IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mw’ Ikete rya kabiri Umutumwa Pawulo yandikiye Timote (2, 8-15)
Ibuka Yezu Kristu yamuka ku muryango wa Dawudi. Yarazutse mu bapfuye nk’uko Inkuru nziza nahawe ibivuga. Ni we mporwa mu magorwa bandemetse gushika bambohe nk’ikozi y’ikibi. Ariko, Ijambo ry’Imana ntawoshobora kuriboha. Ni co gituma vyose ndiko ndabirinda ku bw’abatowe, kugira ngo na bo bashikire ubukiriro muri Kristu Yezu hamwe n’ubuninahazwa bwamaho.
Iri jambo ni iry’ukwemera: «Nitwaba twarapfanye na we, tuzorambana na we, kandi nitwaba twararinze amagorwa hamwe, tuzosangira n’ubwami, nitwaba twaramwihakanye, na we nyene azotwihakana, nitwaba twaramuhemukiye, we aguma ari intahemuka, kuko adashobora kwihakana we nyene.»
Ivyo vyose, niwame ubibibutsa mu kubihanikiriza mu nyonga z’Imana ngo bahunge amatati mu mvugo, ata co amara atari ugutakaza abavyumva. Shishikara kwigenza mu maso y’Imana nk’umuntu w’inararibonye, nk’umukozi atagira ikimutetereza, nk’umwigisha w’ijambo ry’ukuri atigera aryungura.
IZABURI 24 (25) 4-5b, 8-9, 10.14
Icit.: Nyigisha Mukama,
inzira ija iwawe.
Ntabara, Mukama, undangire inzira y’iwawe,
uranyigisha inzira yawe.
Urantumbereza ukuri, uranyigisha,
ni Wewe Mana izonkiza.
Ese ubutungane n’urukundo vy’Umukama!
yama agarura abazimiye.
Abatobato abatumbereza ubutungane,
abicisha bugufi abigisha inzira yiwe.
Inzira z’Umukama zuzuye urukundo n’ukuri
ku bazigama isezerano ryiwe n’amabwirizwa yiwe.
Umukama aremera abamwubaha.
akongera akabahishuka isezerano ryiwe.
NKURU NZIZA
Aleluya, Aleluya.
«Uwunkunda azozigama ijambo ryanje;
na Data azomukunda, duheze tuze iwe,
tumugire ingoro yacu.»
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (12, 28b-34)
Umwanditsi araza abaza Yezu ati: «Ibwirizwa rya mbere mu mabwirizwa yose ni irihe?» Yezu aramwishura ati: «Ni iri: Tega amatwi, Israyeli: Umukama Imana yawe ni we musa Mukama; urakunda rero Umukama Imana yawe n’umushaha wawe wose, n’umutima wawe wose, n’ubwenge bwawe bwose, n’amagara yawe yose. Irya kabiri ni iri: Urakunda mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene. Nta rindi bwirizwa risumba ayo.»
Wa mwanditsi amubwira ati: «Ni ko Mukama, uvuze ukuri kwamye, yuko Imana ari imwe nsa kandi ko ata yindi iriho atari Yo nyene; kuyikunda n’umushaha wose, n’ubwenge bwose, n’amagara yose, kandi gukunda umugenzi nk’uko twikunda, birengeye na kure imbagwa zose n’imperezwa zose.»
Yezu ngo yumve yishuranye uburyo, amubwira ati: «Nturi kure y’Ubwami bw’Imana.» Nta wabaye acubahuka kugira ico amubaza.