IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Indwi ya 30 yo mu mwaka : ku wa kane (Années paires)

Indwi ya 30 yo mu mwaka : ku wa kane (Années paires)

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


IGISOMWA CA MBERE 

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyefezi (6, 10-20)

Ncuti zanje,
Nimugire umutima rugabo mu Mukama no mu bukomezi bw’ububasha bwiwe. Nimwambare ibirwanisho vy’Imana, kugira ngo mushobore kurwanya imitego ya shetani, kuko tutarwanya abafise umubiri n’amaraso, turwanya riho abafise inganji n’ubutwari, abaganza iyi si y’umwijima na ya mitima yiyerereza mu kirere. Kubera ivyo, nimwakire ibirwanisho vy’Imana, kugira ngo mubashe kurinda ku musi mubi, kandi nimwaheza vyose mubashe kugumya umutima rugabo.
Nimugumye umutima rugabo rero mukenyeje ukuri, mwikwije ubutungane kandi mwambaye inkweto zibangutse, kugira ngo mukwize Inkuru nziza y’amahoro; hejuru ya vyose, nimwakire inkinzo y’ukwemera ngo mubashe kuzimya imyampi irurumba y’umubisha; nimwakire kandi inkofero y’ubukiriro n’inkota ya Mutima ari yo rya jambo ry’Imana.
Murame musenga mutakamba muri vyose, mubitumwe na Mutima: mubigirane umutima n’ubwira musabira aberanda bose, nanje nyene munsabire kugira ngo ndonke ububasha bwo gukurako umunwa mvuge, singire inkomanzi mu kumenyesha rya banga ry’Inkuru nziza mbereye intumwa ndi mu ngoyi, kugira ngo mbashe kuryigisha ata nkomanzi nk’uko ndabitegerezwa.

IZABURI 143 (144) 1, 2, 9-10

Icit.: Umukama n’ahezagirwe,
         we ntwari yanje!

Umukama n’ahezagirwe, We ntwari yanje,
We ndongozi y’ukuboko kwanje mu rugamba,
We rumuri rumurikira intoke mu nteko.

Ni we buzima bwanje n’amahungiro yanje,
ni we mirukiro yanje n’Umukiza wanje,
ni we nkinzo yanje n’uwo nizeye.

Mana yanje, nzokuririmbira ururirimbo rushasha,
ngucurarangire inanga yimirya cumi;
ni Wewe abami batsindisha,
ni Wewe ukiza umusavyi wawe Dawudi.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Kubera Inkuru nziza twashikirijwe,
Imana iduhamagarira gusangira ubuninahazwa
n’Umukama wacu Yezu Kristu.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (13, 31-35)

Kuri uyo musi nyene, haza Abafarizayo bamwe bamwe kubwira Yezu ngo: «Genda va ngaha, kuko Herodi ashaka kukwica.» Na we arabishura ati: «Gende mubwire iyo mbwebwe yuko ndiko ndirukana amashetani nkongera ngakiza mdwara, uyu musi n’ejo: na ho ku musi wa gatatu, nzoba mpejeje. Ariko rero mbwirizwa gutera riho imbere uyu musi n’ejo no ku musi ukurikira, kuko badashoboka ko umuhanuzi apfira inyuma ya Yeruzalemu.»
Yeruzalemu, Yeruzalemu, wica abahanuzi ugatera amabuye abo warungikiwe! Aho nageragereje kwegeranya abana bawe kurya inkoko yegeraniriza uduswi twayo mu mubi, ntubishake! Noneho inzu yawe izocika umusaka! Ndabikubariye, ntugisubira kumbona, gushika aho uzogira uti: Aragahezagirwa uwuje kw’izina ry’Umukama!»


Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :