IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Indwi ya 11 yo mu mwaka : ku wa gatatu (Années impaires)

Indwi ya 11 yo mu mwaka : ku wa gatatu (Années impaires)

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


IGISOMWA CA MBERE 

Ivyo dusoma mw’Ikete rya kabiri Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (9, 6-11)

Ncuti zanje,
Uwubiba bike azokwimbura bike, uwubiba vyinshi azokwimbura vyinshi. Umwe wese n’atange ico yiyumviriye ku mutima, ntabitangane amarira canke agahato, kuko Imana ikunda uwutangana akamwemwe. Erega, Imana ishobora kubasasagariza ivyiza vyinshi, ngo mwamane imisi yose muri vyose ivyo mukeneye vyose, maze musagarare mu bikorwa vyiza vyose, nk’uko vyanditswe ngo: «Yaragabanirije aboro ku vyiwe, ubutungane bwiwe bwamaho imyaka yose.» Uwutabaza umubivyi imbuto n’umukate wo gufungura azobatabaza namwe imbuto, agireko ayisesekaze, kandi azogwiza ivyavuye ku butungane bwanyu. Mumaze kuba abatunzi muri vyose, muzoshobora gutanga mutitangiriye itama, ivyo mwakoze bigatuma bashimira Imana.

IZABURI 111 (112) 1-2, 3-4, 9

Icit.: Hahiriwe umuntu yubaha Umukama.

Hahiriwe umuntu yubaha Umukama,
akorana akanyamuneza amabwirizwa yiwe;
uruvyaro rwiwe ruzoba rurangiranwa mu ntara,
umuryango w’aberanda uzohezagirwa.

Ubutunzi n’ubukire biri mu nzu yiwe,
ubutungane bwiwe buzorama imyaka n’imyaka;
mu mwijima ni we muco w’abantu b’intungane,
akagira impuhwe, ubushikirane n’ubutungane.

Ingene atabara aboro nta wovyigana.
ubutungane bwiwe buzorama imyaka n’imyaka,
ububasha bwiwe ni rurangiranwa.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Nyigisha, Mukama, inzira yawe;
undǒngōre mu kuri kwawe.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (6, 1-6.16-18)

Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe n’ishengero ry’abantu ati: «Nimureke kwerekana ubwiza bwanyu mu maso y’abantu, kugira ngo babashime; ahandi ho, So wanyu wo mw’ijuru nta mpera azobaha.
Niwagira ico uhaye umurushwa ntukigire ururirimbo, kumwe abibara uko batari bagira mu masinagoga be no mu mayira, ngo abantu babaninahaze; ni ukuri ndabibabwiye, impera yabo baramaze kuyironka. Weho rero, niwagira ico upfumbatishije umworo, ukubamfu kwawe ntikuze kumenye ico ukuryo kugize, kugira ngo ico utanze kigume mu mabanga; So wawe abona ikimizwe n’ingoma izokigusubiza.
Nimwasenga, ntimugire nk’abanyabwishime bakunda gusengera ahabona, mu masinagoga no mu mu mayirabiri ngo ibantu bababone. Ni ukuri ndabibabwiye, impera yabo baramaze kuyironka. Weho rero, niwashaka gusenga, injira haruguru hiherereye, wugare urugi, uheze usenge So wawe ari ahiherereye; So wawe abona ikitaboneka azobikwishura.
Nimwisonzesha, ntimwijirwe nk’uko abanyabwishime bagira, bakinyankabiranya mu maso, kugira ngo abantu babone ko bisonzesheje; ni ukuri ndabibabwiye, impera yabo baramaze kuyishikira. Weho rero, niwisonzesha, inogereze mu mutwe, wiyoge no mu maso, abantu ntibamenye ko wisonzesheje, ariko bimenywe gusa na So wawe ata kimusoba; So wawe abona ibiri mu mpisho azobiguherako impera.»


Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :