IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (20, 28-33)
Muri irya misi,
Pawulo yabariye abakurambere b’Ekleziya y’i Efezi ati: «Ubu rero nimwitegereze, mwirinde mwebwe nyene hamwe n’ubusho Mutima Mweranda yabashinze ngo mububere abungere, muragire Ekleziya y’Imana ari yo Ekleziya yaguzwe amaraso y’Umwana wayo bwite. Ndazi ko maze kugenda, hazokwaduka abantu b’ibirēre basa n’amabingira mu busho ntibabubungabunge. Kandi no muri mwebwe, hari abazokwadukana amajambo mabi bakageza gukwegera abigishwa mu kabi kabo. Muravyitega rero mwibuke ko namaze imyaka itatu yose ndabakebura ijoro n’umutaga, nkabigirana amarira mbwira umwe wese muri mwebwe. Ubu ho rero ndabasize mu minwe y’Umukama n’ijambo ryiwe ry’ikigongwe rishobora kubaremesha n’ukubagira abaragwa mu beranda bose.
Mu vy’amafaranga, inzahabu n’ivyambarwa, nta we narenganije. Ubukene bwanje n’ubw’abagenzi banje bwamazwe n’aya maboko: ni ico mwiyiziye namwe. Naraberetse neza ko mu gufasha abakene mwokwigora nkanje, tukibuka amjambo y’Umukama Yezu yagize ati: “Ukuronka kurutwa n’ugutanga”.»
Amaze kuvuga ayo majambo arapfukama hamwe na bo. Barasenga bose. Ni ho bose baturikisha bakarira. Bahejeje bagwa mu nda Pawulo, nk’abakundana. Icabarya mu nda ni ya majambo yari yababwiye ngo: «Ntimukinkubita ijisho.» Barahava rero baramuherekeza gushika ku bwato.
IZABURI 67 (68) 29-30, 33-34-35a, 35b-36
Icit.: Mwa ntara zo kw’isi yose.
nimuririmbire Imana yanyu!
Canke: Aleluya.
Mana yacu, ganza, uri intwari,
komeza ivyo wadukoreye,
kuva ku ngoro yawe y’i Yeruzalemu;
abami bazokugana, baguture amashikanwa.
Mwa ntara zo kw’isi, nimuririmbire Umukama,
mucurarangire Uwakaka kw’ijuru rya kera na rindi;
ng’uyo asemerera n’ijwi ry’intwari:
rimbuke mwemere ububasha bw’Imana.
Ubwiza bwayo bwibonekeza muri Israyeli,
ububasha bwayo na bwo bukibonekeza mu bicu.
Eka bane Imana irateye akoba mu Ngoro yayo;
ni yo Mukama, ikaba ari yo Imana y’Israyeli,
iha abantu bayo ubukomezi n’ubutwari.
Imana iragahezagirwa!
INKURU NZIZA
Aleluya.
Umukama yavuze ati: «Mutima Mweranda azobigisha
vyose,
yongere abibutse ivyo nababwiye vyose.»
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (17, 11b-19)
Muri irya misi,
Yezu yariko arasenga, ahanga ijuru, avuga ati: «Dawe mweranda, n’ugumye mw’izina ryawe abo wampaye, kugira ngo babe umwe nkatwe. Aho nari kumwe na bo, narabazigamye mw’izina ryawe. Abo wampaye narabatunze, kandi nta n’umwe muri bo yatakaye, atari uwahariwe gutakara, kugira ngo iryanditswe ritahe. Yamara ubu ndaje iwawe, kandi mvuga ntyo nkiri kwMsi, kugira ngo akanyamuneza kanje kabuzure. Narabahaye ijambo ryawe, vyongeye isi yarabanse kuko batari abayo, nk’uko nanje ntari uw’isi. Singusavye ngo ubakure kw’isi, ariko ngo ubarinde akabi. Si ab’isi, nk’uko nanje ntari uw’isi.
Bagire beranda mu kuri, kuko ijambo ryawe ari iry’ukuri. Nk’uko wantumye kw’isi, ni ko nanje nabatumye kw’isi. Kandi narakwituye ku bwabo, ngo na bo bakwiture mu kuri.»