IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Indwi ya 2 yo mu mwaka : ku wa kabiri (Années paires)

Indwi ya 2 yo mu mwaka : ku wa kabiri (Années paires)

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


IGISOMWA CA MBERE 

Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere ca Samuweli (16, 1-13)

Muri irya misi, Umukama yabwiye Samuweli ati: «Ubwo uzoreka kuririra Sawuli ryari kandi ari jewe namwikuriye ku ngoma y’Israyeli? Niwuzuze ako gakunga, uheze uve hasi ugende, ndakurungitse kwa Yese w’i Betelehemu; mu bahungu biwe, ni ho natoye umwami.» Samuweli aramusiguza ati: «Nogenda nte? Erega, Sawuli niyavyumva, azonyica!» Umukama aramwishura ati: «Jana inka y’ishashi, ugende, uvuge uti: Nje gushikanira Umukama imbagwa. Uheze utumire Yese, nanje nzokwereka uko uzogenza; uzonsīgira uwo nzokurangira.»
Samuweli rero arakora ivyo Umukama yamubwiye. Ashitse i Betelehemu, abakuru b’igisagara baza kumusanganira, bahinda agashitsi. Baramubaza bati: «Mbega, ugenzwa n’amahoro? Na we ati: «Egome, gire amahoro: nazanywe n’ugushikanira Umukama imbagwa. Nimwityorore rero, muze kwifatanya nanje mu guhereza iyi mbagwa.» Samuweli aratyorora Yese n’abahungu biwe, araheza arabatumira kuri iyo mbagwa.
Babaye bagishika, Samuweli akubita ijisho Eliyabu, umwe mu bahungu ba Yese, aca yibwira ati: «Nta gukeka, uyo ni we Umukama yatoye.» Ariko, Umukama aca abwira Samuweli ati: «Ntushime igihagararo canke uburebure, uwo si we natoye. Ivyiyumviro vy’Imana ntibisa n’ivy’abantu: abantu baraba ibiboneka, na yo Imana ikaraba umutima.»
Hanyuma, Yese acisha imbere ya Samuweli Abinadabu Samuweli aravuga ati: «Uwo kandi si we Umukama yatoye.» Yese amucisha imbere Shama; naho nyene, Samuweli avuga ati: «Eka n’uwo si we Umukama yatoye.» Hanyuma, Yese acisha imbere ya Samuweli abahungu biwe indwi, ariko na we aza aramuhakanira ati: «Nta n’umwe Umukama yatoye muri abo.» Ni ko kubaza Yese ati: «Ubwo, abahungu ufise ni abo gusa?» Na we aramwishura ati: «Haracasigaye murumunawabo ari kuragira.» Samuweli amutumako Yese ati: «Rungika uwuja kumuzana, kuko tudakora ku munwa adashitse ngaha.» Yese rero arungika uwugenda kumuzana.
Uwo muhungu yari afise imishatsi y’inkugutu n’ijisho rikerebutse, eka yaraboneka ko abangutse. Umukama rero ati: «Ni uwo, musige amavuta.» Samuweli afata nya gakunga karimwo amavuta, aramusiga akikijwe na bakurube. Umutima w’Umukama uca umwururukirako kuva uwo musi.

IZABURI 88 (89) 20, 21-22, 27-28

Icit.: Imana n’ininahazwe,
         kubera umusavyi wayo Dawudi!

Kera waraserutse uravuga,
uraheza ubwira abakunzi bawe uti:
narambitse urugori rw’ubwami umuntu w’intwari,
naraninahaje umuhererezi w’intara yanje.

Narironkeye Dawudi, umusavyi wanje,
ndamusiga amavuta meranda;
iminwe yanje izomuhagarikira,
ukuboko kwanje kuzomukomeza.

Azonyita ati: Wewe uri Dawe,
Imana yanje, ukongera ukaba ikinja rinkiza!
Nanje nzoca ndamugira imfura yanje,
imfura irengeye kure abami bo kw’isi bose.»

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Nimwakirize yompi ijambo ry’Imana,
ntimuryakire nk’ijambo ry’abantu,
kuko ari Imana yo nyene ibayagira.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (2, 23-28)

Umusi umwe, hari kw’isabato, Yezu aca mu mirima y’ingano, abigishwa biwe na bo habita baraha udushishi twazo. Abafarizayo rero bamubarira bati: «Ehe raba! Ni kuki bakora ikizira ku musi w’isabato?»  Yezu na we abishura ati: «Ntimwigeze musoma ivyo Dawudi yakoze igihe yari yaburaniwe, ashonje, we n’abo bari kumwe? Yarinjiye mu ngoro y’Imana, hari mu gihe c’umuherezankuka mukuru Abiyatari, arya imikate y’imperezwa kandi abaherezankuka ari bo basa bashobora kuyirya, arongera ayigaburira abagenzi biwe.»  Hanyuma ati: «Isabato yagiriwe abantu, abantu si bo baremewe isabato. Ni co gituma Umwana w’umuntu aganza n’isabato nyene.»


Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :