IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Idominika ya 6 yo mu mwaka B

Idominika ya 6 yo mu mwaka B

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca Bene Levi (13, 1-2. 45-46)

Ibwirizwa ryari ryerekeye abanyamibembe

Muri irya misi, Umukama yabariye Musa na Aroni ati: «Umuntu niyagira ku rukoba inkavyi, igitongangira canke ikibibi comenyesha indwara y’imibembe, nibamuzanire umuherezankuka Aroni canke umwe wo muri bene Aroni b’abaherezankuka. Umunyamibembe iyo arwaye iyo ndwara, n’agende yambaye impuzu zitabutse, asambaguye imishatsi yiwe, yipfutse ku munwa, agende arasemerera ati: “Ndahumanye! Ndahumanye!” Imisi yose akirwaye iyo ndwara, azoba ahumanye; mbere azoba ari uwahumanye, abe ukwiwe, aze abe hirya y’aho mugandagaje.»

IZABURI 31 (32) 1-2. 5. 11

Icit.: Ni Wewe mahungiro yanje,
         unsanganize impundu z’uko ndokotse.

Hahiriwe uwarekuriwe igicumuro,
uwakize akabi kiwe;
hahiriwe urya
Umukama ataco yagiriza.

Navuze nti: «Ngiye gutumbera Umukama,
nirege ibicumuro nakoze.»
Nawe, Mukama,
warandekuriye ikibi nakoze.

Nezerwa, himbarwa n’Umukama,
mwa bantu b’intungane;
mutambe, mutarike,
mwebwe mufise umutima ugororotse.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (10, 31 – 11, 1)

Nimunyigane nk’uko nanje nigana Kristu

Ncuti zanje,
Iyo murya canke iyo munywa canke iyo mukora ikindi ico ari co cose, nimukore vyose ngo muninahaze Imana. Ntihagire abo mutirimutsa, baba Abayuda, baba Abagereki, yaba Ekleziya y’Imana, nk’uko nanje ngerageza kunezereza bose muri vyose, ntarondera ikingirira akamaro jenyene, mugabo nkarondera ikigirira akamaro benshi, ngo babone gukira. Nimunyigane nk’uko nanje nigana Kristu.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Umuhanuzi mukuru yaserutse iwacu,
Imana yaramukije igihugu cayo.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (1, 40-45)

Imibembe iranyika, aca arakira

Umushaha wa Yezu

Umusi umwe, umunyamibembe yegereye Yezu aramutakambira, akubita ibipfukamiro hasi ati: «Mukama, ubishatse wonkiza.» Imbabazi zivyutse, Yezu araramvura ukuboko aramukorako ati: «Ndabishatse, kira.»  Buno nyene, imibembe iranyika, aca arakira. Yezu yamara aca amera nk’uwumuhambarira, aca aramusohora, amubarira ati: «Umenye ntugire uwo ubibwira, genda riho wiyereke umuherezankuka, kandi utange, kuko wakize, ivyo Musa yashinze. Ni co kizobereka ko wakize.» We rero yapfuye gusohoka, aca aja mu vyo kubivugira hejuru n’ugukwiza ivyabaye; kikaba ari co mbere kibuza Yezu kuba akigira igisagara yinjiramwo icese. Yaguma ahiherereye mu gahinga, kandi bakava irya n’ino bakamusangayo.


Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :