IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Indwi ya 31 yo mu mwaka : ku wa gatanu (Années impaires)

Indwi ya 31 yo mu mwaka : ku wa gatanu (Années impaires)

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


IGISOMWA CA MBERE 

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyaroma (15, 14-21)

Ncuti zanje,
Jewe ubwanje ndazi neza ivyanyu, ko ukwanyu nyene mugira ubuntu, mwuzuyemwo ubumenyi bwose, mushobora no guhanurana. Ariko rero, nimba mbandikiye nshira amakenga mbere kuri bimwebimwe, ndabigize nk’uwushaka kubibutsa gusa, nkabigira kubera rya teka natewe n’Imana ry’ukuba umusuku wa Kristu Yezu mu banyamahanga, umushikiriza w’Inkuru nziza y’Imana, kugira ngo abanyamahanga babe ishikanwa rishimwa mu gutagatifuzwa na Mutima Mweranda.
Ndashobora rero kwininahariza muri Kristu Yezu kubera ivyagizwe n’Imana. Nka ko nyene, sinokwubahuka kuvuga ivyo Kristu atankoresheje mu majambo no mu bikorwa, kugira ngo abanyamahanga baze baganduke, kubera ububasha bw’ibimenyetso n’ibitangaro no kubera ububasha bwa Mutima w’Imana. Uko ni ko nahanutse i Yeruzalemu ngashika muri Iliriya ndiko ndarangura Inkuru nziza ya Kristu; ariko, nitwararitse kumenyesha ya Nkuru nziza aho Kristu atari bwavugwe, kugira ngo sinubake kw’itanguriro ryubatswe n’uwundi; maze, bimere nk’uko vyanditswe ngo: «Abatari bwabibarirwe bazobibona, n’abatari bwumve bivugwa bazobitegera.»

IZABURI 97 (98) 1, 2-3b, 3c-4

Icit.: Isi yose yariboneye
         wa Mukiza Imana yaduhaye.

Vyinire Umukama akavyino gashasha,
kuko yagize ivyiza vy’agatangaza;
urukiza turukesha We,
ruva ku kuryo kwiwe kweranda.

Umukama yaramenyesheje intara
yuko ariwe akiza kandi yuko ari we ntungane.
Yaributse ingene yakunze n’ingene atazohemukira
inzu y’Israyeli.

Ba kavantara bose bariboneye
ingene Imana yacu ikiza.
Wa si iyo uva ukagera, komera amashi Umukama,
samiriza akanyamuneza.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Mukama Mana, tworohereze umutima,
kugira ngo turonderane urukundo
amajambo y’Umwana wawe.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (16, 1-8)

Muri irya misi, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Habaye umuntu w’umutunzi yari afise umubwiriza; uno rero baramumuregako ngw’aramusesagurira ibintu. Shebuja rero aramuhamagaza amubaza ati: “Mbega, ivyo nkwumvako ni ibiki? Nyereka rero ingene wandinganirije ibintu, kuko kuva uyu musi utagisubira gutegeka mu vyanje!” Uno mubwiriza na we yiyumvira ati: “Mbe bane nza kubigenza gute, ko databuja ankuye ku co nahora nkora? Nje kurima, numva ata magara; gushera na ho vyontera isoni! Ariko ndabonye noneho ingene nza kubigenza, kugira ngo umusi navuye mu gikorwa canje ndonke abazonsembereza.”
Ahamagara rero umw’umwe mu bari bafitiye umwenda shebuja, abaza uwa mbere ati: “Databuja umufitiye umwenda ungana iki?” Aramwishura ati: “Impange ijana z’amavuta.” Uno mubwiriza na we ati: “Fata ikete ryawe, icara, wandike ningoga mirongo itanu.” Yongera abaza uwundi ati: “Weho umufitiye ibingana iki?” Na we ati: “Ibikemanyi ijana vy’ingano.” Nya mubwiriza amusubiza ati: “Akira ikete ryawe, wandike mirongo umunani.”
Shebuja rero atangazwa n’ubwenge uno mubwiriza w’igisuma yagize; kuko abakurikirana ivy’isi basumvya ubwenge mu vyabo abakurikirana umuco.»


Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :