IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (55, 10-11)
Ng’iri iryavumerewe n’Umukama:
Nk’uko imvura n’ikime bimanuka biva mw’ijuru ntibisubireyo bitavomeye isi, bitayimejeje ngo bikuze ibiterwa, kugira ngo ihe umubivyi imbuto n’indya nziza, ni ko n’ijambo rivuye mu kanwa kanje ritangarukako ritaranguye ico ryatumwe.
IZABURI 33 (34), 4-5, 6-7, 16-17, 18-19
Icit.: Aberanda, Imana irabakiza
umwitwarariko wose.
Mushire hamwe dushemeze Umukama,
Duhwanire guhaya izina ryiwe.
Nirukira Umukama akantabara,
akamara ubwoba bwose mfise.
Bane uweza amaso Umukama arahimbarwa,
ntazokwigera ateterwa.
Hari umurushwa yatabaje Imana,
iramwumvira imukiza amaganya yose.
Umukama aserukira gutikiza inkozi z’ikibi,
ngo ntizibe zikirangwa kw’isi.
Umukama ahoza ijisho ku batunganye,
akama ateze ugutwi ico bamutakambira.
Barasaba Umukama akabumvira,
akabakiza umwitwarariko wose.
Umukama yama yiyegereza abatuntuye umushaha,
akaremesha abó umutima wagurutse.
INKURU NZIZA
Ijambo ryawe ni ukuri, Mukama,
itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.
Umuntu ntatungwa n’indya gusa,
aratungwa riho n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana.
Ijambo ryawe ni ukuri, Mukama,
itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (6, 7-15)
Muri irya misi,
Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Mu gusenga, ntimuvuge menshi nk’abapagani, bibwira ko bumvirwa iyo bagwije amajambo. Ntimugire nka bo, kuko So wanyu azi ivyo mukenye mutarigera mubimusaba.
Mweho, murasaba mutya:
Dawe wa twese uri mw’ijuru,
izina ryawe nirininahazwe,
ubwami bwawe nibuze,
ivyo ushaka bigirwe
kw’isi nko mw’ijuru.
Uduhe ivyokurya bidukwiye uyu musi,
uturekurire ibicumuro vyacu,
nk’uko natwe turekurira abaducumuyeko.
Ntudutererane ibitwosha nabi,
ahubwo udukize akabi.
Nkako, nimwarekurira abandi ibicumuro vyabo, So wanyu wo mw’ijuru namwe azobarekurira. Ariko, nimutarekurira abandi, na So wanyu ntazobarekurira ibicumuro vyanyu.»