IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Daniyeli (3, 25.34-43)
Muri irya misi, Hazariya yasavye Umukama ati: «Mukama Mana yacu, turagusavye kubera izina ryawe, ntuduhebe akagirire, kandi ntusambure isezerano ryawe. Ntureke kutugirira imbabazi, kubera Aburahamu wa munywanyi wawe na Izahaki wa musavyi wawe na Israyeli wa mweranda wawe; wari wabemereye noneho ko abuzukuruza babo bazongana inyenyeri zo kw’ijuru n’umusenyi wo ku nkombe y’ikiyaga.
Kuko, Mukama, mu ntara zose ni twebwe twabaye bato, mbere n’ubu bwa none, kw’isi yose twamaramajwe n’ibicumuro vyacu.
Ubu nta mukuru, nta muganwa, nta muhanuzi, nta shikanwa, nta mperezwa, nta mibavu, eka nta n’ikibanza c’ukuguhererezamwo ivyimburwa vyacu kikiriho ngo dushobore kuronka ikigongwe cawe. Mugabo, twakire kubera yuko umutima wacu wigaye, ubwenge bwacu nabwo bukicwa n’ibimaramare. Kumwe kw’ishikanwa ry’intama n’impfizi, kurya kw’ibihumbi vy’imyagazi inuze, n’abe ari ko imperezwa yacu imera imbere yawe uyu musi, ikunezereze, kuko abakwizeye ataho bigera bateterwa. Ubu naho turagukwirikiye n’umutima wacu wose, turaguhaye icubahiro, mbere turondera inyonga zawe. Ntutureke ngo tumaramare, dufatane ubuntu n’ikigongwe cawe cinshi. Uturokoze ibitangaza vyawe, wongere uhe ubuninahazwa izina ryawe, Mukama.»
IZABURI 24 (25) 4-5, 6-7, 8-9
Icit.: Ibuka, Mukama, urukundo rwawe.
Ntabara, Mukama, undangire inzira y’iwawe,
uranyigisha inzira zawe.
Urantumbereza ukuri, uranyigisha,
ni Wewe Mana izonkiza.
Gira wibuke imbabazi zawe, Mukama,
wibuke n’urukundo rwawe, kuko ari ivya misi yose.
Nk’uko urukundo rwawe rwamaho,
abe ari ko unyibuka, Mukama.
Ese ubutungane n’urukundo vy’Umukama!
Umukama yama agarura abazimiye.
Abatobato abatumbereza ubutungane,
abicisha bugufi abigisha inzira yiwe.
INKURU NZIZA
Urakaninahazwa, Kristu,
wewe Jambo ryamaho ry’Imana nzima.
Umukama yavuze ati: «Sinshaka urupfu rw’umunyakabi;
ico nshaka n’uko yokwisubirako, akabona kuramba.»
Urakaninahazwa, Kristu,
wewe Jambo ryamaho ry’Imana nzima.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (18, 21-35)
Muri irya misi,
Petero yegereye Yezu amubaza ati: «Mukama, mugenzanje ancumuyeko, nzomurekurira kangahe? Gushika ku ndwi?» Yezu na we ati: «Sinkubwiye gushika ku ndwi, ariko kugeza kuri mirongo indwi ku ndwi.
Ni co gituma Ubwami bw’ijuru busa n’umwami yagomba kwishuza abasuku biwe. Ngo abe agitangura, bamuzanira uwari amuheraniye amatarenta ibihumbi cumi. Nya musuku ngo abure ico yishura, shebuja ategeka ko bamugurisha we n’umugore n’abana, be n’utwo atunze twose, abe yishuye rero ivyo aheranye. Nya musuku yikubita imbere yiwe, amutakambira ati: “Mukama, ntenyenyera, nzokwishura ivyawe vyose.” Shebuja rero bimutera ikigongwe, aramurekura amuhebeye n’umwenda yari amufitiye.
Uwo musuku ngo ave hano, ahura n’umwe muri bagenzibe amufitiye amadenariyo ijana. Aca amugwa mu kanigo, aramukamvya ati: “Ishura ivyo uheranye vyose.” Uno na we aca aramupfukamira, aramutakambira ati : “Ntenyenyera nzokwishura.” Uwundi na we aranka, mbere aca aja kumushirisha mu ngoyi, umwanya atarishura umwenda yariye.
Bagenziwe ngo babibone, birabababaza cane, baca baja kwiganira shebuja ivyabaye. Na we aca aramuhamagaza, amubwira ati: “Wa musuku w’inkozi y’ikibi, umwenda wose wari umfitiye nawukurekuriye kuko wantakambiye; none weho, ntube wagirira imbabazi mugenzawe nk’uko nanje nazikugiriye?” N’ishavu n’akantu, shebuja amurekurirako abantu biwe, baramuhuragura umwanya atarishura umwenda wiwe wose.
Uko ni ko na Data ahanganye mw’ijuru azobagira nimutarekurira abandi bimwe bishemeye.»