IMANA NI NZIZA

Accueil » 2017 » juillet

Archives Mensuelles: juillet 2017

Indwi ya 27 yo mu mwaka : ku wa kane (Années impaires)

IGISOMWA CA MBERE 

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Malakiya (3, 13-20a)

Umukama yavuze ati: «Amajambo mwamvuzeko arahambaye.
Ariko muhora mumbaza muti:
‘Ivyo twavuganye kuri Wewe ni ibiki?’
Ng’ibi ivyo mwavuze:
Ugukorera Imana gupfa ubusa.
Ivyo twagize mu kuzigama amabwirizwa yayo
no mu kugendera imbere y’Umukama Nyeningabo twiburaniye,
vyatumariye iki?
Noneho, abishira hejuru ni bo twata abahirwe;
abakora ibibi mbere ni bo baterambere;
baranagerageza Imana bagakira!
Uko ni ko abûbaha Umukama baganiriye.
Ariko, Umukama yarateze amatwi, arabumviriza;
imbere yiwe, baca bandika igitabu c’ukuzigama
icibutso c’abamwubaha,
bashira umwizero wabo kw’izina ryiwe.
Niho rero Umukama Nyeningabo yavuga ati:
Bazoba abanje, babe abo niharije jenyene,
kuri urya musi niteguriye.
Nzobagirira imbabazi,
nk’uko umuvyeyi azigirira umuhungu wiwe amukorera.
Niho muzosubira kubona ko hari itandukaniro
hagati y’intungane n’umubisha,
y’uwukorera Imana n’uwutayikorera.
Erega, ng’uyu umusi w’Umukama uraje,
waka nk’itanure.
Abishima n’inkozi z’ikibi bazoba nk’ibishingwe.
Uwo musi wimirije kuza uzobatongora.,
-uko ni ko Umukama Nyen’ingabo avumereye,—
nta n’agashitsi canke agashami uzobasigarana.
Ariko, mweho abubaha izina ryanje,
izuba ry’ubutungane rizobarasirako,
rifise urukiza mu mababa yaryo.»

IZABURI 1, 1 ac.2, 3, 4.6a

Icit.: Hahiriwe umuntu yizigiye Umukama.

Hahiriwe umuntu ataja ku mohe y’abahemu,
agahimbarwa n’amabwirizwa y’Umukama,
akama ayazirikana uko bukeye uko bwije.

Asa n’igiti catewe mu kinyotera,
hageze cama ivyamwa bihimbaye,
amashami yaco ntiyigera ahundagara.

Abahemu bo si uko, haba namba,
eka bameze nk’umuguruka utumukanwa n’umuvaga;
ariko inzira y’aberanda izwi n’Umukama.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Umutima wanje uriteze Umukama,
ijambo ryiwe ni ryo nizeye.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (11, 6-13)

Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Ni nde muri mwebwe afise umugenzi, agiye iwe mw’ijoro, akamubwira ati: Mugenzi, ngurana imikate itatu, kuko iwanje ndariwe n’umugenzi avuye ku nzira, ntagira ico ndamuzimana. Na we uwo ari mu nzu akamwishura ati: Nta co unyigorera, namaze kwugarira kandi twe n’abana turi mu buriri, sinshoboye kuvyuka ngo ndaguhe . Nyene kurarirwa yoshishikara gukomanga; ndababwiye: n’aho atovyuka ngo amuhe kuko ari umukunzi, yovyuka akamuha ivyo akeneye vyose, kuko ariko aramugora.
Nanje ndababariye: Nimusabe, muzoronka; nimurondere muzohambwa; nimwuguruze, muzokwugururirwa. Kuko uwusaba aronka, uwurondeye araronka, na we uwuguruje arugurunrwa. Muri mwebwe, hari umuvyeyi umwana yosaba umukate akamuha ibuye? Yamusaba ifi akamuha inzoka? Yamusaba irigi akamuha akamina? None, ko mwebwe, n’aho muri babi, muzi guha abana banyu ivyiza, So wanyu wo mw’ijuru we yonganya na nde mu guha Mutima Mweranda abamumusaba?»

