IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Indwi ya 31 yo mu mwaka : ku wa gatandatu (Années paires)

Indwi ya 31 yo mu mwaka : ku wa gatandatu (Années paires)

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


IGISOMWA CA MBERE 

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyafilipi (4, 10-19)

Ncuti zanje,
Ndanezerewe cane mu Mukama, kuko ubu mwasubiriye kunyereka ivyiyumviro mumfitiye; mwahora munyiyumvira neza, ariko ntimwari bwabone uburyo bwo kubinyereka. Jewe ntibingora kwicisha bugufi canke kumererwa neza. Muri vyose na hose, narimenyereje guhaga no gusonza, kuba muri vyinshi no kuba mu bukene. Vyose ndabishobora muri Kristu ankomeza. Ariko rero, mwagize neza mu kuntabara mu marushwa yanje.
Namwe murabizi, mwa Banyafilipi: ko ngitangura kwigisha, aho nava i Masedoniya, nta yindi ekleziya yantabaye ngo ndavyandike mu gitabu c’ivyo mbafitiye n’ivyo bamfitiye, atari mwebwe nyene, ndi i Tesalonika nyene mwandungikiye ivyo nari nkeneye si rimwe ni kabiri kose. Si ukuvuga ko ndondera amashikanwa, ariko ico ndondera ni uko akunguko kanyu kokwongerekana mu gitabu. Ndafise ibinkwiye vyose, mfise n’umurengera; ndahaze mbere kuva aho Epaforodito anshikiririje ishikanwa ryanyu, ari ryo mubavu umoga neza ingorore yemewe kandi ishimwa n’Imana. Mu kubasubiriza mu nkoko, Imana yanje izobamara ubukene bwanyu bwose ku ngero y’itunga ryayo, ibahe ititangiriye itama muri Kristu Yezu.

IZABURI 111 (112) 1-2, 5-6, 8a.9

Icit.: Hahiriwe umuntu yubaha Umukama!

Hahiriwe umuntu yubaha Umukama
akorana akanyamuneza amabwirizwa yiwe;
uruvyaro rwiwe ruzoba rurangiranwa mu ntara,
umuryango w’aberanda uzohezagirwa.

Hahiriwe umuntu agira imbabazi kandi agurana abandi,
akaringaniza ivyiwe mu buryo butunganye;
ntaho azokwigera anyiganga,
umuntu w’intungane bazomwibuka imyaka n’imyaka!

Umutima wiwe ni intwari, uzira ubwoba;
ingene atabara aboro nta wovyigana,
ubutungane bwiwe buzorama imyaka n’imyaka,
ububasha bwiwe ni rurangiranwa.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Amajambo yawe, Mukama, aduha umutima n’ubuzima,
kuko ari Wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (16, 9-15)

Muri irya misi,
Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Iryo tunga ridatunganye rirondeze abagenzi, kugira ngo umusi rizoba ribavuyeko babasembereze mu nsago zidashira. Uwuzigama ibanga mu bitagoye azorizigama no mu bigoye; uwurimena mu bitagoye ntazoreka kurimena no mu bigoye. None rero, nimwaba mutazi gutunganya itunga ribi ni nde azobashinga itunga nyakuri? Nimwaba mutazi gutunganya iritari rwanyu, ni nde azobaha iryanyu bwite?
Nta wushobora gukorera ba shebuja babiri, kuko yokwanka umwe agakunda uwundi, canke yokwishimira umwe, uwundi na we akamunebagura. Niho rero mutoshobora gukorera Imana n’Ifaranga.»
Abafarizayo bakunda cane itunga, bumvise ivyo vyose, baramutwenga. Na we arababarira ati: «Mwebwe mwigira intungane imbere y’abantu, yamara Imana yo irazi imitima yanyu; kuko ibishimagizwa mu maso y’abantu bitera iseseme Imana.»


Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :