IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Indwi ya 21 yo mu mwaka : ku wa gatanu (Années impaires)

Indwi ya 21 yo mu mwaka : ku wa gatanu (Années impaires)

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


IGISOMWA CA MBERE 

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyatesalonika (4, 1-8)

Benewacu,
Turabinginga tubahanura mu Mukama Yezu: nk’uko twabigishije ingene mutegerezwa kwigenza n’ukunezereza Imana, kandi akaba ari ko mwigenza, nimubirushirizeho cane.
Ni ko, musanzwe muzi ya mabwirizwa twabahaye ku bw’Umukama Yezu uko ameze. Ico Imana ishaka ni uko mwoba beranda: nimwirinde ubushirasoni, umwe wese muri mwebwe n’amenye kuzigama umubiri wiwe mu bweranda no mu cubahiro ntawuzigamemwo inambu y’ivyipfuzo bibi nk’uko abapagani batazi Imana babigira. Ntihagire uwugirira nabi mwenewabo muri ivyo rero, kandi ntihagire uwumugunga, kuko Imana igera ingere ku yindi muri ivyo vyose, nk’uko twamaze kubibabwira n’ukubibemeza. Nka ko na none, Imana ntiyaduhamagariye gushira isoni, yaduhamagariye riho kuba beranda. None rero, uwugáye iyo nyigisho ntaba agaye umuntu gusa, ariko aba agaye Imana nyene, yo yama ibaha Umutima wayo, ari we Mutima Mweranda.

IZABURI 96 (97) 1, 2b, 5-6, 10, 11-12

Icit.: Wewe cabona ca Yezu Kristu,
         n’unezerwe!

Umukama ari ku ngoma!
Isi n’îtārîke!
Amazinga menshi atārîke!
Ingoma yiwe ihagaze ku butungane no ku ngingo.

Imisozi ibonye umwami w’isi yose,
ica ishonga nk’umushashára;
ijuru rihaya ubutungane bwiwe,
intara zose zigaca zimenya ubuninahazwa bwiwe.

Nimwanke akabi,
mwebwe mukunda Umukama,
kuko azigama imitima y’abakunzi biwe,
akagirako akabakura mu vyara vy’ababisha.

Umuco urasira ku mweranda,
umuntu w’intungane na we akibera mu gahimbare.
Mwa beranda, nimuhimbarwe mu Mukama,
nimuhimbaze izina ryiwe ryeranda.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Nimwame mugavye kandi mwiteguye:
kuko mutazi umusi Umwana w’umuntu azozirako.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (25, 1-13)

Muri irya misi, Yezu yaciriye abigishwa biwe yu mugani ati: «Ubwami bw’ijuru buzogereranywa n’abakobwa icumi bafashe amatara baja gusanganira umukwe. Batanu muri abo bari ibijuju, abandi batanu incabwenge. Bano batanu rero b’ibijuju bafata amatara ntibatwara n’amavuta; bano b’incabwenge mu gufata amatara batwarana n’amavuta mu ducupa. Umukwe atevye, bose batangura gutura ingiga, hanyuma barasinzira.
Mw’ijoro hagati, bumva urwamo ngo: “Ng’uyu umukwe arashitse: ingo mumusanganire.” Ba bigeme bose baravyuka, bacana amatara yabo. Bamwe batanu b’ibijuju babarira bamwe b’incabwenge bati: “Nimutugabanirize ku mavuta yanyu, amatara yacu yazimye.” Na bo barabishura bati: “Twohava tubura twese; numugende ku badandaza mwigurire.” Bagiye kuyagura, umukwe arashika, abari aho binjirana na we mu bugeni, baca bugara urugi. Hanyuma rero, ba bandi na bo baraza bati: “Muhanyi, twugururire. Na we arabishura ati: Sindabazi.”
Nimwame maso, kuko mutazi umusi, ntimumenye n’isaha.»


Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :