IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Indwi ya 12 yo mu mwaka : ku wa gatanu (Années paires)

Indwi ya 12 yo mu mwaka : ku wa gatanu (Années paires)

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri c’Abami (25, 1-12)

Mu mwaka ugira icenda kuva aho Sedesiyasi yimikiwe, mu kwezi kw’icumi, kw’igenekerezo ry’icumi nyene, Nabukodonozori umwami w’i Babiloni araza gutera igisagara ca Yeruzalemu, ari kumwe n’inteko z’ingabo ziwe zose, bashinga insago zabo imbere y’igisagara kandi baragikikuza n’imigazo. Ni uko rero, baguma basagiriza igisagara gushika ku mwaka ugira cumi na rimwe kuva aho Sedesiyasi yimikiwe. Kw’igenekerezo ry’icenda ry’ukwezi kwa kane, mu gihe inzara yahûma mu gisagara, abantu na bo bakabura ico batamira, baciye basatura uruzitiro rw’igisagara. Ngo ahengere mw’ijoro, umwami arahunga ari kumwe n’ingabo ziwe zose, mu guca kuri ca kirimba kiri hagati y’impome zibiri hafi y’indimiro y’umwami, igihe Abakasidimu na bo bari bakikuje igisagara, na we umwami afata inzira ija i Araba.
Ingabo z’Abakasidimu zikurikirana umwami, zimufatira mu kiyaya c’i Yeriko, ingabo ziwe zose na zo zica zirashwiragira kure yiwe. Barafata umwami rero, bamuzana i Ribela, ku mwami w’i Babiloni, na we aca amucira urubanza. Baraheza bamwicira abahungu biwe abona, bamumena amaso, bamwambika umunyororo bamujana i Babiloni.
Kw’igenekerezo ry’indwi ry’ukwezi kwa gatatu na ho, – hari mu mwaka ugira icumi n’icenda kuva aho umwami Nabukodonozori yimikiwe, – Nebuzaradani ari we yagaba abarinzi akaba intwazangabo y’umwami w’i Babiloni, arinjira icese i Yeruzalemu. Araheza aturira ingoro y’Umukama, ingoro y’umwami n’amazu yose y’i Yeruzalemu. Ingabo zose z’Abakasidimu bari kumwe zirasenyura inzitiro zose zikikuje Yeruzalemu. Nebuzaradani, umukuru w’abarinzi, araheza ajanako imbohe abari basigaye mu gisagara, abari batsinzwe bagaca bishikana ku mwami w’i Babiloni n’abandi basigaye bose. Ariko, asiga ba nyarucari ngo batunge imizabibu kandi ngo barime mu murima.

IZABURI 136 (137) 1-2, 3, 4, 5, 6

Icit.: Ninaramuka ntakwibutse,
         ururimi rwanje ruragaca ruhoma ku magāge.

Iruhande y’inzuzi za Babiloni twari twicaye,
turira mu kwibuka Yeruzalemu;
inanga zacu twari twazimanitse
ku biti bitonze kuri izo nzuzi.

Abansi bari baducungiye hano batwinginga
ngo tubaririmbire uturirimbo turora ku Mana;
abatungenza nabi badusaba kunezerwa,
bati: «Duterere utuvyino turora kuri Siyoni.»

Mwumva twari gutera utuvyino tw’Umukama,
turi kw’isi itari rwacu?
Ninaramuka ndakwibagiye, Yeruzalemu,
ukuboko kwanje kw’iburyo kuragaca kwuma buhehe!

Ninaramuka ntakwibutse,
kandi ineza ngufitiye ntirute izindi,
ururimi rwanje ruragaca ruhoma ku magāge!

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Umutima wanje uriteze Umukama,
ijambo ryawe ni ryo nizeye.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo  (8, 1-4)

Aho Yezu yava kuri nya mutumba amanuka, ishengero akabi rica riramukurikira. Haza rero umuntu arwaye imibembe, akubita ibipfukamiro imbere yiwe, amubwira ati: «Mukama, ubishatse woshobora kunkiza.»  Yezu na we aramvura ukuboko aramukorako, ati: «Ndabishatse, kira.» Buno nyene, nya mibembe ica irakira.
Araheza amubwira ati: «Ntihagire uwo ubibwira, mugabo genda wiyereke umuherezankuka, umushire imperezwa Musa yabwirije, bamenye ko wakize.»


Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :