IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Indwi y’7 yo mu mwaka : ku wa mbere (Années impaires)

Indwi y’7 yo mu mwaka : ku wa mbere (Années impaires)

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


IGISOMWA CA MBERE 

Ivyo dusoma mu gitabu ca Mwene Siraki (1, 1-10)

Ubwitonzi bwose buva ku Mukama,
kandi bwamana na we imyaka n’imyaka.
Umusenyi wo ku kiyaga canke amama y’imvura
canke imisi yose, uwoshobora kubiharura ni nde?
Uburebure bw’juru canke ubwaguke bw’isi
canke ubwina bw’ukuzimu, uwoshobora kubupima ni nde?
Ariko rero, ibindi vyose bitarahaba, haremwe Ubwitonzi,
imyaka itaranavugwa, ubukerebutsi bwuzuye ni ho bwari buri.

Inyanduruko y’ubwitonzi yahishuriwe nde?
Ivyo bwa bwitonzi bushobora kumara na vyo, ni nde yobimenya?
Umwe musa ni we afise ubwitonzi buhejeje, kandi ni we atera ubwoba,
aho avyagiye ku ntebe yiwe: uwo ni Umukama.
Ni we yaburemye, ni we yabwitegereje, ni we yabugerereye,
akabukwiza mu vyo yakoze vyose,
mu muntu wese, nk’uko abishaka,
ni we abugabira abamukunda.

IZABURI 92 (93) 1ab, 1c-2,5

Icit.:  Umukama ari we Mwami wacu,
          yikwije ububasha bwiwe.

Umukama ahangamye ku ngoma;
yikwije ubuninahazwa,
Umukama yikwije ububasha bwiwe.

Isi na yo irashimangiye, ntinyiganyiga;
niho rero intebe y’ubwami bwawe ishimangiye,
imyaka yose wamye uri wa wundi.

Iryo uvuze ntirihinyuka;
ubweranda bwatse indaro iwawe.
Kandi, Mukama, ni ivya misi yose.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Umukama wacu Yezu Kristu yaratsinze urupfu;
yaduhaye ubuzima bwakakamwo umuco, mu kudushikiriza
Inkuru nziza.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (9, 14-29)

Yezu n’abamuherekeje bashikiriye abigishwa, babona igihugu c’abantu kibakikije hamwe n’abanditsi baharira na bo. Nya shengero ryose ngo rimubone rigwa mu gahundwe, rirashwabaduka ngo rimusanganire. Yezu araheza abaza abigishwa biwe ati: «Ivyo muharira ni ibiki?» Umwe ava mw’ishengero, aramwishura ati: «Mwigisha, nakuzaniye umuhungu wanje ari n’umutima w’ikiragi. Aho uyo mutima umufatiye hose, umutura hasi, na we nya mwana akaruka urufuro, agakomanya amenyo kandi akadadarara. Natakambiye abigishwa bawe ngo bawirukane, ntibabishobora.» Yezu arabishura ati: «Ewe bwoko bw’intemera! Mbega nzogumana namwe gushika ryari? Nimumunzanire.» Baramumuzanira. Ngo ubone Yezu, n’ishavu n’akantu, nya mutima ujegeza wa mwana, na we yitura hasi, arikumbagaza aruka urufuro. Yezu abaza se ati: «Abimaranye imisi ingana iki?» Aramwishura ati: «Vyahereye mu bwana, kandi kenshi wama wamutaye mu muriro, ahandi ukamuta mu mazi ngo umwice. Ariko niwaba hari ico woshobora, dutabare kubera imbabazi udufitiye.» Yezu aramwishura ati: «Ngo niwaba hari ico woshobora? Erega vyose birashobokera uwemera!»
Ubwo nyene, se w’umwana ashira ijwi hejuru ati: «Ndemeye, ntabara muri ukwo kwemera guke kwanje.» Yezu ngo abone igihugu kije ciruka, ategeka wa mutima uhumanye awukankamira ati: «Wa mutima w’ikiragi, wa gipfamatwi we, ndabigutegetse, va muri uyo mwana kandi ntube ukimugarukamwo!» Nya shetani ikoma induru, ijegeza wa mwana, iraheza irasohoka, na we amera nk’uwapfuye, benshi mbere bakagira bati: «Yapfuye.» Yezu we amufata ukuboko, aramuvyura, araheza arahagarara.
Yezu ngo ashike i muhira, abigishwa biwe baramubaza bamwihereranije bati: «Igituma twebwe tutashoboye kwirukana iyo shetani ni iki?» Arabishura ati: «Amashetani ben’ayo yirukanwa n’igisabisho gusa.»


Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :