IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Indwi y’7 yo mu mwaka : ku wa kane (Années paires)

Indwi y’7 yo mu mwaka : ku wa kane (Années paires)

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


IGISOMWA CA MBERE 

Ivyo dusoma mw’Ikete ry’Umutumwa Yakobo (5, 1-6)

Umve rero, mwa batunzi mwe: Nimwiririre, muboroge, kuko amagorwa abaraririye. Itunga ryanyu riraboze, n’ivyambarwa vyanyu vyariwe n’umuswa; inzahabu n’ifeza zanyu zaguye ingese. Iyo ngese ni yo izobagiriza, izomunga imibiri yanyu nk’umuriro. Mwarunze amahera, kandi tugeze mu misi y’imperuka! Abakozi barashwabuye imirima yanyu, ariko ntimwabahemvye; ingero yabo iriko irasemerera, amaborogo y’ababashwaburiye yarashikiriye amatwi y’Umukama Nyeningabo. Aha kw’isi, mwarishinze ibibahimbara n’ibibaryohera, murarya murahimba, abantu bariko baratikira. Mwaciriye urw’ugupfa umuntu w’intungane, mugirako muramwica; na we arabarendekera.

IZABURI 48 (49) 17-18, 19-20, 14-15ab, 15cd-16

Icit.: Hahiriwe abari n’umutima ushima ubworo,
         kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo.

Ntube uguhagarikwa umutima n’urya muntu atunze vyinshi,
maze iwe akaba rurangiranwa:
ku musi wa rwo nta co azotekera,
ivyo atunze vyose azobisiga hejuru.

Agihagaze, yarihaya,
kuko yagwijije amaronko;
azohamvya ba sekuru muri kwa kuzimu
kuzokwama gucura umwiza.

Ni bo b’abo: abagira ngo barafise,
ishengero ribumva agahogo, inyuma yabo rigakinja.
Yamara barunze mu kuzimu nk’ubusho bw’intama,
urupfu rukababera umwungere.

Nayo abandi bazindukire guhona,
icobo gicike urugo rwabo.
Jeho Imana izocungura umutima wanje,
iwukure mu vyara vy’ukuzimu, ngo inyakire.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Uwunkunda azozigama ijambo ryanje:
na Data azomukunda, duheze tuze iwe,
tumugire ingoro yacu.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (9, 41-50)

Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Umuntu wese azobaha igikombe c’amazi y’ukunywa, kuko muri aba Kristu, ni ukuri ndabibabariye, ntazobura impera. Na we uwuzotirimutsa n’umwe muri abo batobato banyemera, vyomubera vyo bamuboheye kw’izosi urusyo ruhindukizwa n’indogobwe, bakamuterera mu kiyaga. Ukuboko kwawe rero nikwakubera inyosha mbi, uraguca: vyokubera vyo winjiye mu buzima uri n’ukuboko kumwe, hako uja mu nyenga n’amaboko yompi, aho urunyo rwaho rudapfa n’umuriro ntuzime. Kibaye ikirenge cawe kikubera inyosha mbi, gice: vyokubera vyo winjiye mu buzima ucumbagira, hako utabwa mu nyenga n’ibirenge vyompi, aho urunyo rwaho rudapfa n’umuriro ntuzime. Naho ari ijisho ryawe rikubera inyosha mbi, rinogobore: vyokubera vyo winjiye mu Bwami bw’Imana n’ijisho rimwe, hako utabwa mu nyenga n’amaso yompi, aho urunyo rwaho rudapfa n’umuriro ntuzime.
Nkako rero, umuntu wese azorungwa n’umuriro. Umunyu ni ikintu ciza, ariko iyo watakaje agasosera mwokawusubiza mute? Nimuhorane umunyu muri mwebwe, mubane mu mahoro n’abandi.»


Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :