IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Indwi ya 6 yo mu mwaka : ku wa kane (Années paires)

Indwi ya 6 yo mu mwaka : ku wa kane (Années paires)

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


IGISOMWA CA MBERE 

Ivyo dusoma mw’Ikete ry’Umutumwa Yakobo (2, 1-9)

Ncuti zanje,
Mu kwemera Umukama wacu Yezu Kristu nyenubuninahazwa, ntimuvange agatima ka nkunzi. Mw’ikoraniro ryanyu, niryinjiramwo umuntu yambaye impeta n’inzahabu n’impuzu zisayangana, hakinjiramwo n’umworo acoceye, kumbure muzokwitegereza uwambaye ibisayangana mumubwire muti: «Wewe vyagira ngaha kuri iyi nyegamo», uno mworo na we mumubarire muti: «Nawe guma uhagaze harya» , canke muti: «Icara hasi hambavu y’ibirenge vyanje.» Mugize gutyo, ntimwoba musobanyue bamwe mu bandi, ntimwoba mubaye abacamanza bakurikiza ingingo zibangamye?
Tege amatwi  benewacu nkunda: none aboro mu vy’isi si bo Imana yitoreye kuba abahanuzi mu kwemera, si bo yagize ba samuragwa bazotorana Ubwami yemereye abayikunda? Ariko mweho, mukengera umworo! None abatunzi si bo batwaza umukazo, bakaba ari bo babakwega imbere y’abacamanza? None se, si bo batuka rya zina ryiza mwitirirwa? None rero, nimwaba murangura rya bwirizwa ry’i bwami, nk’uko ryanditswe ngo: «Uzokunda mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene», muba mukoze neza. Ariko , nimwaba musobanura bamwe mu bandi, murahinyuzwa n’iryo bwirizwa, ko mubaye abanyabicumuro.

IZABURI 33 (34) 2-3, 4-5, 6-7

Icit.: Umurushwa yatabaje Imana,
         iramwumvira.

Nzoninahaza Umukama na ntaryo,
nzomuhaya ntahengeshanya.
Nanje nyene nzoninahazwa n’Umukama,
abantu batobato nibumve bahimbarwe.

Mushire hamwe dushemeze Umukama,
duhwanire guhaya izina ryiwe!
Nirukira Umukama akantabara,
akamara ubwoba bwose mfise.

Bane uweza amaso Umukama arahimbarwa,
ntazokwigera ateterwa.
Hari umurushwa yatabaje Imana,
iramwumvira imukiza amaganya yose.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Amajambo yawe, Mukama, aduha umutima n’ubuzima,
kuko ari wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (8, 27-33)

Yezu n’abigishwa biwe bagenda mu bigwati vy’i Sezareya ya Filipo. Mu nzira, arabaza abigishwa biwe ati: «Abantu bagira ngo ndi nde?» Baramwishura bati: «Bamwe ngo uri Yohani Batista, abandi Eliya,  abandi na bo ngo uri umwe wo mu bahanuzi.» Yezu arababaza na bo ati: «Mweho ku bwanyu ndi nde?» Petero aba ari we avuga yishura ati: «Uri Kristu.» Araheza arabihanikiriza ashimitse ngo ntihagire uwo babibwira.
Hanyuma, Yezu atangura kubigisha ko Umwana w’umuntu abwirizwa kubabara menshi, agacibwa n’abakurambere, abaherezankuka bakuru n’abanditsi, akicwa, hanyuma akazuka haheze imisi itatu. Kandi ivyo yabivuga ata gukekeranya. Petero amwihereranije, aja mu vyo kumutonganya. Yezu rero arahindukira, araba abigishwa biwe, araheza atukagura Petero ati: «Mva iruhande, wa shetani we! Ivyiyumviro vyawe si ivy’Imana, ni ivy’abantu.»


Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :