IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Indwi ya 10 yo mu mwaka : ku wa kane (Années impaires)

Indwi ya 10 yo mu mwaka : ku wa kane (Années impaires)

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mw’Ikete rya kabiri Umutumwa Pawulo andikiye Abanyakorenti (3, 15-4, 1-6)

Ncuti zanje,
Gushika n’ubu, iyo basoma ivya Musa, icitwikiro kiguma mu mishaha yabo. Ariko, igihe umuntu ahindukiriye Umukama, niho ico citwikiro kihava. None rero Umukama ni we Mutima; bisubiye, ahari Mutima w’Umukama, ni ho imwidegemvyo uba. Tweho, abasuku b’Isezerano rishasha,  ntidutegerezwa gushira icitwikiro mu maso nka Musa; turerekana twese ubuninahazwa bw’Umukama, kandi twama duhinduka mu gashusho kiwe mu kwama turushiriza kuninahazwa kubera Umukama ari we Mutima adukoreramwo.
Ni co gituma, muri ubwo butumwa twahawe ku kigongwe mana idufitiye, ntidutirigana, ntiduterwa n’isoni ngo dukore twidohora, ntitudenda mu bugunge mu gufudika ijambo ry’Imana, ariko ukugaragaza ukuri ni ko kudutuma twishima ngo umuntu wese atwagirize imbere y’Imana. None rero, inkuru nziza niyanyegezwa, iranyegezwa abazimiye, bamwe nyene ikimana c’iyi si cazimije ivyiyumviro, kugira ngo ntibabonesherezwe n’umuco w’Inkuru nziza y’ubuninahazwa ya Kristu, We gashusho k’Imana. Erega, si twebwe twivugira, ariko twigisha Kristu Yezu, ko ari we Mukama; tweho tuvuga ko turi abasuku banyu ku bwa Yezu. Imana yavuze iti: «Ahahora umwijima, umuco n’uhakire», ni yo yatsa mu mishaha yanyu ngo iboneshereze ubumenyi bw’ubuninahazwa bw’Imana busayangana mu nyonga za Yezu Kristu.

IZABURI 84 (85) 9ab.10, 11-12, 13-14

Icit.: Ubuninahazwa bw’Umukama
         buzoba kw’isi yacu.

Hinge numvirize ivyo Umukama Imana agira avumere:
avumera amahoro y’igihugu ciwe:
nangwa abubaha Umukama bari hafi yo gukira,
hanyuma ubuninahazwa bwiwe bube kw’isi yacu.

Urukundo n’agatima k’ibanga bigendane,
amahoro n’ubutungane bihane ikaze;
umudahemuka azokwamuka kw’isi,
intungane imanuke iva mw’ijuru.

Umukama niyatugabira ingabirano ziwe,
isi izoca irondoka;
ubutungane buzomuja imbere,
amahoro na yo amuherekeze.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Nyumvisha amabwirizwa yawe, Mukama, maze
ndayazigame, ndayarangure n’umutima wanje wose.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (5, 20-26)

Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe n’ishengero ry’abantu ati: «Nimutarusha ubutungane abigisha n’Abafarizayo, ntimuzogeza ikirenge mu Bwami bw’ijuru. Mwarumvise ivyabwiwe ba sokuru, ngo: Ntimwice; uwuzoramuka yishe bizomuhama ku rubanza. Nanje rero ndababwiye nti: Uwuzoramuka agiriye ishavu mugenziwe, azobibazwa mu rubanza: na we uwuzokwita uwundi ikirēre, bizomukwega imbere ya sentare; amwise naho umusazi, azotabwa mu nyenga y’umuriro.
Niwaza rero guhereza ishikanwa ryawe ku ruhimbi, ariko ukibuka ko mugenzawe agufitiye akajirya, uraca usiga rya shikanwa ryawe ngaho nyene imbere y’uruhimbi, uheze ugende musubize hamwe na mugenzawe, uhejeje ugaruke guhereza ishikanwa ryawe.
Subiza hamwe ningoga n’uwo mushize kubiri, mugifatanije akayira, kugira ngo ntahave agushira umucamanza, na we agushire mu ntahe, hanyuma bahave baguta mw’ibohero; ni ivy’ukuri ndabikubwiye, n’isenge utayishuye ntuzovayo.»


Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :