IMANA NI NZIZA

Accueil » 2017 » janvier (Page 2)

Archives Mensuelles: janvier 2017

Idominika ya 5 yo mu mwaka A

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (58,7-10)

Niho umuco wawe uzotamanzura nk’umtwenzi

Ng’iri iryavumerewe n’Umukama:
«Sangira ivyokurya vyawe n’uwushonje, abagowe babuze aho baba ubinjize mu nzu yawe, niwabona uwuri gusa umwambike, ntiwirengagize umuntu nkawe.
Niho umuco wawe uzotamanzura nk’umutwenzi, igikomere cawe kigakira ningoga, ubutungane bwawe bukakuja imbere, na bwo ubuninahazwa bw’Umukama bugushorere. Niho uzohamagara Umukama akakwitaba, ukamuborogera akakwitaba ati: “Ndi hano.”
Niwakura iwawe umuzigo uguturubika be n’amajambo y’ububisha, niwaha uwushonje ico nawe wipfuza, niwamara inyota ivyipfuzo vy’umurushwa, umuco wawe uzoseruka mu mwijima, umukorane wawe wakake nk’izuba ryo ku mutaga.»

IZABURI 111 (112) 4-5, 6-7, 8a. 9

Icit: Mu mwijima, ni Wewe muco w’abantu b’intungane.

Canke: Aleluya.

Mu mwijima, umuco uzoboneshereza umuntu mweranda,
agira impuhwe, ubushikirane n’ubutungane.
Aratabara abarushwa, akagurana bitavuye imutwe,
azira kugunga mu vyo adandaza.

Ntaho azokwigera anyiganga,
bazokwama bamwibuka imyaka n’imyaka.
Ntatinya kumenya ibimubangamira,
umutima wiwe urakomeye, wizigira Imana nsa.

Umutima wiwe ni intwari, uzira ubwoba;
n’abansi nyene ntabibanga
ingene atabara aboro ntawovyīgāna,
ubutungane bwiwe buzorama imyaka n’imyaka,
ububasha bwiwe ni rurangiranwa.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (2, 1-5)

Narabamenyesheje amabanga ya Yezu Kristu yabambwe ku musaraba

Nanje mu kuza iwanyu, benewacu, sinaje kubamenyesha ingingo y’Imana mu mvugo zihinguye no mu bwenge buhejeje. Nta kindi nashatse kumenya muri mwebwe, atari Yezu Kristu, kandi Yezu Kristu yabambwe ku musaraba. Jewe nyene nashitse iwanyu mfise intege nke, ndi n’ubwoba n’agashitsi kenshi, kandi imvugo yanje n’inyigisho yanje ntivyari bihagaze ku majambo atomoye y’ubwenge, ariko ico vyerekana ni Mutima n’ubukomezi bwiwe, kugira ngo ukwemera kwanyu ntiguhagarare ku bwenge bw’abantu, ariko gushimikire ku bukomezi bw’Imana.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Umukama yavuze ati: «Jewe ndi umuco w’isi.
Uwunkurikira azoronka umuco w’ubuzima.»

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (5, 13-16)

Ni mwebwe muco w’isi

Umushaha wa Yezu

Umushaha wa Yezu

Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati:
«Ni mwebwe munyu w’isi. None, umunyu utagisosa, icowusubiza ako kanovera cova hehe? Nta co uba ukimaze, uba usigaye ari uwo gushiburira hanze, abantu bakikandagirira.
Ni mwebwe muco w’isi. Nta wushobora guhisha igisagara cubatswe mw’itāba ry’umusozi, kandi nta wudomeka itara ngo aryubikeko umubêhé. Arishira nyabuna ahakirurutse, niho riheza rikaboneshereza abari mu nzu bose. Uko ni ko umuco wanyu wokwibonekeza mu maso y’abantu, maze babonye ibikorwa vyanyu vyiza, bakaninahaza So wanyu ahangamye mw’ijuru.»

Indwi ya 4 yo mu mwaka : ku wa gatandatu (Années impaires)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mw’Ikete ryandikiwe Abahebereyi (13, 15-17. 20-21)

Ncuti zanje,
Ku bwa Yezu rero ntiduhengeshanye guhereza Imana inkuka yo gukenguruka, ni ukuvuga ivyiza biva mu kanwa kayaga izina ryayo. Ntimwibagire kugiriranira neza n’ugusangira utwo mufise, kuko ben’izo nkuka ari zo Imana ishima.
Nimugamburukire abakuru banyu, mubagandukire, kuko bashinze ijisho ku mitima yanyu nk’abazobibazwa; ni ho bazoshobora kubigirana akanyamuneza badahigima; ahandiho, namwe vyobabera nabi.
Ese Imana y’amahoro, Yo yakuye mu bapfuye Umukama wacu Yezu, We Mwungere mukuru w’intama mu maraso y’Isezerano ryamaho, yobaha ububasha bwo kurangura ugushaka kwayo mu vyiza vyose, ikadushiramwo ibiyinezereza ku bwa Yezu Kristu akwiye kuninahazwa mu myaka n’imyaka. Amen!

IZABURI 22 (23) 1-2b,2c-3,4, 5,6

Icit.: Umukama ni we mwungere wanje,
         nta co nokena.

Umukama ni we mwungere wanje,
sinzokena;
ni we amvyagiza
mu canya c’ubwatsi buremvye.

Iruhande y’amazi adasuma, ni ho azonshikana.
Aremesha umutima wanje ubudasiba;
ni we anyoborera inzira nziza
ku bw’izina ryiwe.

Sinzogira ico ntinya
n’aho noca mu mwonga mu mwijima,
kuko ari kumwe nanje:
kuko inyobozo yawe impumuriza.

Untegurira ameza
mu maso y’abansi;
wansize amavuta ku mutwe,
igikombe canje kirasesekaye.

Eka mbere mu bugingo bwanje
namana impore n’ubuhirwe;
inzu yanje ni ingoro y’Umukama
imisi yose y’ubugingo bwanje.

INKURU NZIZA

Aleluya, Aleluya.

Umukama yavuze ati: «Intama zanje zirumviriza ijwi
ryanje kandi ndazizi, nazo zikankurikira.»

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (6, 30-34)

Bavuye kwigisha, abatumwa bateranira iruhande ya Yezu, bamwiganira ivyo bari bagize vyose n’ivyo bari bigishije vyose. Arababwira ati: «Nimuze ahiherereye, muruhuke gatoyi.» Nka ko abashika n’abagenda bari igihugu. Nta n’akanya kaboneka k’ugufungura. Bagenda rero mu bwato, barora mu gahinga hiherereye.
Ariko abantu barababona bagenda. Benshi rero barahwihwisha iyo baroye, barahava bava mu bisagara vyose birukayo n’amaguru, barabatanga. Ngo bururuke amato, Yezu abona igihugu c’abantu, bamutera imbabazi, kuko bari bameze nk’intama zitagira umwungere, aca aja mu vyo kubigisha igihe kitari gito.

%d blogueurs aiment cette page :