IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Igihe ca Noheli: ku wa 2 Nzero.

Igihe ca Noheli: ku wa 2 Nzero.

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere ry’Umutumwa Yohani (2,22-28)

Bakanzi banje,
Umubeshi ni nde atari uwuhakana ko Yezu ari Kristu? Uwo ni we Umwansi wa Kristu, uwuhakana Data na Mwana. Uwo wese ahakana Mwana, na Data nyene ntaba amufise. Uwemera Mwana, na Data nyene aba amufise. Mweho, ico mwumvise kuva na kera, nikigume muri mwebwe. Ico mwumvise kuva na kera, nicaguma muri mwebwe, namwe muzoguma muri Mwana no muri Data.  Nayo uwo ni wo muhango yaduhaye we nyene, ari bwo buzima bwamaho. Ivyo ni vyo ndabandikiye, birora ku bashaka kubazimiza. Mweho, rya sigwa mwahawe rivuye kuri we riraguma muri mwebwe, kandi ntimukeneye kugira uwobigisha. Ariko, nk’uko iryo sigwa ribigisha kuri vyose, ko ari ivy’ukuri, atari ikinyoma, kandi nk’uko ryabigishije, nikube ari ko muguma muri we. Egome, bane banje, n’ubu nimugume muri we, kugira ngo niyaseruka, tuze tumwizerane umwidegemvyo kandi ntituze tumaramare, turi kure yiwe umusi azozira.

IZABURI 97 (98) 1, 2-3b, 3c-4

Icit: Isi yose yaribineye urukiza rw’Imana yacu

Nimuririmbire Umukama ururirimbo rushasha,
kuko yakoze ibitangaza,
ikiganza c’ukuryo kwiwe n’ukuboko kwiwe kweranda
vyamuhaye intsinzi.

Umukama yaramenyesheje urukiza rwiwe,
yarahishuye ubutungane bwiwe mu maso y’amakungu.
Yaributse ubuntu bwiwe n’ukuri
afitiye inzu y’Israyeli

Imbibe zose z’isi zarabonye
urukiza rw’Imana yacu.
Wa si yose, tera impundu Umukama;
tere impundu, mwigine, mucurarange.

INKURU NZIZA

Aleluya, Aleluya

Kuva kera, Imana yarashikirije ijambo ba sokuru,
mu bihe vyinshi no mu buryo bwinshi, iciye ku bahanuzi ;
no muri iyi misi y’imperuka na ho,
yadushikirije ijambo iciye ku Mwana wayo.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (1,19-28)

Ng’iyi rero ingingo Yohani yashinze, hamwe Abayuda bamurungikira abaherezankuka n’Abalevi bavuye i Yeruzalemu ngo bamubaze bati: «Uri nde?» Na we abivuga uko biri ntiyabihakana, ababwira ukuri ati: «Jewe sindi Kristu.»  Baramubaza rero bati: «Uri nde? Ubaye Eliya?» Yishura ati: «Eka sindi we.» «Uri umuhanuzi?» Abishura ati: «Oya.» Na bo bamubwira bati: «None uri nde, tukaboneraho iryo tuja kwishura abadutumye? None wewe wiyita nde?» Avuga ati: «Jewe ndi rya jwi ry’uwusemererera mu bugaragwa riti: “Nimugorore inzira y’Umukama”, kumwe umuhanuzi Izaya yabivuga.» Abari batumwe bari abo mu Bafarizayo. Bongera rero kumubaza bati: «Ni kuki none ubatiza, utari Kristu, ntube Eliya, vyongeye ntube na wa muhanuzi?» Yohani arabishura ati: «Jewe mbatirisha amazi, ariko muri mwebwe hari uwundi mutazi. Ni we agiye kuza mu nyuma zanje, sinkwiye n’ugupfundurura imigozi y’inkweto ziwe.» Ivyo vyose vyabereye i Betaniya hakurya y’uruzi Yorodani, aho Yohani yabatiriza.

 


Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :