IMANA NI NZIZA

Accueil » 2016 » septembre

Archives Mensuelles: septembre 2016

Indwi ya 1 y’Ubushikiro : ku wa gatandatu

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (30, 19-21. 23-26)

Ng’iri iriyazwe n’Umukama Imana, Umweranda w’Israyeli:
Yemwe mwa bantu b’i Siyoni, muba i Yeruzalemu,
ntimuzoba mukirira.
Umukama azobagirira ikigongwe
niyabumva muriko muramwambaza,
avyumvise azoca abumvira.
Mu magorwa mubona, Umukama azobagaburira ivyokurya,
mu marushwa na ho, azobahereza ibinyobwa.
Uwubigisha ntazoba acinyegeza,
namwe muzokwibonera n’amaso yanyu Uwabigishije.
Namwe mugiye iburyo canke ibubamfu,
amatwi yanyu azokwumva ijwi ribaturutse inyuma ribabwira riti:
«Iyo ni yo nzira, n’abe ari yo mujana!»
Umukama azoshungururira imvura
ku mirima muzoba mwabivyemwo imbuto,
kugira ngo umutsima muzokuramwo
ubasosere kandi ubazanire amagara.
Kuri urya musi, ibitungwa vyanyu bizorisha ku muyange wagutse.
Inka n’indogobwe zirima zizorya ivyokurya birimwo umunyu,
vyagosojwe urutaro n’intemere.
Ku misozi ni ku mitumba miremire yose,
hazoba amasôko n’imigezi y’amazi.
Kuri wa musi w’ugutikira,
aho iminara izosidukira,
umuco w’ukwezi uzokwakaka nk’umuco w’izuba,
na wo umuco w’izuba uzorushirizaho indwi kwakaka,
– ungane n’umuco wo mu misi indwi nyene, –
aho Umukama azopfukira ibikomere vy’abantu biwe,
akavūra n’inguma baciwe.

IZABURI 146 (147) 1-2, 3-4, 5-6

Icit.: Hahiriwe uwizigiye Umukama!

Birahimbaye kuririmbira Imana yacu,
biraryoshe kumushimagiza.
Umukama ni we azokwubaka Yeruzalemu,
akoranirize hamwe abana b’Israyeli bari baganjwe.

Ni we akiza abo agatima kashegeshwe,
agakanda inguma zabo;
ni we aharura igitigiri c’inyenyeri,
imwe imwe akayita izina ryayo.

Umukama Mushoboravyose ni agahambaye,
ubwenge bwiwe ntibugira ingero.
Umukama ahagarikira abatobato,
inkozi z’ikibi na zo akazicinyiza hasi.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Semerera cane, wewe utumwe kumenyesha Inkuru nziza!
Umukama Imana, ng’uwo azananye ububasha.

Aleluya.

Ivyo du soma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (9, 35-10, 1.6-8)

Muri irya misi, Yezu yagendura ibisagara vyose n’imihana yigisha mu masinagoga, asigura Inkuru nziza y’Ubwami, yongera akiza indwara zose n’ubumuga bwose. Hanyuma abonye abantu bari barushe cane bajonjogoye, basa n’intama zitagira umwungere. Araheza abarira abigishwa biwe ati: «Ivyimburwa ni vyinshi, ariko abakozi ni bake. Sabe rero Nyenumurima, arungike abakozi benshi mu murima wiwe.»
Ahamagaye abigishwa biwe Icumi na babiri, abaha ubukuru bw’ukwirukana amashetani n’ugukiza indwara zose n’ubumuga bwose. Araheza ababwira ati: «Muratumbera intama zatakaye zo mu muryango w’Israyeli. Mu nzira, gende murigisha ko Ubwami bw’ijuru burin hafi. Murakiza abarwaye, musubize ubuzima abapfuye, mutyorore abanyamibembe, mwirukane amashetani. Mwaronse ata co mutanze, namwe nimutange ata kiguzi musavye.»

Indwi ya 1 y’Ubushikiro : ku wa gatanu

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (29, 17-24)

Ng’iri iriyazwe n’Umukama Imana:
Mbega, ntihasigaye akanya gato,
umusozi wa Libani ugahinduka itongo rimera cane,
na ryo itongo rimera rigahinduka ishamba?
Kuri urya musi, ibipfamatwi bizokwumva amajambo yo mu gitabu,
amaso y’impumyi na yo azoba yakize ivyijiji n’umwijima
ngo abone neza.
Abicisha bugufi bazosubira kunezerwa mu Mukama,
kandi n’abahora ari bakene mu bantu bazohimbarwa
mu Mweranda w’Israyeli,
kuko uwahora abatwaza umukazo atazoba akiriho,
n’inkozi z’ikibi na zo zizoba zatikiye;
nka ko nyene, ni bo bakunda kubeshera abandi,
bagahendahenda abacamanza muri sentare,
bakazibiranya abantu b’intungane n’amajambo atagira mvura.
Ni co gituma Umukama, ari We Mana y’inzu ya Yakobo
akaba ari we yacunguye Aburahamu,
yavuze ati:
«Kuva ubu, Yakobo ntazosubira kumaramara,
kandi ntazosubira kwirabuzwa umutima;
kuko bazobona ivyo nkorera hagati yabo,
bagahava baninahaza izina ryanje.
Mbere bazoninahaza Umweranda wa Yakobo,
batinye Imana y’Israyeli.
Abazimiye mu mitima yabo bazoca ubwenge,
abahora bidodomba na bo bemere kwigishwa.»

IZABURI 26 (27) 1, 4, 13-14

Icit.: Umukama ni We rumuri rwanje,
         ni We bukiriro bwanje.

Umukama ni We rumuri rwanje, ni We bukiriro bwanje,
notinya nde wundi?
Umukama ni We nkingi y’ubuzima bwanje,
ni nde yompindisha agashitsi?

Hari ikintu nsaba Umukama,
ndagicambirwa:
ni ukuba mu ngoro y’Umukama,
imisi yose y’ubugingo bwanje.

Ndavyemeye, nzobona Umukama agira neza
kuri iyi si y’abazima.
Izigire Umukama, mugumye umutima, ntimuhugumbwe,
nimwitege Umukama.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Umukama wacu, ng’uwo azananye ububasha,
kugira ngo amurikire abasavyi biwe.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu k’uko yashikirijwe na Matayo (9, 27-31)

Yezu avuye aho, akurikirwa n’abantu b’impumyi babiri bagenda barahogora bavuga bati: «Tugirire ikigongwe, Mwana sa Dawudi.» Yinjiye mu nzu, nya bantu b’impumyi bararenguka. Yezu arababaza ati: «Muremeye ko ivyo nobishobora?» Na bo bati: «Ego Mukama.» Aca abakora ku maso, avuga ati: «Ico mwemeye nimukironke.» Amaso yabo aca arabona. Yezu aca ababarira abakankamira ati: «Muramenye, ntihagire uwubimenya!» Yamara, ngo babe bagisohotse, baca baramwivuga muri ico gihugu cose.

%d blogueurs aiment cette page :