IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Indwi y’9 yo mu mwaka : ku wa gatanu (Années impaires)

Indwi y’9 yo mu mwaka : ku wa gatanu (Années impaires)

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca Tobito (11, 5-17)

Ana, nyina wa Tobiya, yama aja kwicara ku nzira, ku gatumba gakirurutse, yeraguza araba ko umwana wiwe yorenguka. Aho amuboneye akirenguka, yaciye amumenya, aca yiruka kubibwira umugabo wiwe, ati: «Ndabonye wa muhungu wawe, arahindukiye!»
Wa musore yari yaherekeje Tobiya yari yamubwiye, ati: «Niwashika, urasenga Umukama Imana yawe, umukengurukire. Kandi uraca wegera so mugwane mu nda, umutsirite ku maso ya ndurwe ya ya fi. Amaso yiwe azoca asubira kubona buno nyene; so azoca asubira kubona izuba, akanyamuneza kamwuzure.»
Ya mbwa yari yabaherekeje ni yo yitangiye gushika, izungagiza umurizo yerekana ko ihimbawe. Ya mpumyi ica irahaguruka, iriruka, igenda iradandabagirana. Araheza umusuku amufata ukuboko amujana gusanganira umuhungu wiwe. Baraheza bagwana mu nda. Umugore wiwe agira kuno nyene, baraheza baranezerwa n’amosozi arakoroka. Ntawasubiye kwicara batabanje gusenga no gukengurukira Imana.
Araheza Tobiya afata ya ndurwe ya ya fi, ayitsirita ku maso ya se. Inusu y’isaha iheze, kuri ya maso hakoroka ibintu vy’ibivuvu vyera, bisa n’ibibarara vy’amagi. Umwana wiwe arabifata abikura ku maso yiwe, buno nyene se aca arakanura. Abari aho bose, we n’umugore wiwe, be n’abo bazinanyi bose, baca baninahaza Imana. Wa mutama Tobito na we avuga ati: «Ndaguhezagiye, Mukama Mana y’Israyeli, kuko wari wanteye amaganya hanyuma urankiza. Ubu ndiko ndabona umuhungu wanje Tobiya.»

IZABURI 145 (146) 1-2, 7, 8-9a, 9b-10a

Icit.: Ninahaza Umukama, se mushaha wanje.

Ninahaza Umukama, se mushaha wanje,
nshaka kuninahaza Umukama mu buzima bwanje bwose,
nshaka gucurarangira Imana yanje igihe nkidundega.

Umukama acira urubanza impahazwa,
agaburira abashonje,
nayo ababoshwe akabakura mu ngoyi.

Umukama ahumura impumyi,
agorora abahetamye,
nayo ba kavantara akabahagarikira.

Umukama arwanira abapfakazi n’impfuvyi,
nayo abantu b’intungane akabakunda.
Umukama azohora ku ngoma.

INKURU NZIZA

Aleluya, Aleluya.

Amajambo yawe, Mukama, ni akezamutima.
akaba umuco utuboneshereza.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (12, 35-37)

Yezu ariko arigisha mu gisengero agira ati: «Abigisha bavuga bate ko Kristu ari mwene Dawudi? Ni Dawudi ubwiwe, yohejwe na Mutima Mweranda, avuga ati: Umukama yabwiye Umukama wanje ati: Vyagira  iburyo bwanje gushika nshire abansi bawe munsi y’ibirenge vyawe. Dawudi we nyene amwita Umukama, none yoba umwana wiwe ate?» Na ryo rero ishengero ryamwumvirana akanyamuneza.


Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :