IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Indwi ya 29 yo mu mwaka : ku wa kabiri (Années paires)

Indwi ya 29 yo mu mwaka : ku wa kabiri (Années paires)

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


IGISOMWA CA MBERE 

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikijye Abanyefezi (2, 12-22)

Ncuti zanje,
Nimwibuke rero ko kera mwari mubuze Kristu, mwari ibicibwa mu maso y’umuryango w’Israyeli kandi mwari kure y’imihango basezeranye, nta mwizero kandi nta Mana mwari mufise kuri iyi si. Kera mwari kure y’Imana y’Isezerano, none mwabaye hafi kubera amaraso ya Kristu.
Koko, Kristu ni we Mahoro yacu, kuko ari we yahinduye vya bihugu bibiri — Israyeli n’abanyamahanga, – bigacika kimwe. Mu mubiri wiwe wabambwe, yarasituye rwa ruhome rwabitanya ari rwo rwanko, arahanagura imiziro n’amabwirizwa ya Musa. Igihe yashaka kubakorranya bose, ngo abazanire amahoro, areme muri we umuntu umwe mushasha. Bompi, yashaka kubuzuriza n’Imana, mu kubakoraniriza mu mubiri umwe. Ivyo yabishoboye mu guca ku musaraba; niho yiciye urwanko mu mubiri wiwe. Yaraje rero kubarangira Inkuru nziza y’amahoro mwebwe mwari kure mwe n’abari hafi. Duciye kuri we, twese niho tuzoronka inzira idushikana kwa Data muri Mutima umwe.
Kukaba nka ko, ntimukiri abanyamahanga canke ba kavantara, ariko musangiye icibare n’aberanda be n’ingoro y’Imana, kuko mwubatswe kuri rya shimikiro ry’abatumwa n’abahanuzi, ari ryo Kristu Yezu akaba n’ibuye ry’imfuruka; muri we, ni ho inyubakwa iringanirira yose kandi igakuka ikaba ingoro nyeranda mu Mukama; muri we, murubakwa ngo mucike ingoro y’Imana muri Mutima.

IZABURI 84 (85) 9ab. 10, 11-12, 13-14

Icit.: Amahoro niyo Imana
         ivumerera igihugu cayo.

Hinge numvirize ivyo Umukama agira avumere:
avumera amahoro y’igihugu ciwe;
nangwa, abamwubaha bari hafi yo gukira,
hanyuma ubuninahazwa bwiwe bube kw’isi yacu.

Urukundo n’agatima k’ibanga bigendane,
amahoro n’ubutungane bihane ikaze;
umudahemuka azokwamuka kw’isi,
intungane imanuke iva mw’ijuru.

Umukama niyadukomorera ingabirano ziwe,
isi izoca irondoka;
ubutungane buzomuja imbere,
amahoro na yo amuherekeze.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Ijambo ryawe, Mukama, riramboneshereza mu rugendo rwanje,
ni ryo rumuri rw’inzira yanje.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (12, 35-38)

Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Nimukenyere zigume kandi amatara yanyu yame yaka. Nimube nka barya barindiriye shebuja ku musi w’ubugeni, kugira ngo bamusanganire arengutse akuguruza. Ewe barahiriwe abasuku shebuja azosanga bagiteramye! Ni ivy’ukuri ndabibabwiye: azozikenyera, abavyagize ku ndava, abaheture abagaburira. Aje mu mikangura canke mu gicugu, bazoba bahiriwe asanze bakimwiteze.»


Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :