IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Ku wa 6 Myandagaro : Ukwihindura kw’Umukama, mu mwaka B

Ku wa 6 Myandagaro : Ukwihindura kw’Umukama, mu mwaka B

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


Umusi mukuru cane

Iyo uyu musi mukuru udahuriranye n’umusi w’Imana, barahitamwo ivyo basoma hagati y’igisomwa ca mbere n’ica kabiri. Uhuriranye n’umusi w’Imana, babisoma vyose. Izaburi iguma ari iyo nyene.

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Daniyeli (7, 9-10. 13-14)

Impuzu yiwe yarera nk’urubura

Ndashishikara ndaraba: mbona bateguye intebe, Umutama ayivyagirako. Impuzu yiwe yarera nk’urubura, umushatsi wiwe utyoroye nk’ubwoya bw’intama itagira inenge. Intebe yiwe yaca ibibatsi nk’umuriro kandi ifise imizingo y’ibishirira. Uruzi rw’umuriro rwadudubiriza imbere yiwe. Abamukorera bari injojo n’injojo, na ho imbere yiwe hari hahagaze amajana n’amajana. Bariko baraca imanza ibitabu vyuguruye.
Mu vyo neretswe mw’ijoro, nagize ntya mbona haje uwusa n’Umwana w’umuntu, azananye n’ibicu vyo mw’ijuru. Araheza aregera wa Mutama, baramumushikiriza. Aca ahabwa inganji, icubahiro n’ubwami, kugirango amoko yose, intara zose n’indimi zose zimusenge. Ingoma yiwe ni ingoma izokwamaho, ubwami bwiwe ni ubwami butazotituka.

IZABURI 96 (97) 1-2, 5-6, 9

Icit.: Umukama ari ku ngoma,
         ni We Rudasumbwa asumba vyose.

Umukama ari ku ngoma! Isi n’itārîke!
Kandi amazinga menshi n’atārîke!
Ibicu n’umwiza biramukikije,
ingoma yiwe ihagaze ku butungane no ku ngingo.

Imisozi na yo ngo ibone umwami w’isi yose,
ica irashonga nk’ibishashara.
Ijuru rihaya ubutungane bwiwe,
intara zose zigaca zibona ubuninahazwa bwiwe.

Kuko Wewe, Mukama, uri Rudasumbwa asumba vyose,
ukaba hejuru y’ibigirwamana vyose.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya kabiri ry’Umutumwa Petero (1, 16-19)

Iryo jwi twararyumvise rivuye mw’ijuru

Bakunzi banje,
Erega, hamwe twabamenyesha ububasha hamwe n’amaza y’Umukama wacu Yezu Kristu, ntitwakurikiye imigani yarementanijwe n’incabwenge, ni uko twiboneye imbonankubone inganji yiwe. Nka ko, yahawe n’Imana Se iteka n’ubuninahazwa, hamwe ijwi ry’ubuninahazwa bw’agahore rigiriye riti: «Uyu ni Umwananje nyagukundwa, ni We ampimbara.» Iryo jwi twararyumvise rivuye mw’ijuru hamwe twari kumwe na We kuri wa musozi mweranda.

INKURU NZIZA 

Aleluya, aleluya.

Muri ca gicu gica ibikeke,
ijwi rya Data rirumvikana riti:
«Uyu ni Umwananje nkunda cane:
nimumtege amatwi.»

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na na Mariko (9, 2-10)

Uyu ni Umwana wanje nkunda cane

Umusi umwe,
Yezu atora Petero, Yakobo na Yohani, abajana bonyene ahiherereye ku musozi muremure. Araheza arihindura babona: impuzu ziwe zirakayangana nk’umwerasi wahejeje, bimwe ata mumeshi kw’isi yoshobora kweresha impuzu ukuraho.
Hanyuma, Eliya na Musa barababonekera, baganira na Yezu. Buno rero Petero abwira Yezu ati: «Muhanyi, birahimbaye ko tuba aha: ingo, tugire insago zitatu, rumwe rw’iwawe, urundi rwa Musa n’urundi rwa Eliya.» Ntiyari azi ico yariko aravuga kuko bari bacitse ivutu.
Haza igicu kirabatwikira, muri nya gicu kandi hava ijwi riti: «Uyu ni Umwana wanje nkunda cane, nimumwumve!» Buno nyene, baravye irya n’ino, nta wundi n’umwe babona hamwe na bo, atari Yezu musa.
Bariko baramanuka nya musozi, Yezu arababuza kugira uwo babwira ico bari babonye, Umwana w’umuntu atamaze kwizura mu bapfuye. Na bo bakora uko ababwirije, ariko babazanya bonyene ivyo ari vyo “ukuzuka ava mu bapfuye”.


Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :