IMANA NI NZIZA

Accueil » 2017 » février

Archives Mensuelles: février 2017

Indwi ya 1 yo mw’Ikarema : ku wa gatandatu

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ukwibutsa Amategeko (26, 16-19)

Muri irya misi, Musa yabwiye ishengero ry’Israyeli ati: «Uyu musi, Umukama Imana yanyu abategetse gukora amabwirizwa n’amategeko yiwe; muzoyazigama muyakore n’umushaha wanyu wose n’umutima wanyu wose. Uyu musi, mwitoreye Umukama mwebwe nyene ngo abe Imana yanyu, kugira ngo mugume mu nzira abashakamwo, muzigame amabwirizwa, amategeko n’amatangazo yiwe, kandi mwumvirize ijwi ryiwe.
Uyu musi, Umukama yabitoreye ngo mube igisata ciwe yikundira nk’uko yari yarabibabwiye, kugira ngo mukore amabwirizwa yiwe; abagire igihugu kiruta ibindi bihugu vyose yaremye ngo bimusenge, bishimagize izina ryiwe vyongere bimuninahaze, mube igisata ceranda c’Umukama ari we Mana yanyu nkuko yavyivugiye.»

IZABURI 118 (119) 1-2, 4-5, 7-8

Icit.: Hahiriwe abagendera kw’itegeko ry’Umukama.

Hahiriwe abagenda batunganye,
bakagendera kw’itegeko ry’Umukama;
hahiriwe abazigama amabwirizwa yiwe,
bakamurondera n’umutima wabo wose.

Ni Wewe washinze amateka yawe,
kugira ngo bayazigamane umwete.
Ese mu ngiro yanje
nokwama nkurikiza ivyo ushaka!

Nzokwishimira n’umutima utunganye,
kuko nzi ingingo yawe itunganye.
Nshaka kurangura ivyo ushaka:
ntunte ngo mbe ruhebwa.

INKURU NZIZA

Urakaninahazwa, Kristu,
Wewe Bwitonzi bwamaho bw’Imana nzima.

Umukama yavuze ati:
«Nimwamize yompi ibicumuro vyanyu,
maze mwigirire umushaha n’umutima mushasha.»

Urakaninahazwa, Kristu,
Wewe Bwitonzi bwamaho bw’Imana nzima.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (5, 43-48)

Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Mwarumvise ivyavuzwe ngo: “Uzokunda umugenzi wawe”, wanke umwansi wawe. Jeho rero ndababwiye nti: “Kunde abansi banyu, kandi musabire ababahama, ngo mwerekane ko muri abana ba So wanyu wo mw’ijuru aha izuba ababi n’abeza, agaha imvura intungane n’indyarya.
Kuko mukunze ababakunda gusa, impera yanyu izoba iyihe? Abatozakori bo ntibabigira? Kandi muramukanije na benewannyu gusa, mwoba mugize iki c’akatabonetse? Abapagani bo ntibabigira? Mweho rero, nimube beranda nk’uko So wanyu wo mw’ijuru ari mweranda.»

Indwi ya 1 yo mw’Ikarema : ku wa gatanu

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeli (18, 21-28)

Ng’iri iriyazwe n’Umukama Imana:
Umubisha niyagaruka ava mu bicumuro yakoze, akazigama amateka yanje yose, agakurikira Ibwirizwa n’Ubutungane, azobaho, ntazopfa. Ibicumuro yakoze ntibazovyibuka ngo bimukore, ariko ku bw’ubutungane yakurikije, azobaho. Mbega, nshaka unipfu rw’umubisha? Ni ijambo ry’Umukama Imana! Mbega, sinshaka riho ko ava mu nzira ziwe ngo abeho?
Intungane na yo niyava mu butungane bwayo, igakora nabi kandi igakora n’ibibi vyose, nk’ivyo umubisha yakoze, mbe se, urya azoguma ari muzima? Ubutungane bwose yakurikije buzokwibagirwa, kandi kubera akabi yakoze n’ibicumuro vyose yagize azopfa.
Mweho muhora muvuga muti: «Umukama agira ibitumvikana.» Tega amatwi, muryango w’Israyeli: Mbega ingiro yanje ni yo igoramye? Ubwo si mwe mwigenza ukutari ko? lyo intungane ihevye ubutungane igakora nabi, hanyuma igapfa kubera ico, iba ipfuye izira iyo nabi. Umuyobe na we iyo ahevye ibicumuro vyiwe, agakurikiza ukuri n’ubutungane, akwiye kubaho. Nkako, kubera ko yemeye guheba ibicumuro vyiwe vyose yakoze, akwiye kubaho, ntazopfa.
Iryo ni iryavumerewe n’Umukama Mushoboravyose.

IZABURI 129 (130), 1-2, 3-4, 5-6, 7-8

Icit.: Niwaraba akabi kacu, Mukama,
         ni nde azorokoka?

Ndagutakambiye, Mukama, ndi mu nyenga,
Mukama, ndagutabaza, nyumvira:
n’untege amatwi,
igisabisho canie kibashe kugushikira.

Mbega, Mukama, niwaraba akabi kacu,
ni nde azorokoka?
Ariko ikigongwe kiva iwawe,
ni co gituma bakwubaha kandi bakwizera.

Umutima wanje uriteze Umukama,
ijambo ryiwe ni ryo nizeye;
Umutima wanje uriteze Umukama,
ugusumvya abateramyi biteze umutwenzi.

Kuko urukiza ruva ku Mukama,
benshi bakaba ari ho bakirira rwose;
ni We azobohora Israyeli,
akayikiza ibicumuro vyayo vyose.

INKURU NZIZA

Ijambo ryawe ni ukuri, Mukama,
itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.

Umukama yavuze ati: «Sinshaka urupfu rw’umunyakabi,
ico nshaka n’uko yokwisubirako akabona kuramba.»

Ijambo ryawe ni ukuri, Mukama,
itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (5, 20-26)

Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Nimutarusha ubutungane abanditsi n’Abafarizayo, ntimuzogeza ikirenge mu Bwami bw’ijuru.
Mwarumvise ivyabwiwe basokuru ngo: “Ntimwice” kandi uwuzoramuka yishe, bizomuhama mu rubanza. Nanje rero ndababwiye nti: “Uwuzoramuka agiriye ishavu mugenziwe, azobibazwa mu rubanza, nayo uwuzokwita uwundi ikirēre, bizomukwega imbere ya sentare, amwise naho umusazi, azotabwa mu nyenga y’umuriro.
Niwaza rero guhereza  ishikanwa ryawe ku ruhimbi, ariko ukibuka ko mugenzawe agufitiye akajirya, uraca usiga rya shikanwa ryawe ngaho nyene imbere y’uruhimbi, uheze ugende musubize hamwe na mugenzawe, uhejeje ugaruke guhereza ishikanwa ryawe.
Subiza hamwe n’ingoga n’uwo mushira kubiri, mugifatanije akayira kugira ngo ntahave agushira umucamanza, na we ngo agushire mu ntahe, hanyuma bahave baguta mw’ibohero. Ni ivy’ukuri ndabibabwiye, n’isenge utayishuye, ntuzovayo.»

%d blogueurs aiment cette page :