IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Indwi ya 34 yo mu mwaka : ku wa gatanu (Années paires)

Indwi ya 34 yo mu mwaka : ku wa gatanu (Années paires)

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


IGISOMWA CA MBERE 

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ivyahishuriwe Umutumwa Yohani (20, 1-4.11-21, 2)

Hanyuma, jewe Yohani mbona Umumarayika amanuka ava mw’ijuru, afise mu minwe urufunguruzo rw’urusumanyenzi n’umunyororo muniniya. Afata ca Gisato, ya Nzoka ya kera, ari yo Murwanizi ikaba na Shetani, arakizirika gushika imyaka igihumbi izohere, agiterera mu rusumanyenzi, ararwugara aruhomako ikimenyetso, kugira ngo ntigisubire kuzimiza intara gushika aho ya myaka igihumbi izoba irangiye. Iyo myaka iheze, kizotegerezwa kubohorwa umwanya mutoyi. Hanyuma, mbona intebe n’abazicarako ; baraheza barashikirizwa ubucamanza,
Hanyuma mbona intebe niniya yera n’uwuyivyagiyeko; isi n’ijuru yaciye bihungira kure y’inyonga ziwe, ntivyahasiga n’amakanda. Mbona kandi abapfuye, abakuru n’abato, bahagaze imbere y’iyo ntebe. Ibitabu birazingururwa n’ikindi gitabu kirazingururwa ari co ca Gitabu c’ubuzima. Abapfuye baraheza bacirirwa urubanza ku vyo bakoze, nk’uko vyari vyanditswe muri vya bitabu. Ikiyaga kirasuka abapfu bari muri co, Urupfu n’Ukuzimu birasuka abapfu bari muri vyo, umwe wese agaheza agacirwa urubanza ku vyo yakoze. Hanyuma, Urupfu n’Ukuzimu bitabwa muri ya nyenga y’umuriro; iyo nyenga y’umuriro ni yo rupfu rwa kabiri. Uwutari yanditswe muri ca Gitabu c’ubuzima na we nyene atabwa mu nyenga y’umuriro.
Hanyuma mbona ijuru nshasha n’isi nshasha, kuko ijuru rya mbere n’isi ya mbere vyari vyagiye, kandi ikiyaga nticari kikiriho. Mbona kandi igisagara ceranda, Yeruzalemu nshasha, ndakibona kiriko kirururuka kiva mw’ijuru kwa Mana; cari citoye nk’umugeni yiteguriye umunega wiwe.

IZABURI 83 (84) 3, 4, 5-6

Icit.: Ng’iyi ingoro y’Imana
         hamwe n’abantu.

Umushaha wanje warashashaye,
ushaka gucikira inyubakwa z’Umukama,
umushaha n’umubiri wanje vyigina
vyerekeye Imana nzima!

N’akanuma ari akanuma
karironkeye aho kaba;
intamba yo ironka icari
itahirizamwo uduswi twayo;
ni impimbi zawe, Mukama, Nyeningabo,
Mwami wanje, Mana mfise.

Eka bane, abibera mu ngoro yawe barahiriwe,
bo bagushimagiza urudahengeshanya;
hahiriwe abantu bakuzeyeko amagara,
bahoza ku mutima kuza iwawe.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Nimuhaguruke,
kuko ubukiriro bwanyu bwegereje.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (21, 29-33)

Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Muritegereze umutenahi n’ibindi biti vyose: iyo bitotahaye, mukuvyihweza, muca mumenya ko iremba riri hafi. Ni ko k’uko, nimwabona ivyo bishitse, muramenye ko Ubwami bw’Imana buri hafi. Ni ukuri ndabibabariye: uru rwaruka ntiruzohera ivyo vyose bitaraba. Ijuru n’isi bizozimangana, ariko amajambo yanje ntazohera.»


Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :