IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Indwi ya 1 yo mu mwaka : ku wa kane (Années paires)

Indwi ya 1 yo mu mwaka : ku wa kane (Années paires)

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


IGISOMWA CA MBERE 

Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere ca Samuweli (4, 1-11)

Muri irya misi, Abanyisrayeli bari bashinze insago zabo i Ebenezeri, Abafilisti na bo i Afeki; Abanyisrayeli rero barasohoka ngo batere Abafilisti, na bo baratonda urugamba ngo barwanye Abanyisrayeli. Bamaze gutana mu mitwe, Abanyisrayeli baratsindwa n’Abafilisti: abantu nk’ibihumbi bine baricwa muri urwo rugamba.
Ingabo zishitse mu nsago, abakuru b’Israyeli barabazanya bati: «Igituma Umukama yemeye ko dutsindwa uyu musi n’Abafilisti ni iki? Tugende kurondera Isandugu ry’Isezerano y’Imana yacu, turikure i Silo turizane ngaha, hagati yacu, kugira ngo ridukize ububasha bw’abansi bacu.» Ni uko rero ingabo zituma i Silo ngo zikureyo Isandugu ry’Isezerano ry’Umukama Nyeningabo avyagiye ku bakerubini; bene Heli bompi, Hofuni na Pinehasi, baraherekeza isandugu. Isandugu ry’Umukama rishitse mu nsago, Abanyisrayeli bose baciye batera impundu, isi irāsīra. Abafilisti ngo bumve iyo mpundu, barabazanya bati: «Iyo mpundu batera mu nsago z’Abanyisrayeli ni iy’iki?» Barahava baramenya ko isandugu ry’Umukama ryari ryashitse mu nsago zabo. Bica bibatera ubwoba, bavugana bati: «Imana yashitse mu nsago zabo!» Bati: «Erega turapfuye! Ntaho twari bwabone ben’ivyo. Eka, turapfuye! Ni nde yodukiza mu kudukura mu maboko y’iyo Mana ihambaye? Ni Yo yazaniye Abanyamisiri ivyago bitari bike. Mwa Bafilisti, nimugumye umutima kandi murwane rugabo, kugira ngo ntimube abaja b’Abahebereyi nk’uko bahora ari abaja banyu: mugumye umutima rero kandi murwane rugabo.»
Abafilisti baciye bavyukira rimwe ngo bagende gutera Abanyisrayeli, maze Abanyisrayeli baratsindwa, umwe wese agahungira mu nsago; habaye agatikizo gahambaye, no mu Banyisrayeli hapfa ingabo ibihumbi mirongo itatu. Isandugu ry’Imana rirafatwa mpiri, kandi abahungu bompi ha Heli, Hofuni na Pinehasi, baricwa na bo nyene.

IZABURI 43 (44) 10-11,14-15,24-25

Icit.: Turokore, Mukama,
         kubera urukundo rwawe.

Ubu waradutaye kandi uradutetereza:
ntugiherekeza inteko zacu,
utuma twirukanwa n’abansi bacu,
nayo abatwanka bakatunyaga ata nkomanzi.

Utuma abo dusangiye imbibe badutuka,
baturaba nk’agahabwa kandi badutwenga;
utuma intara zitugira iciro ry’umugani,
ibihugu bitubona bigakutsa agatugu.

Ikangure, ni kuki usinziriye ga Mukama?
Ikangure ntuduhebe akagirire.
Ni kuki utwihisha,
ubwo wibagiye umukazo badutwaje n’ubworo turimwo?

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Umutima wanje uriteze Umukama,
ijambo ryiwe ni ryo niteze.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (1, 40-45)

Umusi umwe, umunyamibembe yegereye Yezu aramutakambira, akubita ibipfukamiro hasi ati: «Mukama, ubishatse wonkiza.» Imbabazi zivyutse, Yezu araramvura ukuboko aramukorako ati: «Ndabishatse, kira.» Buno nyene, imibembe iranyika, aca arakira.
Yezu yamara aca amera nk’uwumuhambarira, aca aramusohora, amubarira ati: «Umenye ntugire uwo ubibwira; genda riho wiyereke umuherezankuka, utange kandi, kuko wakize, ivyo Musa yashinze; ni co kizokwereka igihugu ko wakize.»
We rero yapfuye gusohoka, aca aja mu vyo kubivugira hejuru, n’ugukwiza ivyabaye: kiba ari co mbere kibuza Yezu kuba akigira igisagara yinjiramwo icese. Yaguma ahiherereye mu gahinga, kandi bakava irya n’ino bakamusangayo.


Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :