IMANA NI NZIZA

Accueil » 2017 » janvier

Archives Mensuelles: janvier 2017

Indwi ya 5 yo mu mwaka : ku wa kabiri (Années impaires)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko (1, 29-2, 4a)

Imaze kurema ibimuri hejuru kw’ijuru, Imana ivuga iti: «Amazi n’anyagaremwo isinzi ry’ibikoko bizima, inyoni na zo ziguruke hejuru y’isi mu kirere c’ijuru.» Bica biba uko, Imana iraheza irema ibiyoka binini binini vyo mu kiyaga, n’ivyo bintu vyose binyoronyomba canke binyagara mu mazi kimwe kimwe ku bwoko bwaco, n’iryo sinzi ryose ry’ibiguruka kimwe kimwe ku bwoko bwaco. Imana ibona kw’ivyo ari vyiza. Imana irabihezagira, ivuga iti: «Nimurondoke, mugwirirane, mwuzure amazi y’ibiyaga: inyoni na zo zigwire kw’isi.» Haca umugoroba, haca n’igitondo, uba umusi ugira gatanu.
Hanyuma Imana ivuga iti: «Isi n’ivyare ibikoko bizima, kimwe kimwe ku bwoko bwaco: ibikoko, udukoko dutoduto n’izindi nyamaswa, kimwe kimwe mu bwoko bwaco.» Bica biba gutyo. Imana irema inyamaswa mu bwoko bwazo, ibindi bikoko mu bwoko bwavyo, n’utundi dukoko two kw’isi mu bwoko bwatwo. Imana ibona kw’ivyo ari vyiza.
Imana iraheza ivuga iti: «Ingo tureme umuntu tumwishushanyeko, ase natwe, agabe ifi zo mu kiyaga, inyoni zo kw’ijuru, ibikoko, inyamaswa zose be n’ubwoko bwose bunyogomba hasi.» Imana iraheza irema umuntu iramwishushanya, irema uwufise agashusho k’Imana, irema umugabo n’umugore. Imana irabahezagira ibabwira iti: «Nimurondoke mugwire, mwuzure isi muteko muyigabe. Nimugabe ifi zo mu kiyaga, inyoni zo mu kirere n’ibikoko vyose vyagamba hasi.»
Imana iraheza ivuga iti: «Ndabahaye ibimera vyose vyama imbuto, bikwiye isi yose, be n’ibiti vyose bifise ivyamwa birimwo imbuto, bizobabere imfungurwa. Inyamaswa zose be n’inyoni zose zo mu kirere, ivyikwega hasi vyose kandi biri n’ubuzima, ndabigabiye ibimera vyose biri n’itoto ngo bibibere indya.» Bica biba uko. Imana ikubitiza ijisho ku vyo yari yagize, vyari vyiza cane. Haraca umugoroba, haca n’igitondo, uba umusi ugira gatandatu.
Gutyo rero, ijuru n’isi hamwe n’inteko zavyo, vyari bihejeje guhingurwa. Ku musi ugira indwi, Imana irasozera igikorwa yari yagize, hanyuma ku musi w’indwi iraruhuka, imaze kurangiza ico gikorwa cose yari yagize. Imana iraheza irahezagira umusi w’indwi, iwugira mweranda, kuko kuri uwo musi nyene ari ho yaruhutse igikorwa cayo cose c’ukurema.
Ng’ayo rero amamuko y’ijuru n’isi, aho vyaremwa.

IZABURI 8, 4-5, 6-7, 8-9

Icit. : Ewe Mukama, Mana yacu,
          Izina ryawe ni agahambaye
          kw’isi yose iyo iva ikagera.

Mbe bane, uwitegereje ijuru waremye,
akabona ukwezi n’inyenyeri wamanitseyo,
umuntu we ni umuki, ko umwibuka,
canke umwana w’umuntu ko umugendera?

Hari hasigaye gato ukamuringaniza n’Imana,
umutera iteka, umutera ishaza;
wamuhaye kuganza ivyo waremye,
ushira vyose munsi y’ibirenge vyiwe.

Vyose, si intama si impfizi,
mbere n’inyamaswa zo mw’ishamba,
si inyoni zo mu kirere, si ifi zo mu kiyaga,
mbere n’ivyoga vyose amazi yo mu kiyaga.

INKURU NZIZA

Aleluya, Aleluya.

Amabwirizwa yawe yose, Mukama, ntiyigera ahinduka;
washinze ko yama ari ya yandi imyaka yose.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (7, 1-13)

Abafarizayo na bamwe mu banditsi bavuye i Yeruzalemu bakoranira iruhande ya Yezu. Hanyuma babona bamwe mu bigishwa biwe barishije intoke zityoye, ni ukuvuga badakaravye, — Abafarizayo rero n’Abayuda bose ntibarya badakaravye n’ubwira bwinshi, ni iragi ry’abakurambere batarenga, kandi bavuye mu kaguriro ntibarya batimijagiye amazi. Hari n’ibindi bimaramuziro bitari bike bagira vy’iragi ry’abakurambere, nk’ukunyuguza ibikombe, ukwoza udukarabo n’inkōko. — Abo Bafarizayo n’abanditsi rero niko kubaza Yezu bati: «Mbega, ni kuki abigishwa bawe badakurikiza iragi ry’abakera, bapfa kurya n’intoke zityoye?»
Yezu ababarira ati: «Umuhanuzi Izaya yarabadomye urutoke, mwa bangushi mwe, hamwe yandika ngo: Abo bantu bansasako akarimi keza, ariko umutima wabo ntunyegereye. Bagira ngo bariko baransenga, ariko ni ivy’ubusa, inyigisho bigisha ni izadukanywe n’abantu. Ibwirizwa ry’Imana muterera aho, mikizigitirira kw’iragi ry’abantu.» Arongera kandi ati: «Ingene muzi guca kw’ibwirizwa ry’Imana mutsimbataze imigenzo yanyu! Musa yavuze ati: Ubaha so canke nyoko, kandi ati: Uwuvuma se canke nyina aracibwa. Ariko mweho muvuga muti: Umuntu abwiye se canke nyina ati: Ico nari kugutabaza ncise Ikorubani, ni ukuvuga ngo imperezwa y’Imana, ntimuba mukimukundira ngo agire ico aha se canke nyina. Muca mutyo ibwirizwa ry’Imana, mukariguza iragi muhanahana, hari n’ibindi vyinshi ben’ivyo mukora.»

Indwi ya 5 yo mu mwaka : ku wa mbere (Années impaires)

IGISOMWA CA MBERE 

Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko (1,1-19)

Mu ntango, Imana yaremye ijuru n’isi. Na yo isi yari ikidengeri atakiriho, umwijima wari upfutse inyenga, umutima w’Imana na wo wareremba ku mazi.
Imana iraheza ivuga iti: «Umuco n’ubeho», umuco uca urahaba. Imana ibona ko umuco wari mwiza, itandukanya umuco n’umwijima. Nya muco Imana iwita umutaga, umwijima na wo ijoro. Haba umugoroba hongera haba n’igitondo, uba umusi wa mbere.
Imana ivuga iti: «Nihabe ikirere hagati y’amazi, gitandukanye amazi n’ayandi»; bica biba uko. Imana irema ijuru, ritandukanya amazi ari munsi y’ijuru n’amazi ari hejuru y’ijuru. Imana iraheza yīta ikirêré ijuru. Haba umugoroba, haba n’igitondo, uba umusi wa kabiri.
Imana irongera ivuga iti: «Amazi yose ari munsi y’ijuru n’akoranire mu kiyaga kimwe, haheze haboneke isi yumutse.» Bica biba gutyo nyene. Ahumutse Imana ihīta isi, aho amazi akoraniye na ho ihīta ibiyaga. Imana ibona ko ari vyiza. Imana ivuga iti: «Isi niyuzureko ibimera ivyatsi bifise imbuto n’ibiti vyama: na vyo vyame kw’isi ivyamwa birimwo imbuto.» Bica biba gutyo. Isi iraheza iramera ivyatsi vyifitiye imbuto   z’ubwoko bwavyo, n’ibiti vyama vy’ubwoko bwavyo birimwo n’imbuto zavyo. Imana na yo ibona ko ari vyiza. Haba umugoroba, haba n’igitondo, uba umusi wa gatatu.
Imana ivuga iti: «Nihabe ibimuri hejuru kw’ijuru, bitandukanya umutaga n’ijoro bibe ibimenyetso vy’imisi mikuru, ivy’imibarwa n’ivy’imyaka. Nibibe ibimuri hejuru biboneshereze isi.»  Bica biba uko. Imana irema ibimuri bibiri bikurubikuru: ikimuri kininiya c’ukwihariza umutaga, n’ikimuri co kwihariza ijoro, be n’inyenyeri. Imana iraheza ibishira hejuru kw’ijuru ngo bimurikire isi, bitegeke umutaga n’ijoro, bitandukanye umuco n’umwijima. Imana ibona ko ari vyiza. Haca umugoroba, haca n’igitondo, uba umusi ugira kane.

IZABURI  103 (104) 1-2a, 5-6, 10.12, 24.35c

Icit.: Imana n’ihimbarwe n’ivyiza yagize.

Ninahaza Umukama, se mushaha wanje!
Mukama Mana yanje, uri mukuru cane!
Ubukuru n’ubwiza bibarizwa iwawe.
Umuco uwikwiza nk’igikwemu.

Isi warayitsindagiye urayigumya,
nta kizoyinyiganza mu myaka yose.
Wari wayōrōsheje inyenga y’amazi ayikikiza hose,
Ku mitumba niho amazi avyagira.

Imyonga uyikura mu bucokwe,
ishororonga hagati y imisozi,
inyoni z’ijuru zibera hafi yayo,
mu mashami y’ibiti ni ho ziryogorera.

Ivyiza wakoze ni isinzi, Mukama,
kandi wabigiranye ubuhinga;
isi ihinda itunga ryawe.
Ninahaza Umukama, se mushaha wanje.

INKURU NZIZA

Aleluya, Aleluya.

Umutima wanje uriteze Umukama,
ijambo ryiwe ni ryo nizeye.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (6, 53-56)

Bamaze kujabuka, Yezu n’abigishwa biwe bururukira i Genezareti, barazirika ubwato. Igihe basohotse bava mu bwato, abantu baramumenya, bakwiragira n’ingoga na n’ingoga igihugu cose, baja mu vyo kuzana abarwaye ku nderuzo hose aho bumva ari. Aho yaja hose, ari mu bigwati, ari mu mihana, baza barashira abarwaye ahabona, bakamutakambira ngo abareke bapfume bakora ku buyonga bw’umutamana wiwe. Na bo abaramuka bamukozeko bose barakira.

%d blogueurs aiment cette page :