Indwi ya 27 yo mu mwaka : ku wa gatatu (Années impaires)

IGISOMWA CA MBERE 

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yonasi (4, 1-11)

Kubera ko Imana yagiriye ikigongwe Abanyaniniva, Yonasi rero anyurwa n’ayo magorwa, araheza arashavura. Aratabaza Umukama avuga ati: «Mukama, ivyo si vyo nabuye aho nari nkiri iwacu! Ni co cari catumye mbanza guhungira i Tarashishi; nka ko, nazirikana ko uri Imana Nyenimpuhwe n’ikigongwe, udatwaza bwa rubeya, wama urekurira abantu, ukazira akabi. Ubu rero, Mukama, nanje nkura ku musozi, kuko numva nipfuza gupfa hako mera ntyo.» Umukama  aramwishura ati: « Mbe, ako kikomo ni nyakuri?»
Yonasi aca ava mu gisagara aja kwicara mu buseruko bw’izuba ahubakisha inzu, yigumiramwo, aba ari ho yikinga, araheza atega amaso n’ugutwi icaduka mu gisagara. Niho rero Umukama Imana yameza ikibonobono hejuru ya Yonasi, gikuriraho ngo kimuzanire igitutu, aranamukiza akabi kari kuri we. Ico kibonobono caranezereje rwose Yonasi. Ariko, bukeye umutwenzi ukitse, Imana irekura urunyo ruramunga nya kibonobono, gica kiragaduka. Hanyuma izuba riserutse, Imana irekura umuyaga utema utongora, uturutse mu buseruko; izuba riraheza riturira uruhanga rwa Yonasi, agwa isari. Araheza asaba urwomutwara, ati: «Narembejwe n’ukubaho. Nopfuma mpfa.» Imana ibaza Yonasi iti: «Mbega, ubona ushavurira ukuri, ko ico kibonobono ari co cogutuma kaziriringa?» Aramwishura ati: «Ego cane, narembejwe, nshaka gupfa.» Imana isubizayo iti: «Wewe ubabajwe n’ico kibonobono, kitakuvunye amaboko kandi utagitabiye cagudutse mw’ijoro rimwe, kigaduka muri nya joro nyene. Jewe rero, ni je ntobabazwa na Niniva, ca gisagara kininiya, kibamwo ibimazi ngo ni abantu, barenga ibihumbi ijana na mirongo ibiri, batazi gutandukanya ukuryo n’ukubamfu, bameze nk’ubusho bw’ibikoko?»

IZABURI 85 (86) 3-4, 5-7, 9-10

Icit.: Mukama, ntugira uko ishavu rigize,
         urakundana kandi ntuhemuka!

Ngirira imbabazi, Mukama,
ni Wewe ntabaza rikarinda rirenga.
Hoza umutima w’umusavyi wawe,
ndawerekeje kuri Wewe, Mukama.

Nka ko, Mukama, uri mwiza, uri umunyakigongwe,
ukunda rwinshi abagutabaza.
Shima igisabisho ngushikirije, Mukama,
ntiwiyobagize akajwi kanje gacura intimba.
Nama nkuganyira nzigirijwe,
kuko uhava ukanyumvira.

Abapagani bose bazoza bagusenge, Mukama,
baze baninahaze izina ryawe;
kuko uri agahebuza kandi ugira ibitangaro,
Wewe Mana imwe rudende.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Umukama ni imvugakuri mu majambo yiwe,
Umukama ni mweranda mu bikorwa vyiwe vyose.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (11, 1-4)

Umusi umwe, Yezu yariko arasenga. Ahejeje, umwe mu bigishwa biwe aramubaza ati: «Mukama, twigishe gusenga nk’uko Yohani Batista yavyigishije abigishwa biwe.» Yezu arababarira ati: «Nimwasenga muravuge muti: Dawe, izina ryawe nirininahazwe, ubwami bwawe nibuze. Umusi wose uduhe ivyokurya vyawo. Uturekurire ibicumuro vyacu, nk’uko natwe turekuriye abadufitiye umwenda bose. Kandi, ntuturekure ngo dutsindwe n’inyosha mbi.»

%d blogueurs aiment cette page :