IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Indwi ya 10 yo mu mwaka : ku wa gatandatu (Années impaires)

Indwi ya 10 yo mu mwaka : ku wa gatandatu (Années impaires)

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mw’Ikete rya kabiri Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (5, 14-21)

Ncuti zanje,
Iyo twiyumvirive ko umwe yapfiriye bose, bigatuma abandi bose bapfa, urukundo rwa Kristu ruca rudufata. Ni ivy’ukuri, Kristu yapfiriye bose kugira ngo abazima ntibabe bacigungana ubuzima bwabo, ariko babuture uwabapfiriye akongera akazuka.
Ni co gituma kuva ubu, ata muntu n’umwe tukimenya ku bw’abantu gusa. N’aho twoba twaramenye Kristu nk’uko amaso amutwereka, ubu noneho si ko tukimumenya. Nihaba hari umuntu ari muri Yezu Kristu, yabaye ikiremwa gishasha, ivya kera vyahise, havutse umuntu mushasha. Ivyo vyose rero biva ku Mana yatwuzurije na yo ku bwa Kristu, ikadushinga ibanga ryo kuyuzuriza n’abandi. Nka ko nyene, Imana ni yo yatumye abantu b’isi buzura na yo muri Kristu, ikibagira ibicumuro vyabo, ikongera ikadushiramwo ijambo ry’ubwo bwuzure.
None rero, ubu duserukira Kristu, vyongeye Imana yo nyene ni yo ibashikiriza impanuro iciye kuri twebwe. Ni co gituma tubasavye kw’izina rya Kristu: emere babuzurize n’Imana. Uwutigeze amenya igicumuro, Imana yamwitiranije n’igicumuro c’abantu kubera twebwe, kugira ngo kubera We, dusangire ubutungane n’Imana.

IZABURI 102 (103) 1-2, 3-4, 8.10, 11-12

Icit.: Umukama ni We Nyenimbabazi,
         ni Munyakigongwe.

Himbaza se mushaha wanje Umukama,
maze n’amagara yanje yose aninahaze Izina ryiwe ryeranda;
himbaza se mushaha wanje Umukama,
maze ntihagire ico wibagira mu vyiza vyiwe.

Ni We akurekurira ibicumuro vyawe vyose.
ni We agukiza indwara zose;
ni We akugarurira ku cobo,
ni We agutuma uhagatirwa n’urukundo n’igishika.

Umukama ni We Nyenimbabazi, ni Munyakigongwe,
ntakaza ishavu, yuzuye urukundo;
uko ducumura, si ko aduhana,
uko tumutuka, si ko adusubiza.

Nk’uko isi ataho ihwaniye n’ijuru,
ni ko n’urukundo rwiwe rurengeye abamwubaha;
nk’uko ubuseruko buri kure y’uburengero,
ni ko adushira kure y’akabi kacu.

INKURU NZIZA

Aleluya, Aleluya.

Tegurira umutima wanje imihango yawe,
ku buntu bwawe unyereke amategeko yawe.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (5, 33-37)

Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe n’ishengero ry’abantu ati: «Mwarumvise iryabwiwe ba sokuru ngo: Ntuzorahire ikinyoma, ariko urakorera Umukama ivyo wamuraganiye». Eka jeho ndababwiye kutarahira namba, ryaba ijuru, kuko ari icicaro c’Imana, yaba isi, kuko ari urwuririzo rw’ibirenge vyayo, yaba na Yeruzalemu, kuko ari igisagara c’Umwami mukuru. Nturahire umutwe wawe, kuko ata n’agashatsi kawo na kamwe wobwira ngo kere canke kirabure. Imvugo yawe n’ibe “Ego, ego”canke “Oya, oya” . Ivyongerako ibiva kuri Sekibi.»


Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :