IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Zakariya (2, 5-9. 14-15a)
Ndaramuye amaso, mbona umuntu afise mu minwe umugozi wo gupima. Ndamubaza nti : « Uroye hehe ? » Aranyishura ati : « Ngiye gupima Yeruzalemu, ngo ndabe uburebure bwaho n’ubwaguke bwaho uko bungana. » Nya mumarayika twavugana yari ahagaze, maze uwundi mumarayika aza kumusanganira. Uwo rero amubwira ati : « Irukanga, genda kubwira uwo musore uti : I Yeruzalemu hazoba nko mu bisagara bitagira inzitiro, kuko hazobamwo isinzi ry’abantu n’amasho menshi. Jeho, — ni ijambo ry’Umukama, — nzohabera uruzitiro rw’umuriro kandi nzohabera ubuninahazwa ndi hagati mu mugoma. Ririmba, himbarwa, wa mwigeme w’i Siyoni we ; raba nje kukugereramwo. Kuri nya musi, ibihugu vyinshi bizogaruka ku Mukama bimwemere ; bizombera igihugu canje bwite nanje nzokugereramwo hagati. »
IZABURI : Jr 31, 10, 11-12b, 13
Icit. : Umukama azotuzigama,
nk’uko umwungere aragira ubusho bwiwe.
Mwa ntara, nimwumvirize ijambo ry’Umukama,
nimurimenyeshe mu mazinga yo hakurya y’ikiyaga :
Uwashwiragije Abanyisrayeli ni we azobakoraniriza hamwe,
abazigame nk’uko umwungere aragira ubusho bwiwe.
Kuko Umukama yacunguye aba Yakobo,
akabakura mu minwe y’ababarushije inguvu.
Bazoshika ku musozi wa Siyoni bavuza impundu,
bazohurumbira ivyiza ry’Umukama.
Abakobwa bazosubira gutambana urweze,
si abana si abatama, bose bazoba mu kanyamuneza ;
nzobakura kugandara, mbajane kuyyina,
nzobahoza, amaganya yabo ahinduke agahimbare.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Nyumvisha amabwirizwa yawe, Mukama, maze ndayazigame,
ndayarangure n’umutima wanje wose.
Aleluya,
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (9, 43b-45)
Aho bose batangarira ivyo akora vyose, Yezu abarira abigishwa biwe ati: «Mweho, nimutege amatwi, mwumvirize neza aya majambo: Umwana w’umuntu aza kugwa mu minwe y’abantu.»
Ariko bo ntibategera iryo jambo, rirabayobeza ubwenge, kandi baratinya kurimusiguza.