IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Idominika y’9 yo mu mwaka A

Idominika y’9 yo mu mwaka A

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu Gitabu c’Ukwibutsa Amategeko (11, 18. 26-28. 32)

Uyu musi, ndabahitishijemwo umuhezagiro canke umuvumo

Muri irya misi, Musa yabariye Abanyisraeli ati: «Ayo majambo yose ndababwiye, murayabike ku muzirikanyi, muyandike ku kiganza nk’ikimenyetso, muyambare mu ruhanga nk’igitāko.
Ehe raba, uyu musi ndabahitishijemwo umuhezagiro canke umuvumo. Nimwagamburukira amabwirizwa y’Umukama Imana yanyu ndabategereje uyu musi, muzoronka umugisha. Naho nimwiyobagiza amabwirizwa y’Umukama Imana yanyu, nimwata inzira ndaberetse uyu musi, mukaja mu vyo guhahamira imana zindi mutigeze mumenya, muzocibwa.
Ni uko rero, muzoshishikara kurangura amategeko n’imigenzo yose ndaberetse uyu musi.»

IZABURI 30 (31) 2-3a, 3bc-4, 17. 25

Icit : Urambera, Mukama, ikinja badacako!

Mukama, ni Wewe mahungiro yanje,
sinzokwigera nteterwa!
Urankiza kubera ubutungane bwawe, urantunga;
ntega ugutwi ntutebagane!

Urambera ikinja badacako,
umbere uruzitiro rutamenwa.
Na none, ni Wewe kinja, ni Wewe rugo mfise;
kubera izina ryawe, uranja imbere, uranzigama.

Inyonga zawe nizimurikire umusavyi wawe,
unkize kubera urukundo rwawe!
Mwese, abizigiye Umukama,
nimuhumure, musubize umutima mu nda.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyaroma (3, 21-25a. 28)

Umuntu ntakizwa n’ibikorwa vy’Ibwirizwa, akizwa riho n’ukwemera

Ncuti zanje,
Ubu noneho ingingo y’Imana yibonekeje, yemejwe n’Ibwirizwa n’Abahanuzi. Iyo ngingo y’Imana, tuyikesha ukwemera Yezu Kristu, kandi yerekeye abemera bose, kuko ata gutandukanya kuriho: bose baracumuye, kandi barinyaze ubuninahazwa bw’Imana. Abemera bagizwe beranda ku buntu bwayo, ku bw’icungurwa ryabonetse muri Kristu Yezu: ni we Imana yatanzeko incungu, asesa amaraso yiwe, akiza atyo abemera. Ni co gituma twiyumvira yuko umuntu adakizwa n’ibikorwa vy’ibwirizwa, akizwa ariho n’ukwemera.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Umukama yavuze ati: «Jewe ndi umuzabibu, namwe muri amashami.
Uwuguma muri jewe nanje nkamugumamwo, ni we yama vyinshi.»

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (7, 21-27)

Inzu yubatswe ku rutare n’inzu yubatswe ku musenyi

Umushaha wa Yezu

Umushaha wa Yezu

Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Erega, abamwira bati: Mukama, Mukama, si bo bazokwinjira mu Bwami bw’ijuru, abazokwinjirayo ni barya bakora ico Data ahangamye mw’ijuru ashaka. Uyo musi, benshi bazombwira bati: “Mukama, Mukama, ntitwavuze ibizoza kw’izina ryawe, ntitwirukanye amashetani kw’izina ryawe, ntitwakoze ibitangaro vyinshi kw’izina ryawe?” Nanje nzoca ndababwira imbonankubone nti: “Ntaho nigeze ndabamenya, mve mu maso, mwebwe mwirirwa mu kabi!”
Umuntu wese rero yumva ayo majambo mvuze akayakora, asa n’umuntu w’inkerebutsi yiyubakiye inzu ku rutare, imvura ikagwa, imivo igatemba, ibivumbuzi bikaza vyihagiye iyo nzu, yamara ntisiduke, kuko yubatse ku rutare. Na we uwumva ayo majambo mvuze ntayakore, azomera nk’ikijuju ciyubakiye inzu ku musenyi, imvura ikagwa, imivo igatemba, ibivumbuzi bikisuka kuri nya nzu, na yo igasenyuka, agasigara yifumbereje.»


Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :