IMANA NI NZIZA

Accueil » 2016 » octobre

Archives Mensuelles: octobre 2016

Indwi irongora Noheli : ku wa 18 Kigarama

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya (23, 5-8)

Ng’iri iriyazwe n’Umukama:
Mu misi izoza,
nzotuma Dawudi kunaga akabuto k’ubutungane:
azoganza nk’umwami w’ukuri w’incabwenge,
azotwaza igihugu ingingo n’ubutungane.
Ku ngoma yiwe, Abayuda bazoba bakize,
Abanyisrayeli bibere mu mahoro.
Mbere ng’iri izina bazomutazira:
«Umukama ni we Butungane bwacu.»
Ni uko rero, mu misi izoza,
– nk’uko Umukama abivumera, –
Abashâtse kurahira ntibazoba bakivuga bati:
«Ndabirahiye ku bw’Umukama muzima,
We yakuye abana b’Israyeli
mu gihugu ca Misiri.»
Ariko bazovuga bati:
«We yakuye abana b’Israyeli
mu gihugu c’uburaruko,
ngo bave mu bihugu vyose bari bashwiragiyemwo,
babone kwibera mu gihugu cabo bwite.»

IZABURI 71 (72) 1-2, 12-13, 18-19

Icit.: Ng’iyi imisi yimirije kuza,
         imisi y’ubutungane n’amahoro.

Mukama, shikiriza umwami intahe yawe,
ronsa ubutungane umwana w’umwami:
maze, acire urutunganye abantu bawe,
ashingire ingingo abatobato bari iwawe.

Ni we azokiza umukene azomutabaza,
agakiza umuntu atagira uwiwe;
ni we azobabara uwugowe n’umukene,
akamukiza amaganya.

Umukama ari we Mana y’Israyeli n’ahezagirwe,
We yagize ibitangaza yiharije!
Izina ryiwe rininahaye nirihezagirwe mu myaka yose,
isi yose yuzure inganji yiwe!

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Ingo, Mwana wa Yese:
Uri ikimenyetso cashizwe imbere y’amashinga.
N’uze kuturokora, ntutebe.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (1, 18-24)

Mariya nyina wiwe yari yasabwe na Yozefu. Ariko imbere y’uko babana, yari afise inda ku bwa Mutima Mweranda. Uyo mugabo wiwe Yozefu yari umuntu w’ingingo kandi ntiyashaka kumwararaza, ni ko kwigira inama y’ukumuhebera mu mpisho. Amaze kuvyiyumvira, Umumarayika w’Umukama aramubonekera ari mu ndoto, imubwira ati: «Yozefu, mwene Dawudi, ntutinye kubana na Mariya, umugore wawe ; iyo nda afise yamutse kuri Mutima Mweranda. Azovyara umwana w’umuhungu, izina uzomwita ni Yezu, kuko ari we azokiza ibicumuro igihugu ciwe.»
Ivyo vyose vyabaye ngo ijambo ry’Umukama ryari ryavuzwe n’umuhanuzi ritahe, ngo: «Umwigeme azosama inda ayivyaremwo umuhungu; bazomwita Emanweli, ni ukuvuga: «Imana iri kumwe natwe.»
Yikanguye, Yozefu akora ico Umumarayika w’Umukama yari yamutegetse, ajana iwe umugore wiwe. Hanyuma, atamumenye, avyara umwana w’umuhungu, amwita Yezu.

Indwi irongora Noheli : ku wa 17 Kigarama

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko (49, 2.8-10)

Muri irya misi, Yakobo arahamagaza abana biwe,
ababwira ati:
«Nimukoranire hamwe,
ndabamenyeshe ibizobashikira mu misi iza kuza.
Nimukorane, mutege amatwi, mwa bana b’Israyeli mwe,
nimwumvirize so wanyu Yakobo.
Weho, Yuda, abo muvukana bazogushemeza;
ukuboko kwawe kuzoganza abansi bawe,
abana ba so wawe bazokubita ibipfukamiro imbere yawe.
Yuda ni ikibunda c’intambwe;
umwananje yaduze, avuye guhiga;
arunama, abunda nk’intambwe,
mbere nk’intambwe y’ingore:
none, ni nde azobasha kuyubura?
Ingoma ntizova kuri Yuda
kandi ubwami ntibuzova ku ruvyaro rwiwe,
gushika aho Nyenubwo bwami azozira,
umwe nyene ibihugu bizogandukira.»

IZABURI 71 (72) 1-2, 3-4b, 7-8, 17

Icit.: Ng’iyi imisi yimirije kuza,
         imisi y’ubutungane n’amahoro.

Mukama, shikiriza umwami intahe yawe,
ronsa ubutungane umwana w’umwami:
maze, acire urutunganye abantu bawe,
ashingire ingingo abatobato bari iwawe.

Ku mitumba, hazoza amahoro ku bantu,
azocira urutunganye abarushwa bo mu gihugu,
akize ibibondo vy’abakene.

Ni ho rero ubutungane buzokwiserura,
amahoro na yo akazokwamaho imyaka yose:
azotwara intara kuva ku kiyaga gushika ku kindi,
ahanuke ku Ruzi ashikane ku mpera y’isi.

Izina ryiwe rihezagirwe imyaka yose,
arakaramba nk’izuba!
Azoba umugisha w’imiryango y’isi yose,
ibihugu vyose bizomuyaga.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Ingo, Rufunguruzo rwa Dawudi:
urugurura amarembo y’Ubwami.
N’ukure mu ngoyi imbohe ziharijwe n’umwijima.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (1, 1-17)

Ng’aya amamuko ya Yezu Kristu, mwene Dawudi, mwene Aburahamu:
Aburahamu yavyaye Izahaki, Izahaki avyara Yakobo, Yakobo avyara Yuda na benewabo, Yuda avyara Peretsi na Zerahi kuri Tamari, Peretsi avyara Esromu, Hesoromu avyara Aramu, Aramu avyara Haminadabu, Haminadabu avyara Nahasoni, Nahasoni avyara Salumoni, Salumoni avyara Bowazi, Bowazi na we avyara Yobedi kuri Ruti, Yobedi avyara Yese, Yese avyara umwami Dawudi.
Dawudi avyara Salomo kuri muka Uriya, Salomo avyara Rehobowamu, Rehobowamu avyara Abiya, Abiya avyara Asa, Asa avyara Yozafati, Yozafati avyara Yehoramu, Yehoramu avyara Oziyasi, Oziyasi avyara Yotamu, Yotamu avyara Akazi, Akazi avyara Ezekiyasi, Ezekiyasi avyara Manase, Manase avyara Amoni, Amoni avyara Yoziyasi, Yoziyasi avyara Yekoniya na benewabo; muri ico gihe, ni ho batwarwako imbohe i Babiloni.
Aho babohorewe bakava i Babiloni, Yekoniya yavyaye Salatiyeli, Salatiyeli avyara Zorobabeli, Zorobabeli avyara Abiyudi, Abiyudi avyara Eliyakimu, Eliyakimu avyara Azori, Azori avyara Sadoki, Sadoki avyara Akimu, Akimu avyara Eliyudi, Eliyudi avyara Eleyazaro, Eleyazaro avyara Matani, Matani avyara Yakobo, Yakobo avyara Yozefu, umugabo wa Mariya, nyina wa Yezu yitwa Kristu.
None rero ubikuye ku ntango, kuva kuri Aburahamu gushika kuri Dawudi, rwari urwaruka rw’icumi na kane; na ho kuva kuri Dawudi gushika aho Abayuda batwarwa kuba abaja i Babiloni, urwaruka rwari urw’icumi na kane; vyongeye, kuva aho babereye abaja i Babiloni gushika kuri Kristu, urwaruka rwari urw’icumi na kane nyene.

%d blogueurs aiment cette page :