umukama yaciyeko akadushirira ivyibukiro kuri runo rubuga. jewe vyahora bingora kuvuga ishapure cane, ariko ubu niyo umukama yabandanya ankomereza ukwemera nzoyivuga kenshi gashoboka. Umukama abandanye abagirira neza. ndabifirije n’umwaka mwiza muhire abashobora gucahano bose nacane cane Claudius.

    J’aime

    • Joannes Claudius MANARIYO dit :

      Mwaramutse.
      Urakoze cane, nawe ugire umwaka mwiza. Umukama azogukomereza ukwemera, ivyiza watanguye gukora ubikore.
      Turi kumwe mu gisabisho.

      J’aime

  22. Cynthia Nsengiyumva dit :

    Amén.Imana ni nziza .murakoze cane kuriki gisabisho.ndi muri uruguay..ndabaramukije.

    J’aime

  23. Francine Nduwimana dit :

    mugize neza muzoduhe amashemezo nayo

    J’aime

  24. Sabumukiza Frédéric dit :

    Murakoze cane. Umukama abandanye abahezagira. Noneko mwabuze iminsi n’ivyibikiro bijanye irozari bakaba babivuga vyose, umuntu akoresheje birya vyibukira mwabuze aba agize irozari? Murakoze.

    J’aime

    • Jean-Claude MANARIYO dit :

      Iyo umuntu avuze ivyibukiro vyose, guhera ku binezereza gushika ku vy’ubuninahazwa, ni ho aba avuze irozari. Iyo umuntu akoresheje ubwoko bumwe bw’ivyibukiro, nk’akarorero agakoresha ibinezereza kuko ari ku musi wa mbere, ntaba avuze irozari, aba avuze ishapure.

      J’aime

  25. Ndayishimiye Bernard dit :

    Muhezagirwe mwebwe mwigoye mukadufasha kumenya kuvuga ishapure. Nishimikije ibi mwaduhaye, ishapure ndayivuga neza. Umukama abahezagire.
    Amen

    J’aime

  26. Bernadette Sabokwigina dit :

    Yoooo nahora ndondera amazina ya Bikiramariya none ndayaronse mukirundi. Imana ibahezagire. Abararu hafi yiburundi muze muratwibuka🕊👏 . Imana abampezagirire.

    J’aime

  27. Mbazumutima dit :

    Jewe sindi umu katolika ariko nabonye umuntu yariko asoma ishapule ku kazi nca numva nogira recheche ivyerekeye. Nsanze uvyiyumviriyeko bikwiye birimwo inyigisho zituma gusoma ishapule bituma umuntu yiyumvira ku gikorwa Yesu yakoze kumusaraba. Iman’ikomeze Patiri uyu mwigisha abandanye yigisha ubwoko bw »Imana.

    J’aime

Répondre à Joannes Claudius MANARIYO Annuler la réponse.

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.