IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Indwi y’9 yo mu mwaka : ku wa gatandatu (Années impaires)

Indwi y’9 yo mu mwaka : ku wa gatandatu (Années impaires)

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca Tobito (12, 1.5-15.20)

Muri irya misi, Tobito ahamagara umuhungu wiwe amubaza ati: «Mbe uyo mweranda yaguherekeje twomuha iki? Baraheza bamuhamagarira ahiherereye, bamwinginga kwakira igice c’ivyo bari bazanye vyose. Bari bonyene, wa musore ababwira ati: «Nimuhezagire Umukama w’ijuru, mumuninahaze izuba ryaka, kuko yaberetse ikigongwe ciwe. Nivyaba ivyo abami bakora ari akamizwe n’ingoma, ivyo Imana ikora vyo ni ukubishira ahabona, tukabitangaza. Erega, n’aho igisabisho kijanye n’ukwisonzesha ari ciza, ugufasha abarushwa ko gusumba inzahabu n’ayandi matungo yose. Nkako, ugufasha abakene kurakinga urupfu, guhanagura ibicumuro, kugatanga ikigongwe n’ubuzima budahera. Ariko, abakora icaha bagacumura, ni bo baba biyishe. Ngira ngo ndababwire ukuri, ntihagire ico ndabahisha. Aho wasenga wiyuha iryosozi, uhamba abapfuye, aho waheba udufungurwa, abapfuye ukabahisha ku mutaga kugira ngo ubafube bugorovye, igisabisho cawe ni jewe nagishikiriza Umukama. Imana yarakugerageje, kuko yabona ko uyishiriye mu buryo. Ubu Umukama yandungitse kugukiza. Sara na we, umukazana wawe ndamukize igishetani. Ndi Umumarayika Rafaheli, umwe wo muri ba bandi indwi batabanduka imbere y’Umukama. Ubu harageze ko nosubira ku wantumye. Mweho, nimuhezagire Imana kandi nimuyage ibitangaza vyose yabagiriye.»

IZABURI Tb 13, 2, 6, 7, 8def

Icit.: Uri mukuru cane, Mukama!
         Uzokwama uriho.

Umukama ni we ahana akongera agakiza,
ni we ahenurira mu nyenga y’umuriro,
akongera akadukingira rwa rupfu rw’akagirire;
nta n’umwe amucika.

Nimwaba mwigaruriye kuri We n’umutima wanyu wose,
ngo murangure ukuri mu maso yiwe,
azokwigarurira na we kuri mwebwe,
ntazobahisha inyonga ziwe.

None rero, nimuzirikane ivyo yabagiriye,
mumuyage mwongere mumukengurukire;
muhezagire Umukama Nyenubutungane,
mushemeze Umwami yamaho!

«Nimugaruke, mwa bononyi,
nimurangure ibitunganye imbere yiwe:
ni nde yomenya ko yobashima akabagirira, ikigongwe!»

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Uragahezagirwa, Mana Data, Mukama w’ijuru n’isi,
kuko wamenyesheje abatobato ibitangaza
vy’Ubwami bwawe!

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (12, 38-44)

Yezu yongera kubwira abigishwa biwe mu nyigisho ati: «Muririnda abigisha bakunda kwambara imitamana iremvye, kugirwako bwakeye ku mbuga ahabona, kwicara ku ntebe z’imbere mu masinagoga, kwitanganiza imbere mu batumire, bakongera bakarya utuntu tw’abapfakazi, bakivugisha ibisabisho birebire; urubanza bazocirwa ni agahambaye.»
Hanyuma, Yezu yicara imbere y’ishinguriro ry’amaturo y’igisengero, araba aho ishengero ritereramwo ibiceri, abakungu benshi batereramwo menshi. Haza umupfakazi w’umurushwa atereramwo udusenge tubiri. Buno nyene, Yezu akebura abigishwa biwe, arababwira ati: «Ni ukuri ndababwiye: urya mupfakazi yabarushije bose. Abandi bose bashizemwo umusesekara, ariko we yakoze mu bworo bwiwe, yatanze itunga ryiwe ryose, ivyomutunze vyose.»


Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :