IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Indwi ya 2 yo mu mwaka : ku wa mbere (Années paires)

Indwi ya 2 yo mu mwaka : ku wa mbere (Années paires)

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


IGISOMWA CA MBERE 

Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere ca Samuweli (15, 16-23)

Muri irya misi, Sawuli amaze gutsinda Abahamaleki, Samuweli yamubwiye ati: «Hinge nkubwire ivyo Umukama yambwiye muri iri joro.» Aramwishura ati: «Ego, yaga.» Samuweli aramubarira ati: «N’aho wigira muto mu maso yawe, mbega ntiwabaye umukuru agaba imiryango y’Israyeli? Umukama ntiyakwimitse ngo ube umwami w’Abanyisrayeli? Umukama yari yagutumye gutera abansi, akubwira ati: Genda ugeseze rwose ba banyavyaha b’Abahamaleki, ubarwanye gushika batikire bose. None rero, igituma utagamburukiye Umukama ni iki? Igituma wagarukiye ku binyagwa ugakora ibibi mu maso y’Umukama ni iki?
Sawuli na we aramwishura ati: «Erega, naragamburukiye Umukama, rwa rubanza Umukama yantumye nararumaze. Narazanye Agagi, umwami wa Hamaleki kandi naragesheje rwose Abahamaleki. Mu binyagwa na vyo, abantu barasobanuyemwo inka n’intama zirusha ubwiza izindi ngo baziherezeko inkuka Umukama Imana yawe i Giligali.»
Samuweli na we aramwishura ati: «Mbega, Umukama ahimbarwa n’imbagwa bamuherezako inkuka, cabure n’ubugamburutsi bw’abumviriza ijwi ryiwe? Erega, ubugamburutsi burasumba inkuka, ubuyoboke bugasumba ibinure vy’impfizi z’intama. Ubugumutsi bungana n’uburozi, ubugaba ni kimwe no gusenga ibigirwamana. Ko wanse ijambo ry’Umukama, Umukama na we yanse ko uguma ku ngoma.»

IZABURI 49 (50) 8-9, 16cb-17, 21, 23

Icit.: Uwukurikira Umukama,
         ni we azoba aninahaje Imana Data.

«Singuhora inkuka zawe,
imbagwa zawe zimpora mu maso:
sinzokwakira ikimasa kiva mu rugo iwawe,
canke impfizi y’impene izokuvira mu ruhongore.

Wiruhiriza iki mu kudondagura amategeko yanje,
ugahoza mu kanwa isezerano ryanje,
ijambo mvuze nturinywe no mu mazi?

Ivyo ko ubikora, nanje nobinuma?
Ugira ngo meze nkawe?
Nzokwagiriza ivyo wakoze, ndabigaragaze.

Umuntu wese anshikanira inkuka y’ukunshimira,
ni we aba aninahaje:
mu mayira yiwe yose,
nzomurangira urukiza ruva ku Mana.»

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Amajambo yawe, Mukama, ni akezamutima,
akaba umuco utuboneshereza.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (2, 18-22)

Umusi umwe, abigishwa ba Yohani n’Abafarizayo bari bisonzesheje. Baraza rero babarira Yezu bati: «Ni kuki abigishwa ba Yohani n’abigishwa b’Abafarizayo bisonzesha, na bo abawe ntibisonzeshe?»
Yezu arabishura ati: «Mbega, abagenzi b’umukwe barashobora kwisonzesha bakiri kumwe n’umukwe? Umwanya bakiri kumwe n’umukwe ntibashobora kwisonzesha. Hazoza imisi bazobaka umukwe, ico gihe rero bazokwisonzesha.
Nta wuremuza ikiremo gishasha umushire w’impuzu, ahandi ho, ikiremo gishasha kirya ya mpuzu ishize, igatabuka ukuruta. Kandi nta wusuka igisama c’imvinyu mu mibindi ishaje, ahandi ho, igisama kirayisavya, imvinyu n’imibindi bagaheba. Imvinyu y’igisama ibuganizwa mu mibindi mishasha.»


Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :