IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Idominika y’8 yo mu mwaka B

Idominika y’8 yo mu mwaka B

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ozeya (2, 16b. 17b. 21-22)

Nzokwiyegereza ube uwanje imyaka yose

Ng’iri iriyazwe n’Umukama: Umukunzi wanje yampemukiye, ngira ndamuhendahende, Ndamukwegakwegere ahiherereye, ndamubwire iriri ku mutima. Na we azonyitaba, nko mu gihe yari akiri muto, nk’umusi yaduga avuye mu gihugu ca Misiri. Nzokwihereza ube uwanje imyaka yose; uzombera umugenzi, nanje nkugabire ubutungane n’ingingo, nkwakirane urukundo rwuzuye igishika. Uzombera umugenzi, nanje nkubere intahemuka, uce umenya Umukama.

IZABURI 102 (103) 1-2, 3-4, 8.10, 12-13

Icit.: Umukama ni we Nyenimbabazi n’ikigongwe.

Himbaza se mushaha wanje Umukama,
maze n’amagara yanje yose aninahaze Izina ryiwe ryeranda;
himbaza se mushaha wanje Umukama,
maze ntihagire ico wibagira mu vyiza vyiwe.

Ni we akurekurira ibicumuro vyawe vyose,
ni we agukiza indwara zose;
ni we akugarurira ku cobo,
ni we atuma uhagatirwa n’urukundo n’igishika.

Uko ducumura, si ko aduhana,
uko tumutuka, si ko adusubiza;
Umukama ni we Nyenimbabazi n’ikigongwe,
ntakaza ishavu, yuzuye urukundo.

Nk’uko ubuseruko buri kure y’uburengero,
ni ko n’Umukama adushira kure y’akabi kacu;
nk’uko umuvyeyi akunda abana biwe,
ni ko Umukama akunda abamwubaha.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya kabiri Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (3, 1b-6 )

Muri ikete ryamuka kuri Kristu, ryandikishijwe na Mutima

Ncuti zanje,
Kugira ngo twemeze ubutumwa bwacu, ntidukeneye nka bamwebamwe kubahereza canke kubasaba ikete ribadushikiriza. Ikete ryacu ni mwebwe, mbere ryanditswe mu mishaha yacu, abantu bose bashobora kurimenya no kurisoma. Ego cane, si agaseseshwarumuri, iryo kete ryavuye kuri Kristu, na we araridushinga ; ntiryandikishijwe n’irangi, ryandikishijwe na Mutima w’Imana nzima; ntiryanditswe mu bisate vy’amabuye nk’amabwirizwa, ryanditswe mu mishaha y’abantu. Aho ni ho dukura umwishimiro dufise imbere y’Imana ku bwa Kristu: ntuva ku buhinga no ku bukerebutsi twoshobora kwiyitirira. Eka, ububasha bwacu tubukesha Imana; ni yo yabuduhaye itugira abakozi b’isezerano rishasha, ridashimikive ku vyanditswe ariko rishimikiye kuri Mutima; nka ko, ivyanditswe birîca, na we Mutima atanga ubuzima.

INKURU ΝZIΖA

Aleluya, Aleluya.

Kuko yabishatse Data yaratwibarukishije ijambo ry’ukuri.
Kugira ngo tube abambere mu biremwa vyiwe.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko  (2, 18-22)

Kristu ni we kanyamuneza nyakuri

Umushaha wa Yezu

Umusi umwe, abagendanyi ba Yohani Batista n’Abafarizayo, bari bisonzesheje. Baraza rero babarira Yezu bati: «Ni kuki abagendanyi ba Yohani n’Abafarizayo bisonzesha, na bo abawe ntibisonzeshe?» Yezu arabishura ati: «Mbega, abagenzi b’umugeni barashobora kwisonzesha bakiri kumwe n’umugeni? Umwanya bakiri kumwe n’umugeni ntibashobora kwisonzesha. Ariko hazoza imisi bazobaka umugeni; ico gihe rero bazokwisonzesha. Ntawuremuza ikiremo gishasha umushire w’impuzu; ahandi ho, ikiremo gishasha kirya ya mpuzu ishize, igatabuka ukuruta. Kandi ntawusuka igisama c’imvinyu mu mibindi ishaje; ahandi ho, igisama kirayisavya, imvinyu n’imibindi bagaheba. Imvinyu y’igisama ibuganizwa mu mibindi misha.»


Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :