IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Indwi ya 31 yo mu mwaka : ku wa kabiri (Années paires)

Indwi ya 31 yo mu mwaka : ku wa kabiri (Années paires)

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


IGISOMWA CA MBERE 

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyafilipi (2, 5-11)

Ncuti zanje,
Igihe cose muri hamwe, muramane wa mutima na ya migambi Kristu yari afise.
N’aho yamanye kamere k’Imana, ntiyigeze yishira hejuru ngo n’uko angana n’Imana; ariko yigize ubusa, mu gusangira kamere y’abasuku, mu kwigira umuntu asa n’abandi; yigenjeje nk’umuntu asanzwe, arushirizaho mbere kwicisha bugufi, aragamburuka gushika yemere urupfu kandi urupfu rwo ku musaraba.
Ni co catumye Imana imushira hejuru ya vyose, ikamugabira Izina rirengeye amazina yose, kugira ngo kw’izina rya Yezu, bose bakubite ibipfukamiro mw’ijuru, kw’isi no mu kuzimu kw’inyenga. Kandi ururimi rwose ruyage hose ko Yezu Kristu ari Umukama, ngo Imana Se ininahazwe.

IZABURI 21 (22) 27ab, 28, 29-30b, 31-32b

Icit.: Ndagushemeza, Mukama,
         hagati y’ikoraniro.

Aboro bazorya bahage,
abarondera Umukama bazomuyaga.

Intara zose zizokwikugura Umukama zimugarukeko,
imiryango yose y’ibihugu izomupfukamira.

Abagaba isi na bo nyene bazomuptukamira,
abamanuka baja mw’ivu bazokwunama imbere yiwe.

Nanje nzomwigura, umuryango wanje uzomuyaga;
ubutungane bwiwe bazobumenyesha intara zo hanyuma.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Ijambo rya Kristu niribashike ku nyota!
Ku bwa Kristu, nimukengurukire Imana Umuvyeyi wacu.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (14, 15-24)

Muri irya misi, umwe wo mu batumire yabwiye Yezu ati: «Hahiriwe uwuzozimanwa mu Bwami bw’Imana!» Yezu na we aramwishura ati: «Habaye umuntu yari yateguye inzimano nyinshi, ayitumirira abantu benshi. Hageze gufungura, atuma umusuku kubwira abatumire ati: “Nimuze, vyose vyamaze kuringanira.” Na bo bahakanira icarimwe. Uwa mbere ngo: “Jewe naguze ubwatsi, sinogenda ntagiye kuburaba; none ntungirire umwikomo.” Uwundi ati: “Naguze ibimasa vy’ukurima cumi, none ngiye kubigerageza; none ntungirire umwikomo.” Uwundi ati: “Ndi mu nkinga; ni co kimbujije kuza.”
Nya musuku ahindukira kuvyiganira shebuja. Senaka na we bimutera umwikomo, abarira wa musuku ati: “Nyaragasa ugende ku nama no mu mayira y’igisagara, uzane aboro n’ibimuga, impumyi n’abacumbagira.” Hanyuma, aza kumubwira ati: “Muhanyi, ivyo wantumye nabigize uko wambwiye, ariko haracasigaye ibibanza.” Shebuja amusubiza ati: “Subira ugende aho hose mu mayira no mu mihora, ugobere abo muhura bose baze, kugira ngo inzu yuzure.” Nka ko nyene, ndabibabwiye: mu bari batumiwe nta n’umwe azokwumviriza inzimano yanje”.»


Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :