IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Igihe ca Noheli : ku wa 5 Nzero

Igihe ca Noheli : ku wa 5 Nzero

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


Kuva uyo musi, nihaba ari ku wa mbere ukurikira Epifaniya, batora ibisomwa vy’indwi ikurikira Epifaniya nk’uko vyanditswe ahandi.

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere ry’Umutumwa Yohani (3, 11-21)

Bakunzi banje,
Ng’iri ijambo mwumvise kuva na kera:
ni uko twokundana.
Ntitugire nka Kayini:
yari uw’Umubi akica mwenewabo.
Kandi icatumye amwica ni iki?
Ni uko ibikorwa vyiwe vyari bibi,
ivya mwenewabo na vyo bikaba vyiza.
Ntimutangare benewacu,
niyaba isi ibanka.
Twebwe, turazi ko twavuye mu rupfu tukaja mu buzima,
kuko dukunda benewacu.
Uwudakundana aguma mu rupfu;
uwanka mwenewabo wese ni umwicanyi,
kandi murazi yuko ata mwicanyi
afise ubuzima bwamaho ngo bumugumemwo.
Ng’iki icatumenyesheje urukundo:
ni uko Yezu yatanze ubuzima bwiwe ku bwacu.
None rero, natwe dutegerezwa gutanga ubuzima bwacu
ku bwa benewacu.
Ariko, uwufise itunga ryo kw’isi,
akabona mwenewabo ari mu bukene,
akamwirengagiza,
urukundo rw’Imana rwomugumamwo gute?

Bakunzi banje,
ntidukundane mu majambo no ku rurimi,
nidukundane mu bikorwa no mu kuri.
Ng’iki ikizotumenyesha ko turi ab’ukuri,
tukarimbura umutima wacu imbere y’Imana:
umutima wacu niwatwagiriza,
ni uko Imana iruta umutima wacu
kandi ikamenya vyose.
Bakunzi banje,
umutima wacu n’utatwagiriza,
turizerana umwidegemvyo imbere y’Imana.

IZABURI 99 (100) 1-2, 3, 4, 5

Icit.: Abari kw’isi yose
         nimuvugirize Umukama impundu!

Yemwe abari kw’isi yose, nimuvugirize Umukama impundu;
nimukorere Umukama n’akanyamuneza,
muze mu nyonga ziwe muririmbe.

Mumenye yuko Umukama ari we Mana;
ni we yaturemye, natwe turi abiwe;
turi ingabo ziwe, turi intama zo mu busho bwiwe.

Nimwinjire mu birimba vyiwe mumuninahaze,
mushike mu ngoro yiwe mumuririmbire,
mumuvyinire, mumushimagize!

Erega, Umukama ni mwiza,
urukundo rwiwe rwamaho,
arakwiye kwemerwa mu myaka n’imyaka.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Kera Imana yaganiriye abasokuru bacu
ibicishije ku bahanuzi;
uyu musi, ijambo ryayo turishikirizwa n’Umwana wayo.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (1, 43-51)

Muri irya misi, Yezu yashatse kuja mu Bugalile; ahura na Filipo, amubwira ati: «Nkurikira!» Filipo yaturuka i Betsayida, igisagara ca Petero na Andreya.
Filipo ahura na Natanayeli, amubwira ati: «Umwe Musa yanditse mu mategeko kandi yanditswe n’abahanuzi, twamubonye! Ni Yezu, mwene Yozefu, w’i Nazareti.» Natanaeli na we aramwishura ati: «Hari iciza cova i Nazareti?» Filipo aramwishura ati: «Ingo, wirabire!» Yezu abona Natanayeli aje amugana, amubwira ati: «Ng’uyu umunyisrayeli w’ukuri, azira ikinyoma.» Natanayeli aramubwira ati: «Wamenyeye hehe?» Yezu aramubwira ati: «Hamwe Filipo atari bwaguhamagare, aho wari munsi y’umutenahi, nakubona.» Natanayeli aramwishura ati: «Mwigisha, uri Umwana w’Imana, uri Umwami w’Israyeli!» Yezu aramwishura ati: «Wemejwe n’uko nkubwiye nti: Nakubonye munsi y’umutenahi! Hinge, uzobona ibiruta ivyo.»  Arongera amubwira ati: «Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: muzobona ijuru ryuguruye n’abamarayika b’Imana burira bongera bamanuka aho Umwana w’umuntu ari.»


Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :