IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Indwi ya 4 yo mu mwaka : ku wa kane (Années paires)

Indwi ya 4 yo mu mwaka : ku wa kane (Années paires)

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


IGISOMWA CA MBERE 

Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c’Abami (2,1-4.10-12)

Igihe co gutanga gishitse, Dawudi abarira umwana wiwe Salomo ati: «Ubu, ngira ngo mare urw’abagabo; weho rero, gumya umutima, genza rugabo. Uze uzigame amabwirizwa y’Umukama Imana yawe, ugendere mu nzira ziwe, urangure amategeko, amabwirizwa n’amateka yiwe, nk’uko vyanditswe mu mabwirizwa ya Musa, kugira ngo ivyo uzokora n’ivyo uzorondera vyose biguhimbare, maze Umukama arangure wa muhango yanyemereye ngo: Abana bawe nibaba bîtonda mu migenzo yabo bakagendera imbere yanje mu vy’ukuri, n’umutima wabo wose kandi n’umushaha wabo wose, ntaho uzobura mu bawe uwuzoja ku ngoma y’Abanyisrayeli.»
Ahejeje aratanga, ahamvya ba sekuruza, bamuhamba mu Gisagara ca Dawudi. Dawudi yabaye umwami w’Israyeli imyaka mirongo ine: imyaka indwi, yayimaze ku ngoma i Heburoni, amara imyaka mirongo itatu n’itatu i Yeruzalemu. Ni uko rero, Salomo arasubira ku ngoma ya se wiwe, ubwami bwiwe burahangama.

IZABURI 1° Chr 29, 10,11ab, 11d-12a, 12bcd

Icit.: Ndekurira, Mukama,
         icaha canje n’igicumuro nakoze!

Uragahezagirwa, Mukama,
Mana y’Israyeli, sokuru wacu,
mu myaka n’imyaka!

Ubukuru, n’ububasha n’inganji,
iteka n’ininahazwa, ni rwawe, Mukama;
ibiri mw’ijuru no kw’isi vyose, ni ivyawe.

Ubwami ni ubwawe, Mukama,
ni Wewe Rudasumbwa ugenza vyose;
ubutunzi n’ubuninahazwa biva kuri Wewe.

Ni Wewe uganza vyose;
mu maboko yawe, harimwo ububasha n’ubukomezi,
vyose birakura bigakomera kubera Wewe.

INKURU NZIZA

Aleluya, Aleluya.

Ijambo ry’Umukama ryamaho imyaka yose;
ni ryo jambo ry’inkuru nziza twabwiwe.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (6, 7-13)

Ahamagaye bamwe Cumi na babiri, Yezu aja mu vyo kubarungika babiri babiri, abaha n’ububasha ku mitima ihumanye. Kandi ababwiriza kutagira ikintu batwara ku nzira, atari inkoni nsa: nta mpamba, nta saho, nta dukuta mu mipfuko; yongera ati: «Nimwambare inkweto kandi ntimugire imitamana ibiri.» Arongera arababwira ati: «Inzu muzoramuka mwinjiyemwo, murayigumamwo murinde muva aho hantu. Ahantu bazobima indaro bakanka n’ukubumvira, murahava kandi mwikunkumure umukungugu waho, mubereke ko bizobasubirako.» Bagiye rero, barigisha ukwigaya, birukana amashetani menshi, basiga kandi amavuta abarwaye benshi kandi bakabakiza.


Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :