IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Ijambo ry’Imana, indwi y’9 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa kane, années paires

Ijambo ry’Imana, indwi y’9 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa kane, années paires

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Les visiteurs de ce blog seront satisfaits d’avoir trouvé  plusieurs articles qui les  aident à améliorer leurs connaissances en matière de vie spirituelle. Aussi, nous ne doutons pas qu’ils aient, eux aussi, des connaissances à partager avec nous . Qui trouvera une ou quelques erreurs est prié de nous le signaler pour nous édifier mutuellement.  Nous vous prions de faire beaucoup de commentaires à nos articles, nous en avons tellement besoin.

Bienvenue!


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mw’ Ikete rya kabiri Umutumwa Pawulo yandikiye Timote (2, 8-15)

Ibuka Yezu Kristu yamuka ku muryango wa Dawudi. Yarazutse mu bapfuye nk’uko Inkuru nziza nahawe ibivuga. Ni we mporwa mu magorwa bandemetse gushika bambohe nk’ikozi y’ikibi. Ariko, Ijambo ry’Imana ntawoshobora kuriboha. Ni co gituma vyose ndiko ndabirinda ku bw’abatowe, kugira ngo na bo bashikire ubukiriro muri Kristu Yezu hamwe n’ubuninahazwa bwamaho.
Iri jambo ni iry’ukwemera: «Nitwaba twarapfanye na we, tuzorambana na we, kandi nitwaba twararinze amagorwa hamwe, tuzosangira n’ubwami, nitwaba twaramwihakanye, na we nyene azotwihakana, nitwaba twaramuhemukiye, we aguma ari intahemuka, kuko adashobora kwihakana we nyene.»
Ivyo vyose, niwame ubibibutsa mu kubihanikiriza mu nyonga z’Imana ngo bahunge amatati mu mvugo, ata co amara atari ugutakaza abavyumva. Shishikara kwigenza mu maso y’Imana nk’umuntu w’inararibonye, nk’umukozi atagira ikimutetereza, nk’umwigisha w’ijambo ry’ukuri atigera aryungura.

IZABURI 24 (25) 4-5b, 8-9, 10.14

Icit.: Nyigisha Mukama,
         inzira ija iwawe.

Ntabara, Mukama, undangire inzira y’iwawe,
uranyigisha inzira yawe.
Urantumbereza ukuri, uranyigisha,
ni Wewe Mana izonkiza.

Ese ubutungane n’urukundo vy’Umukama!
yama agarura abazimiye.
Abatobato abatumbereza ubutungane,
abicisha bugufi abigisha inzira yiwe.

Inzira z’Umukama zuzuye urukundo n’ukuri
ku bazigama isezerano ryiwe n’amabwirizwa yiwe.
Umukama aremera abamwubaha.
akongera akabahishuka isezerano ryiwe.

NKURU NZIZA

Aleluya, Aleluya.

«Uwunkunda azozigama ijambo ryanje;
na Data azomukunda, duheze tuze iwe,
tumugire ingoro yacu.»

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (12, 28b-34)

Umwanditsi araza abaza Yezu ati: «Ibwirizwa rya mbere mu mabwirizwa yose ni irihe?» Yezu aramwishura ati: «Ni iri: Tega amatwi, Israyeli: Umukama Imana yawe ni we musa Mukama; urakunda rero Umukama Imana yawe n’umushaha wawe wose, n’umutima wawe wose, n’ubwenge bwawe bwose, n’amagara yawe yose. Irya kabiri ni iri: Urakunda mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene. Nta rindi bwirizwa risumba ayo.»
Wa mwanditsi amubwira ati: «Ni ko Mukama, uvuze ukuri kwamye, yuko Imana ari imwe nsa kandi ko ata yindi iriho atari Yo nyene; kuyikunda n’umushaha wose, n’ubwenge bwose, n’amagara yose, kandi gukunda umugenzi nk’uko twikunda, birengeye na kure imbagwa zose n’imperezwa zose.»
Yezu ngo yumve yishuranye uburyo, amubwira ati: «Nturi kure y’Ubwami bw’Imana.» Nta wabaye acubahuka kugira ico amubaza.


Laisser un commentaire

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.