IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Indwi y’8 yo mu mwaka : ku wa gatatu (Années impaires)

Indwi y’8 yo mu mwaka : ku wa gatatu (Années impaires)

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


IGISOMWA CA MBERE 

Ivyo dusoma mu gitabu ca Mwene Siraki (36, 1.4-5a.10-17)

Tugirire ikigongwe, Mukama, Mana y’isi yose, uduhozeko ijisho,
tera ubwoba ibihugu vyose.
Bikumenye, nk’uko natwe twamenye
yuko ata yindi Mana iriho atari Wewe, Mukama.

N’usubire ukore vya bitangaza,
ugire n’ibindi vyiza vy’akaroruhore.
Koranya imiryango yose ya Yakobo,
n’ubasubize rya ragi wari wabaraze kuva kera na rindi.
Girira ikigongwe, Mukama, igihugu cawe musangiye izina,
girira ikigongwe Israyeli wagize imfura yawe.
Girira imbabazi igisagara cawe ceranda,
Yeruzalemu, umurwa w’uburuhukiro bwawe.
Uzuza Siyoni amashemezo yawe,
ingoro yawe na yo uyuzuzemwo ubuninahazwa bwawe.
Shingira intahe abari abawe kuva kera na rindi,
n’urangure ivyo abahanuzi ba kera babuye kw’izina ryawe.
N’uhere abakwizigiye,
biboneke ko abahanuzi bawe bari imvugakuri.
Niwumvire, Mukama, ibisabisho vy’abasavyi bawe,
kubera wa muhezagiro Aroni yashungururira ku gihugu cawe.
Maze, abantu bo kw’isi bose bamenye
yuko ari Wewe Mukama, Imana yamaho.

IZABURI 78 (79) 8, 9, 11, 13

Icit. : Mukama, tumenyeshe          
          umuco w’inema zawe.

Ntuduhore akabi k’abasokuru,
bandanya riho udushigikize imbabazi zawe,
kuko amagara ariko aratuvako.

Dufashe se Mana tuzeyeko ugutabaruka,
maze ubigire ngo uninahaze izina ryawe.
Dukize, zimanganya akabi kacu,
tubohore kubera izina ryawe.

Amaganya y’imbohe n’agushikire,
maze, nawe ushobora vyose,
ukize abo urupfu rwasamiye.

Duhave rero, natwe igihugu cawe,
twebwe za ntama z’uruhongore rwawe,
tugukengurukire tudahengeshanya.

INKURU NZIZA

Aleluya, Aleluya.

Umukama yavuze ati: «Kuva ubu, nzobita abakunzi banje;
ivyo nahawe na Data vyose narabibamenyesheje.»

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (10, 32-45)

Abigishwa bagasangwa bari mu nzira baduga i Yeruzalemu, na we Yezu agendera imbere yabo; hanyuma, ubwoba burabatekera n’ababakurikira bagira ubwoba. Asubiriye kandi kwiyegereza bamwe Cumi na babiri, Yezu ababwira ayo ari mu kubona, ati: «Ubu, tuduze i Yeruzalemu, Umwana w’umuntu rero aza kugwa mu minwe y’abaherezankuka bakuru  n’abigisha, bamucire urwo gupfa, bamuhereze abanyamahanga; bazomutwenga, bamucireko, bamukubite, bagireko bamwice; ariko amaze gatatu azozuka.»
Yakobo na Yohani bene Zebede baregera Yezu, bamubwira bati: «Mwigisha, dushaka ko uturonsa ico tugira tugusabe.» Na we ati: «Ico mugomba ko ndabaronsa ni iki?» Baramwishura bati: «Uradutera iteka twicare umwe iburyo, uwundi ibubamfu bwawe, mu buninahazwa bwawe.» Yezu arabishura ati: «Ntimuzi ico musaba. Murashobora kunywa igikombe nza kunywa n’uguhabwa ibatisimu nza guhabwa?» Na bo bati:  «Turabishobora.» Yezu na we ati: «Igikombe nza kunywa muzokinywa kandi muzohabwa ibatisimu nza guhabwa; ariko ukwicara iburyo bwanje canke ibubamfu, si je ndabigaba, ni ivy’ababiteguriwe.»
Bamwe cumi bandi bavyumvise, baja mu gushavurira Yakobo na Yohani. Yezu arabahamagara, ababarira ati: «Ni ivyo muzi, abatwara ibihugu barazi kwerekana ko bategeka, abakuru barumvisha ububasha bwabo. Muri mwebwe, si ko vyogenda; uwuzogomba kuba mukuru muri mwebwe arabanza riho abe umusuku wanyu, na we uwuzogomba kuba uwa mbere muri mwebwe arabanza abe umuja wa mwese. Kanatsinda, Umwana w’umuntu ntiyaje ngo akorerwe, yazanywe n’ugukorera abandi, n’ukwitangako incungu irokora isinzi ry’abantu.»


Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :