IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Indwi ya 3 yo mw’Ikarema : ku wa gatatu

Indwi ya 3 yo mw’Ikarema : ku wa gatatu

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ukwibutsa Amategeko (4, 1.5-9)

Muri irya misi,
Musa yabariye ishengero ry’Abanyisrayeli ati: «None rero, yemwe Banyisrayeli, nimwumvirize amategeko n’ingingo ngira mbashikirize, muheze mubikurikize, niho muzobaho mukinjira mu gihugu Umukama Imana ya ba sogokuruza yabahaye, kikabegukira. Ehe, nk’uko Umukama Imana yanje yabintegetse, ndabigishije amategeko n’ingingo, kugira ngo mubirangure muri ca gihugu mugiye kwinjira ngo mucegukire. Ni uko rero, muze mubizigame, mubikurikize, bizobaronkera ubwitonzi n’ubwenge imbere y’ayandi makungu. Umusi bumvise ayo mategeko yose, bazotangara bati: “Ni ukuri, nta kindi gihugu gitunze abitonzi n’incabwenge nk’iki.”
Mbega, hari igihugu gifise imana iri hafi yaco nk’uko Umukama Imana yayacu aba hafi yacu, iyo tumwambaje? Canke, hari igihugu gifise amategeko n’ingingo bitunganye nk’iri tegeko nshize imbere yanyu uyu musi? Ariko rero, itegereze: mube maso, mwoye kwibagira ivyo amaso yanyu yiboneye, ntihagire na rimwe ivyo biva mu mishaha yanyu. Muravyigishe riho abana banyu n’abuzukuru banyu.»

IZABURI 147 (147B), 12-13, 15-16, 19-20

Icit.: Gihigu c’Imana,
         shemeza Umukama wawe!

Yeruzalemu, igine Umukama,
nawe Siyoni, shemeza Imana yawe!
Ni we yashimangiye ibikingi vy’ibirimba vyawe,
akaguhezagirira abana bawe.

Ni we arungika ijambo ryiwe kw’isi,
rigaheza rikagenda riranyaruka;
ni we ayonza urubura nk’ubwoya bw’intama,
agakunkumura amarekano y’amababi nk’umunyota.

Ni we yamenyesheje Yakobo ijambo ryiwe,
agashiikiriza Israyeli amabwirizwa yiwe n’ingingo ziwe.
Nta kindi gihugu na kimwe yagiriye ben’uko,
nta kindi gihugu na kimwe camenye ingingo ziwe.

INKURU NZIZA

Ijambo ryawe ni ukuri, Mukama,
itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.

Hahiriwe abazigama ijambo ry’Imana,
mu mutima mwiza w’umwete;
bagaheza bakagira ico bimarira kuko bahozako.

Ijambo ryawe ni ukuri, Mukama,
itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yasikirijwe na Matayo (5, 17-19)

Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Ntimugire ngo nazanywe n’ugukura Itegeko canke Abahanuzi. Sinazanywe n’ukuzimanganya, naje gushitsa. Kuko ndababwiye n’ivy’ukuri, ijuru n’isi bikiriho, nta n’akadome, nta n’akarongo bizova mw’Itegeko, vyose bitaranguwe. Uwuzorenga ibwirizwa rimwe no muri ayo mategeko kandi akigisha abandi kugira nka we, azogirwa uwanyuma mu Bwami bw’ijuru; ariko uwuzoyakora akayigisha, uyo azogirwa mukuru mu Bwami bw’ijuru.»


Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :