IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Indwi ya 31 yo mu mwaka : ku wa kane (Années impaires)

Indwi ya 31 yo mu mwaka : ku wa kane (Années impaires)

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


IGISOMWA CA MBERE 

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyaroma (14, 7-12)

Ncuti zanje,
Nta n’umwe muri twebwe ariho ngo yigungane ubuzima, kandi nta n’umwe apfa urupfu rwa wenyene. Iyo turiho, ubuzima bwacu ni ubw’Umukama; nitwapfa na ho, dupfira Umukama. None, rero tubaho canke dupfa, turi ab’Umukama. Igituma ni uko Kristu yapfuye akisubiza muzima, kugira ngo abe Umukama w’abapfuye n’uw’abazima.
None wewe, ni kuki uhinyura mwenewanyu? Canke, weho ni kuki ukengera mwenewanyu? Erega, twese tuzorenguka imbere y’intahe y’Imana, kuko handitswe ngo: «Nk’uko ndiho, ni ko Umukama agize, ibipfukamiro vyose bizonkubitirwa kandi ururimi rwose ruzoshemeza Imana.» Ni uko rero, umwe wese muri twebwe azokwibarizwa n’Imana ivyo yakoze.

IZABURI 26 (27) 1, 4, 13-14

Icit.: Nzobona Umukama agira neza
         kuri iyi si y’abazima.

Umukama ni we rumuri rwanje, ni we bukiriro bwanje,
notinya nde wundi?
Umukama ni we nkingi y’ubuzima bwanje,
ni nde yompindisha agashitsi?

Hari ikintu nsaba Umukama,
ndagicambirwa:
ni ukuba mu ngoro y’Umukama,
imisi yose y’ubugingo bwanje.

Ndavyemeye, nzobona Umukama agira neza
kuri iyi si y’abazima.
Izigire Umukama, mugumye umutima,
ntimuhugumbwe, nimwitege Umukama.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Ijambo ry’Imana ni rizima, rifise ubukuba,
rikagaragaza inyigisho n’ivyiyumviro biri mu mutima.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (15, 1-10)

Abatozakori n’abanyakabi bahora baza bose aho Yezu ari, ngo bamwumvirize. Abafarizayo rero n’abanditsi baja mu vy’ukwidodomba bati: «Uyu muntu yakiriza yompi abanyakabi akongera agasangira na bo.» Yezu na we abacira uyu mugani ati: «Muri mwebwe, uwogira intama ijana agaheza agatakaza imwe, ntiyorekera mu gahinga zimwe mirongo icenda n’icenda zasigara akaja kurondera imwe yatakara gushika ayitore? Ayitoye, araheza akayiterera ku bitugu yigina, yashika imuhira agahamagara abagenzi n’ababanyi ati: Nimuze tunezerwe, natoye ya ntama yanje yari yatakaye! Nanje ndabibabariye: umusi umunyakabi yigaye, no mw’ijuru hazoba akanyamuneza karuta agaterwa n’aberanda mirongo icenda n’icenda ata kabi biyagiriza.
Canke, none umugore yoba afise amafaranga cumi, atakaje rimwe, yoreka kumurika agakubura mu nzu hose, akarondera ashimitse gushika aritore? Amaze kuritora na ho, aca ahamagara abagenzi n’ababanyi, ati: Nimuze tunezerwe, natoye rya faranga nari nataye! Nanje ndabibabariye: uko ni ko abamarayika b’Imana bazonezerezwa n’umunyakabi umwe yigaye.»


Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :