IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Indwi ya 3 yo mu mwaka : ku wa gatandatu (Années impaires)

Indwi ya 3 yo mu mwaka : ku wa gatandatu (Années impaires)

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


IGISOMWA CA MBERE 

Ivyo dusoma mw’Ikete ryandikiwe Abahebereyi (11, 1-2.8-19)

Ncuti zanje
Ukwemera ni ryo shimikiro nyakuri ry’ivyo twizigiye, ni co kimenyamenya c’ivyo tutabona; ukwemera ni kwo kwashingiye intahe abasokuru.
Ukwemera ni kwo kwatumye Aburahamu agamburuka mu gihe yahamagarwa, akagenda mu gihugu yari yagenewe kuzotorana, kandi yagenda atazi iyo aja; ukwemera ni kwo kwatumye aja kugerera mu gihugu yasezeraniwe nk’uko coba ari co mu mahanga, akabana mw’ihema na Izahaki na Yakobo, ba samuragwa nka we b’iryo nsezerano, kuko yari arorereye igisagara kiri n’iremezo rikomeye, Imana yatavye ikûbaka.
Ukwemera ni kwo kwatumye na Sara nyene ashobora gusama inda n’aho yari ashaje, kuko yiyumviriye yuko uwabimwemereye akwiye kwemerwa. Ni co catumye umuntu umwe rudende — kandi yari akaheze, — arondoka isinzi nk’inyenyeri zo mw’ijuru, nk’umusenyi udaharurwa wo ku nkombe z’ikiyaga.
Abo bose barapfanye ukwemera ko batarashikira ivyo bari bemerewe, ariko babibona bakiri kure bakabisasirira, bakemera yuko bari akavantara n’ingenzi kuri iyi si. Na bo abavuga batyo baba berekana yuko bariko bararondera igihugu cabo bwite. Vyongeye iyo baba bibuka igihugu bavuyemwo, baba bafìse uburyo bwo gusubirayo. Ariko noneho bariko baripfuza igihugu gisumbirije, ari co juru. Ni co gituma Imana itamaramazwa no kwitwa Imana yabo; nka ko na none, yarabateguriye igisagara.
Ukwemera ni kwo kwatumye Aburahamu ahereza Izahaki mu gihe yageragezwa, kandi uwǎkiranye igishika insezerano agahereza umwana wiwe w’ikinege, umwe yari yabwiye ngo: «Muri Izahaki ni ho uruvyaro rwawe ruzokwitirirwa.»

URURIRIMBO (Luka 1, 69-70, 71-72, 73-75)

Icit.: Imana y’Israeli n’ihezagirwe,
         kuko yaramukije igihugu cayo.

Yaradukijije igirako iradushigikira,
ibigirira Dawudi umusuku wayo;
niho yari yabiranze kuva kera hose,
itumye abahanuzi bayo beranda.

Ngo idukize abansi bacu,
idukure mu minwe y’abatwanka bose;
kugira yereke ikigongwe ba sokuru bacu,
yongere yibuke ubwuzure bwayo bweranda.

Ya ndahiro yarahira Aburahamu sokuru wacu,
ko izoturokora, idukure mu minwie y’abansi,
tubone kuyikorera mu bweranda no mu butungane,
mu nyonga zayo, imisi yose tukiriho.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Ijambo ry’Imana ni rizima, rifise ubukuba,
rikagaragaza inyigisho n’ivyiyumviro biri mu mutima.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (4, 35-41)

Uwo musi nyene ku mugoroba, amaze kwigisha ishengero mu migani, Yezu abarira abigishwa biwe ati: «Hogi tujabuke ku nkombe yo hakurya.» Asiga ishengero hakuno, bamujana mu bwato; kandi hariho n’ayandi mato.
Haduka inkuruma amahanga, ibisebuzi birisuka mu bwato, mbere bushaka n’ukwuzura. Yezu na we yari yashize umusego ku mukondo w’ubwato, asinziriye. Baramuvyura rero bati: «Mukama, ntubabara kubona turiko turagupfana?» Yikanguye, arakankamira umuyaga kandi abwira ikiyaga ati: «Cureha, subiza hasi!» Na wo umuyaga uracureha, kandi haca haratekana rwose.
Araheza ababwira ati: «Ni kuki muri abanyabwoba gutyo? Ntimugira ukwemera!» Bagira rero ubwoba bwinshi, bavugana bati: «Uwo muntu ni nde, ko umuyaga n’ikiyaga bimugamburukira?»


Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :